Ngoma za mbere 13:1-14

  • Bakura isandugu i Kiriyati-Yeyarimu (1-14)

13  Nuko Dawidi aja inama n’abakuru b’imigwi y’abantu 1.000, ab’imigwi y’abantu 100 n’izindi ndongozi zose+.  Dawidi aca abwira ishengero ryose ry’Abisirayeli ati: «Nimba mubona ko ari vyiza kandi Yehova Imana yacu akaba abishima, reka dutumeko benewacu bandi bari mu turere twose twa Isirayeli. Dutumeko n’abaherezi n’Abalewi bari mu bisagara vyabo+ bifise amatongo yo kuragiramwo,  duheze tugarukane isandugu+ y’Imana yacu.» Ivyo yabivuze kubera ko abantu batari barayitayeho mu gihe ca Sawuli+.  Nuko ishengero ryose riravyemera kuko bose babona ko bibereye.  Dawidi akoranya rero Abisirayeli bose, kuva ku ruzi rwo* mu Misiri gushika i Lebo-Hamati*+, kugira ngo bazane isandugu y’Imana y’ukuri bayikuye i Kiriyati-Yeyarimu+.  Maze Dawidi n’Abisirayeli bose baduga i Bayala+, ari ho Kiriyati-Yeyarimu mu Buyuda, kugira ngo batoreyo isandugu ya Yehova Imana y’ukuri, umwe yicaye ku ntebe y’ubwami hejuru* y’abakerubi+. Imbere y’iyo sandugu ni ho abantu bambariza izina ryiwe.  Ariko bashira iyo sandugu y’Imana y’ukuri ku mukogote mushasha+, bayikura mu nzu ya Abinadabu. Uza na Ahiyo ni bo bari bayoboye uwo mukogote+.  Dawidi n’Abisirayeli bose bariko barigina imbere y’Imana y’ukuri n’inkomezi zabo zose. Bigina baririmba, bavuza inanga n’ibindi bicurarangisho vy’imirya, utugoma+, ivyuma bisama+ n’inzumbete+.  Ariko bashitse ku mbuga yo mu murima* ya Kidoni, inka zihakwa gutembagaza iyo sandugu. Uza aca atuma ukuboko arayifata. 10  Yehova aca ashavurira cane Uza, aramwica kubera ko yatumye ukuboko agafata iyo sandugu+. Uza apfira ng’aho imbere y’Imana+. 11  Mugabo Dawidi ashavuzwa* n’uko Yehova yarekuriye uburake bwiwe kuri Uza. Aho hantu baca bahita Peresi-Uza* gushika n’uyu musi. 12  Kuri uwo musi Dawidi aratinya kubera Imana y’ukuri, avuga ati: «Mbega isandugu y’Imana y’ukuri nzoyizana gute mu gisagara canje+ 13  Dawidi ntiyazanye iyo sandugu mu gisagara iwe, ari co gisagara ca Dawidi. Yaciye ayirungika kwa Obedi-Edomu Umunyegati. 14  Iyo sandugu y’Imana y’ukuri yamaze amezi atatu mu rugo kwa Obedi-Edomu, kandi Yehova yaguma ahezagira urugo rwiwe n’ivyiwe vyose+.

Utujambo tw'epfo

Canke «kuva kuri Shihori.»
Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «hagati.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «ababazwa.»
Iryo zina risobanura ngo «guturikira (canke gutabukira) kuri Uza.»