Ngoma za mbere 13:1-14
13 Nuko Dawidi aja inama n’abakuru b’imigwi y’abantu 1.000, ab’imigwi y’abantu 100 n’izindi ndongozi zose+.
2 Dawidi aca abwira ishengero ryose ry’Abisirayeli ati: «Nimba mubona ko ari vyiza kandi Yehova Imana yacu akaba abishima, reka dutumeko benewacu bandi bari mu turere twose twa Isirayeli. Dutumeko n’abaherezi n’Abalewi bari mu bisagara vyabo+ bifise amatongo yo kuragiramwo,
3 duheze tugarukane isandugu+ y’Imana yacu.» Ivyo yabivuze kubera ko abantu batari barayitayeho mu gihe ca Sawuli+.
4 Nuko ishengero ryose riravyemera kuko bose babona ko bibereye.
5 Dawidi akoranya rero Abisirayeli bose, kuva ku ruzi rwo* mu Misiri gushika i Lebo-Hamati*+, kugira ngo bazane isandugu y’Imana y’ukuri bayikuye i Kiriyati-Yeyarimu+.
6 Maze Dawidi n’Abisirayeli bose baduga i Bayala+, ari ho Kiriyati-Yeyarimu mu Buyuda, kugira ngo batoreyo isandugu ya Yehova Imana y’ukuri, umwe yicaye ku ntebe y’ubwami hejuru* y’abakerubi+. Imbere y’iyo sandugu ni ho abantu bambariza izina ryiwe.
7 Ariko bashira iyo sandugu y’Imana y’ukuri ku mukogote mushasha+, bayikura mu nzu ya Abinadabu. Uza na Ahiyo ni bo bari bayoboye uwo mukogote+.
8 Dawidi n’Abisirayeli bose bariko barigina imbere y’Imana y’ukuri n’inkomezi zabo zose. Bigina baririmba, bavuza inanga n’ibindi bicurarangisho vy’imirya, utugoma+, ivyuma bisama+ n’inzumbete+.
9 Ariko bashitse ku mbuga yo mu murima* ya Kidoni, inka zihakwa gutembagaza iyo sandugu. Uza aca atuma ukuboko arayifata.
10 Yehova aca ashavurira cane Uza, aramwica kubera ko yatumye ukuboko agafata iyo sandugu+. Uza apfira ng’aho imbere y’Imana+.
11 Mugabo Dawidi ashavuzwa* n’uko Yehova yarekuriye uburake bwiwe kuri Uza. Aho hantu baca bahita Peresi-Uza* gushika n’uyu musi.
12 Kuri uwo musi Dawidi aratinya kubera Imana y’ukuri, avuga ati: «Mbega isandugu y’Imana y’ukuri nzoyizana gute mu gisagara canje+?»
13 Dawidi ntiyazanye iyo sandugu mu gisagara iwe, ari co gisagara ca Dawidi. Yaciye ayirungika kwa Obedi-Edomu Umunyegati.
14 Iyo sandugu y’Imana y’ukuri yamaze amezi atatu mu rugo kwa Obedi-Edomu, kandi Yehova yaguma ahezagira urugo rwiwe n’ivyiwe vyose+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «kuva kuri Shihori.»
^ Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «hagati.»
^ Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
^ Canke «ababazwa.»
^ Iryo zina risobanura ngo «guturikira (canke gutabukira) kuri Uza.»