Ngoma za mbere 10:1-14

  • Urupfu rwa Sawuli n’abahungu biwe (1-14)

10  Abafilisitiya barwana n’Abisirayeli. Abasoda ba Isirayeli bahunga Abafilisitiya kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa+.  Abafilisitiya baguma basatira Sawuli n’abahungu biwe gushika aho bica abo bahungu ba Sawuli, ari bo Yonatani, Abinadabu na Malikishuwa+.  Urugamba rurakomera, Abafilisitiya basugereza cane Sawuli. Abarasisha umuheto baramubona, baramurasa arakomereka+.  Sawuli aca abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: «Sokora inkota yawe uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe* ntibaze ngo banyice rubi*+.» Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota, ayitako+.  Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sawuli apfuye, na we nyene aca afata inkota yiwe ayitako, arapfa.  Gutyo Sawuli, abahungu biwe batatu n’abo mu rugo rwiwe bose bari kumwe na we, bapfira hamwe+.  Abisirayeli bose bo mu kiyaya babonye yuko ingabo zose zahunze be n’uko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga. Abafilisitiya baraza babibamwo.  Bukeye, Abafilisitiya baza gusahura ibintu vy’abo bishe, maze bubuka ku biziga vya Sawuli n’abahungu biwe ku musozi Gilibowa+.  Sawuli bamwambura ivyo afise, bamuca umutwe, batwara n’ibirwanisho vyiwe. Baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya kugira babimenyeshe ibigirwamana vyabo+ n’abantu. 10  Bashira ibirwanisho vyiwe mu rusengero* rw’imana yabo, agahanga kiwe na ko bakamanika ku rusengero rwa Dagoni+. 11  Ababa i Yabeshi+ mu karere ka Gileyadi bose bumvise ivyo Abafilisitiya bagiriye Sawuli vyose+, 12  abarwanyi bose baca barahaguruka baja gutora ikiziga ca Sawuli n’ibiziga vy’abahungu biwe babijana i Yabeshi. Bahamba amagufa yabo munsi y’igiti kinini kiri i Yabeshi+, baraheza bamara imisi indwi bisonzesheje. 13  Ukwo ni ko Sawuli yapfuye kubera ko yahemukiye Yehova, ntiyagamburuka ivyo Yehova yari yamubwiye+. Yapfuye kandi kubera ko yasiguje uwukora ivyo guhanuza abapfuye*+ 14  aho gusiguza Yehova. Ni co gituma yamwishe maze ubwami abuha Dawidi mwene Yese+.

Utujambo tw'epfo

Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Canke «urw’agashinyaguro.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»
Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).