Ngoma za mbere 1:1-54

  • Kuva kuri Adamu gushika kuri Aburahamu (1-27)

  • Abakomoka kuri Aburahamu (28-37)

  • Abanyedomu, abami babo n’abatware babo (38-54)

1  Adamu,Seti+,Enoshi,  Kenani,Mahalaleli+,Yaredi+,  Henoki+,Metusela,Lameki+,  Nowa+,Shemu+, Hamu na Yafeti+.  Abahungu ba Yafeti bari Gomeri, Magogi, Madayi, Yavani, Tubali+, Mesheki+ na Tirasi+.  Abahungu ba Gomeri bari Ashikenazi, Rifati na Togaruma+.  Abahungu ba Yavani bari Elisha, Tarushishi, Kitimu na Rodanimu.  Abahungu ba Hamu bari Kushi+, Misirayimu, Puti na Kanani+.  Abahungu ba Kushi bari Seba+, Havila, Sabuta, Rama+ na Sabuteka. Abahungu ba Rama na bo bari Sheba na Dedani+. 10  Kushi kandi ni we yavyaye Nimurodi+. Nimurodi ni we yatanguye kuba umurwanyi akomeye cane kw’isi. 11  Misirayimu yavyaye Ludimu+, Anamimu, Lehabimu, Nafituhimu+, 12  Patirusimu+, Kasiluhimu (ari we Abafilisitiya+ bakomotseko) na Kafutorimu*+. 13  Kanani yavyaye imfura yiwe Sidoni+, akurikizako Heti+. 14  Abandi bamukomotseko ni Abayebusi+, Abamori+, Abagirugashi+, 15  Abahiwi+, Abaruki, Abasini, 16  Abaruvadi+, Abasemari n’Abahamati. 17  Abahungu ba Shemu bari Elamu+, Ashuru+, Arupakisadi, Ludi na Aramu,na* Uzi, Huli, Geteri na Mashi+. 18  Arupakisadi yavyaye Shela+, Shela na we avyara Eberi. 19  Eberi yavyaye abahungu babiri. Umwe yitwa Pelegi*+, kuko mu gihe ciwe ari ho abantu bakwiragiye kw’isi*. Mwenewabo yitwa Yokitani. 20  Yokitani yavyaye Alumodadi, Shelefu, Hasarumaweti, Yerahi+, 21  Hadoramu, Uzalu, Dikila, 22  Obali, Abimayeli, Sheba, 23  Ofiri+, Havila+ na Yobabu. Abo bose bari abahungu ba Yokitani. 24  Abakomoka kuri Shemu bari:Arupakisadi,Shela, 25  Eberi,Pelegi+,Reyu+, 26  Serugi+,Nahori+,Tera+, 27  na Aburamu, ari we Aburahamu+. 28  Abahungu ba Aburahamu bari Izahaki+ na Ishimayeli+. 29  Ababakomotseko ni aba: imfura ya Ishimayeli yari Nebayoti+, hagakurikira Kedari+, Adibeli, Mibusamu+, 30  Mishima, Duma, Masa, Hadadi, Tema, 31  Yeturi, Nafishi na Kedema. Abo ni bo bari abahungu ba Ishimayeli. 32  Abahungu bavyawe na Ketura+ incoreke ya Aburahamu, bari Zimurani, Yokishani, Medani, Midiyani+, Ishibaki na Shuwa+. Abahungu ba Yokishani bari Sheba na Dedani+. 33  Midiyani yavyaye Efa+, Eferi, Hanoki, Abida na Eludaya. Abo bose bakomotse kuri Ketura. 34  Aburahamu yavyaye Izahaki+. Abahungu ba Izahaki bari Esawu+ na Isirayeli+. 35  Abahungu ba Esawu bari Elifazi, Ruweli, Yushi, Yalamu na Kora+. 36  Abahungu ba Elifazi bari Temani+, Omari, Zefo, Gatamu, Kenazi, Timuna na Amaleki+. 37  Abahungu ba Ruweli bari Nahati, Zera, Shama na Miza+. 38  Abahungu ba Seyiri+ bari Lotani, Shobali, Zibeyoni, Ana, Dishoni, Ezeri na Dishani+. 39  Abahungu ba Lotani bari Hori na Homamu. Mushiki wa Lotani yari Timuna+. 40  Abahungu ba Shobali bari Aluvani, Manahati, Ebali, Shefo na Onamu. Abahungu ba Zibeyoni bari Aya na Ana+. 41  Umuhungu* wa Ana yari Dishoni. Abahungu ba Dishoni na bo bari Hemudani, Eshibani, Itirani na Kerani+. 42  Abahungu ba Ezeri+ bari Biluhani, Zavani na Akani. Abahungu ba Dishani bari Uzi na Arani+. 43  Aba ni bo bami batwaye igihugu ca Edomu+ imbere y’uko Abisirayeli baronka umwami+: Bela umuhungu wa Beyori. Igisagara ciwe citwa Dinihaba. 44  Bela amaze gupfa, Yobabu umuhungu wa Zera w’i Bozira+ yaciye atwara mu kibanza ciwe. 45  Yobabu amaze gupfa, Hushamu wo mu gihugu c’Abatemani yaciye atwara mu kibanza ciwe. 46  Hushamu amaze gupfa, Hadadi umuhungu wa Bedadi, uwatsindiye Abamidiyani mu karere ka Mowabu, yaciye atwara mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Aviti. 47  Hadadi amaze gupfa, Samula w’i Masireka yaciye atwara mu kibanza ciwe. 48  Samula amaze gupfa, Shawuli w’i Rehoboti iruhande y’uruzi yaciye atwara mu kibanza ciwe. 49  Shawuli amaze gupfa, Bayali-Hanani umuhungu wa Akibori yaciye atwara mu kibanza ciwe. 50  Bayali-Hanani amaze gupfa, Hadadi yaciye atwara mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe na we akitwa Mehetabeli. Mehetabeli yari umukobwa wa Matiredi, Matiredi na we akaba umukobwa wa Mezahabu. 51  Hadadi na we arapfa. Abatware* ba Edomu bari aba: umutware Timuna, umutware Aluva, umutware Yeteti+, 52  umutware Oholibama, umutware Ela, umutware Pinoni, 53  umutware Kenazi, umutware Temani, umutware Mibuzari, 54  umutware Magidiyeli n’umutware Iramu. Abo ni bo bari abatware ba Edomu.

Utujambo tw'epfo

Ayo mazina arashobora kandi kwerekeza ku bakomotse kuri abo bantu.
Aba bakurikira ni abahungu ba Aramu. Raba It 10:23.
Mu giheburayo havuga ngo «ari ho isi yagabagurwa.»
Iryo zina risobanura ngo «kwigabura.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abashehe.» Umushehe yari umukuru w’umuryango.