Ngoma za mbere 10:1-14
-
Urupfu rwa Sawuli n’abahungu biwe (1-14)
10 Abafilisitiya barwana n’Abisirayeli. Abasoda ba Isirayeli bahunga Abafilisitiya kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa+.
2 Abafilisitiya baguma basatira Sawuli n’abahungu biwe gushika aho bica abo bahungu ba Sawuli, ari bo Yonatani, Abinadabu na Malikishuwa+.
3 Urugamba rurakomera, Abafilisitiya basugereza cane Sawuli. Abarasisha umuheto baramubona, baramurasa arakomereka+.
4 Sawuli aca abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: «Sokora inkota yawe uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe* ntibaze ngo banyice rubi*+.» Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota, ayitako+.
5 Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sawuli apfuye, na we nyene aca afata inkota yiwe ayitako, arapfa.
6 Gutyo Sawuli, abahungu biwe batatu n’abo mu rugo rwiwe bose bari kumwe na we, bapfira hamwe+.
7 Abisirayeli bose bo mu kiyaya babonye yuko ingabo zose zahunze be n’uko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga. Abafilisitiya baraza babibamwo.
8 Bukeye, Abafilisitiya baza gusahura ibintu vy’abo bishe, maze bubuka ku biziga vya Sawuli n’abahungu biwe ku musozi Gilibowa+.
9 Sawuli bamwambura ivyo afise, bamuca umutwe, batwara n’ibirwanisho vyiwe. Baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya kugira babimenyeshe ibigirwamana vyabo+ n’abantu.
10 Bashira ibirwanisho vyiwe mu rusengero* rw’imana yabo, agahanga kiwe na ko bakamanika ku rusengero rwa Dagoni+.
11 Ababa i Yabeshi+ mu karere ka Gileyadi bose bumvise ivyo Abafilisitiya bagiriye Sawuli vyose+,
12 abarwanyi bose baca barahaguruka baja gutora ikiziga ca Sawuli n’ibiziga vy’abahungu biwe babijana i Yabeshi. Bahamba amagufa yabo munsi y’igiti kinini kiri i Yabeshi+, baraheza bamara imisi indwi bisonzesheje.
13 Ukwo ni ko Sawuli yapfuye kubera ko yahemukiye Yehova, ntiyagamburuka ivyo Yehova yari yamubwiye+. Yapfuye kandi kubera ko yasiguje uwukora ivyo guhanuza abapfuye*+
14 aho gusiguza Yehova. Ni co gituma yamwishe maze ubwami abuha Dawidi mwene Yese+.
Utujambo tw'epfo
^ Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
^ Canke «urw’agashinyaguro.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).