Ngoma za mbere 12:1-40

  • Abashigikiye ubutegetsi bwa Dawidi (1-40)

12  Aba ni bo baje aho Dawidi ari i Sikulagi+, ico gihe akaba atashobora kuja iyo ashaka kubera Sawuli+ mwene Kishi. Bari mu barwanyi b’intwari bafashije Dawidi mu ntambara+.  Barwanisha imiheto kandi bari bazi gukoresha ukuryo n’ukubamfu+ mu gutera amabuye bakoresheje umugozi+ canke mu kurasa imyampi bakoresheje umuheto. Bari benewabo* na Sawuli bo mu muryango wa Benyamini+.  Umukuru yari Ahiyezeri ari kumwe na Yowasi, bompi bakaba bari bene Shemaya w’i Gibeya+. Hari kandi Yeziyeli na Pelete bene Azimaveti+, Beraka, Yehu w’i Anatoti,  na Ishimaya w’i Gibeyoni+, umurwanyi w’intwari. Yari muri bamwe mirongo itatu+ akaba n’umukuru muri bo. Hari na Yeremiya, Yahaziyeli, Yohanani, Yozabadi w’i Gedera,  Eluzayi, Yerimoti, Beyaliya, Shemariya, Shefatiya Umuharifu,  Elikana, Ishiya, Azareli, Yowezeri na Yashobeyamu bakomoka kuri Kora+,  Yowela na Zebadiya bene Yerohamu w’i Gedori.  Mu Bagadi hari abagiye ku ruhande rwa Dawidi, bamusanga ahantu hatagira inkomanzi yakunda guhungira mu bugaragwa+. Bari abarwanyi b’intwari, abasoda bize kurwana kandi bazi gukoresha inkinzo zagutse n’amacumu. Mu maso basa n’intambwe, bakanyaruka nk’ingeregere ku misozi.  Umukuru yari Ezeri, uwa kabiri Obadiya, uwa gatatu Eliyabu, 10  uwa kane Mishumana, uwa gatanu Yeremiya, 11  uwa gatandatu Atayi, uw’indwi Eliyeli, 12  uw’umunani Yohanani, uw’icenda Elizabadi, 13  uw’icumi Yeremiya, uwa cumi na rimwe Makibanayi. 14  Abo bari abakuru b’ingabo bakomoka mu Bagadi+. Uwo hanyuma y’abandi muri bo yanesha abasoda 100, uwuhambaye kuruta abandi akanesha 1.000+. 15  Abo ni bo bajabutse uruzi Yorodani mu kwezi kwa mbere igihe rwari rwarenze inkombe, maze bomora ababa mu biyaya bose, mu buseruko no mu burengero. 16  Hari n’abo mu muryango wa Benyamini n’uwa Yuda baje iyo Dawidi ari, bamusanga ahantu hatagira inkomanzi yakunda guhungira+. 17  Maze Dawidi aja kubonana na bo ababwira ati: «Nimba muzanywe n’amahoro kugira mumfashe, turahuza*. Mugabo nimba muzanywe no kunshora ku bansi banje kandi ata kibi nakoze, Imana ya ba sogokuruza nibirabe, iheze ice urubanza+ 18  Nuko impwemu y’Imana iza kuri* Amasayi+ umukuru wa bamwe mirongo itatu, avuga ati: «Ewe Dawidi, turi abawe. Turi kumwe nawe mwene Yese+. Gira amahoro, gira amahoro, n’abagufasha bagire amahoro,kuko Imana yawe igufasha+ Nuko Dawidi arabakira maze abashira mu bakuru b’ingabo. 19  No mu muryango wa Manase, hari ingabo zatorotse Sawuli zija kwifatanya na Dawidi igihe yazanana n’Abafilisitiya baje gutera Sawuli. Mugabo Dawidi ntiyabaye agifasha Abafilisitiya+ kuko abatware babo bamaze kuvugana baciye bamusubiza inyuma, bavuga bati: «Yohava aduta agasubira ku mwami wiwe Sawuli, tukahasiga agatwe+ 20  Aba ni bo bavuye mu muryango wa Manase, bakaja iyo ari i Sikulagi+: Aduna, Yozabadi, Yediyayeli, Mikayeli, Yozabadi, Elihu na Ziletayi. Bari abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 mu muryango wa Manase+. 21  Barafashije Dawidi kurwanya ba bambuzi, kuko bose bari abarwanyi b’intwari kandi barinda+. Bahavuye baba abakuru mu ngabo. 22  Ku musi ku musi abantu baguma baza gufasha Dawidi+ gushika n’aho baba ingabo nyinshi nk’ingabo z’Imana+. 23  Ibi ni vyo bitigiri vy’ingabo* zitwaje ibirwanisho zaje iyo Dawidi ari i Heburoni+, kugira zimugire umwami mu gishingo ca Sawuli, nk’uko Yehova yari yarabitegetse+. 24  Mu muryango wa Yuda hari abasoda 6.800 batwara inkinzo zagutse n’amacumu ku bw’urugamba. 25  Mu muryango wa Simeyoni hari abasoda 7.100 b’intwari kandi barinda. 26  Mu Balewi hari 4.600. 27  Yehoyada+ ni we yari indongozi ya bene Aroni+, akaba yari kumwe n’abantu 3.700, 28  hamwe na Sadoki+, umusore w’intwari kandi arinda be n’abakuru 22 bo mu muryango wa ba sekuruza biwe. 29  Mu muryango wa Benyamini, benewabo na Sawuli+, hari 3.000. Benshi muri bo bahora bakingira inyungu z’umuryango wa Sawuli. 30  Mu muryango wa Efurayimu hari abasoda 20.800 b’intwari kandi barinda, abagabo ba rurangiranwa mu migwi mikurumikuru igize uwo muryango bavamwo. 31  Mu gice c’umuryango wa Manase, hari 18.000 bari batowe* ngo baze kwimika Dawidi. 32  Mu muryango wa Isakari, hari abakuru 200 bari bazi kuraba ingene ibintu vyifashe bagaca bamenya ico Abisirayeli bakwiye gukora, kandi ni bo batwara benewabo bose. 33  Mu muryango wa Zabuloni, hari abagabo 50.000 bashobora kurwana, bagatonda urugamba bafise ibirwanisho vy’ubwoko bwose. Bose biyunze kuri Dawidi n’umutima wabo wose*. 34  Mu muryango wa Nafutali, hari abakuru 1.000 bari kumwe n’abasoda 37.000 bafise inkinzo zagutse n’amacumu. 35  Mu Badani, hari abasoda 28.600 batonda urugamba. 36  Mu muryango wa Asheri na ho, hari abasoda 40.000 bashobora gutonda urugamba. 37  Hakurya ya Yorodani+ mu Barubeni, mu Bagadi no mu gice c’umuryango wa Manase havuye abasoda 120.000 bafise ibirwanisho vy’ubwoko bwose. 38  Abo bose bari abarwanyi biteguriye urugamba. Baje i Heburoni n’umutima wabo wose kugira bimike Dawidi ngo abe umwami wa Isirayeli yose. Abisirayeli bose basigaye na bo nyene bari bahuje inama* yuko Dawidi aba umwami+. 39  Nuko bagumana ng’aho na Dawidi imisi itatu, barya bongera banywa, kuko benewabo bari babiteguriye. 40  Ababa hafi mbere n’ababa kure nk’abo mu muryango wa Isakari, uwa Zabuloni n’uwa Nafutali, baguma bazana ibifungurwa ku ndogobwa, ku ngamiya, ku nyumpu* no ku nka. Bazana amafu, udukate dukozwe mu nsukoni zumye babumbabumvye n’udukozwe mu nzabibu zumye, umuvinyu, amavuta, inka n’intama vyinshi cane, kuko hari umunezero muri Isirayeli.

Utujambo tw'epfo

Bitwa benewabo kubera ko bava mu muryango umwe.
Mu giheburayo havuga ngo «umutima wanje urunga ubumwe namwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «itwikira.»
Canke «abakuru b’ingabo.»
Canke «batowe bakavugwa amazina.»
Canke «ata buryarya.»
Mu giheburayo havuga ngo «bari bafise umutima umwe.»
Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.