Abatesalonika ba mbere 5:1-28

  • Ukuza kw’umusi wa Yehova (1-5)

    • «Amahoro n’umutekano!» (3)

  • Mugume murikanuye, muzigame ubwenge bwanyu (6-11)

  • Impanuro (12-24)

  • Amajambo yo gusozera (25-28)

5  Nayo ku vyerekeye ibihe n’ibiringo bavukanyi, nta co mukeneye kwandikirwa.  Kuko mwebwe ubwanyu muzi neza yuko umusi wa Yehova*+ uzoza neza na neza nk’igisuma mw’ijoro+.  Igihe bazoba bavuga ngo: «Amahoro n’umutekano!», ni ho agatikizo kazoza bukwi na bukwi+, kabazeko ako kanya nyene nka kurya umugore yibungenze afatwa n’ibise, kandi ntibazogenda barusimvye.  Mugabo mwebwe bavukanyi, ntimuri mu mwiza ngo uwo musi uze ubahwikire nk’uko umuco w’umurango wohwikira ibisuma,  kuko mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango+. Ntituri ab’ijoro canke ab’umwiza+.  Nuko rero ntidusinzire nk’uko abandi bagira+, ahubwo tugume turikanuye+ kandi tuzigame ubwenge bwacu+.  Kuko abasinzira basinzira mw’ijoro, n’ababorerwa bakaborerwa mw’ijoro+.  Nayo twebwe ab’umurango, tuzigame ubwenge bwacu kandi twambare ukwizera n’urukundo nk’igikingira igikiriza, twambare n’icizigiro c’ubukiriro nk’inkofero+.  Kuko Imana itadutoye ngo dushikirwe n’uburake, ahubwo yadutoye ngo turonke ubukiriro+ biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu. 10  Yezu yaradupfiriye+ kugira ngo twaba turi maso canke dusinziriye*, tubeho turi kumwe na we+. 11  Mugume rero muremeshanya* mwongera mwubaka bagenzi banyu+, nk’uko musanzwe mubigira. 12  Turabasaba rero bavukanyi, ngo mutere iteka abakora cane muri mwebwe kandi babahagarikira mu gikorwa c’Umukama bakongera bakabakebura. 13  Mububahe bimwe bidasanzwe mubigiranye urukundo kubera igikorwa bakora+. Mubane amahoro na bagenzi banyu+. 14  Vyongeye bavukanyi, turabahimiriza ngo mukebure* abigenza mu buryo butabereye*+, muyagishe abacitse intege* n’ijwi ryirura, mufate mu mugongo abagoyagoya, mwihanganire bose+. 15  Murabe ntihagire uwishura ikibi ku kindi+, ahubwo mwame murondera gukorera iciza bagenzi banyu n’abandi bose+. 16  Mwame munezerwa+. 17  Musenge igihe cose+. 18  Mukenguruke muri vyose+. Ivyo ni vyo Imana igomba ko mukora mwebwe mwunze ubumwe na Kristu Yezu. 19  Ntimuzimye umuriro w’impwemu+. 20  Ntimukengere ubuhanuzi+. 21  Musuzume ibintu vyose+, mwumire ku vyiza. 22  Mwirinde ubwoko bwose bw’ububisha+. 23  Ese ya Mana y’amahoro, yo ubwayo yobeza rwose. Bavukanyi, impwemu yanyu, ubuzima bwanyu n’umubiri wanyu, nibizigamwe bizosangwe bitagira akanenge mu kintu na kimwe kandi bitagira umugayo mu gihe c’ukugaruka* kw’Umukama wacu Yezu Kristu+. 24  Ya Mana ibahamagara ni iyo kwizigirwa, kandi izobikora vy’ukuri. 25  Bavukanyi, mubandanye kudusengera+. 26  Muramutse abavukanyi bose mu kugumbirana n’igishika*. 27  Ndabasavye nshimitse mw’izina ry’Umukama ko iri kete risomerwa abavukanyi bose+. 28  Ubuntu buhebuje* bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe.

Utujambo tw'epfo

Canke «dusinziriye mu rupfu.»
Canke «muhozanya.»
Canke «abadendebukiwe.» Mu kigiriki havuga ngo «abafise umutima mutoyi.»
Canke «abatagendera ku rutonde.»
Canke «muburire.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Mu kigiriki havuga ngo «muramukanishe ugusomana kweranda abavukanyi bose.»