Ngoma za mbere 14:1-17

  • Ubutegetsi bwa Dawidi bukomera (1, 2)

  • Umuryango wa Dawidi (3-7)

  • Abafilisitiya batsindwa (8-17)

14  Umwami Hiramu+ w’i Tiro arungika intumwa kwa Dawidi, amurungikira n’ibiti vy’amasederi, abubakisha amabuye* n’ababaza ibiti, kugira ngo bamwubakire inzu*+.  Dawidi amenya rero ko Yehova yakomeje ubutegetsi bwiwe muri Isirayeli+, akamugira umwami akomeye ku neza y’abantu biwe b’Abisirayeli+.  Dawidi amaze gushika i Yeruzalemu yabira abandi bagore+, avyara abandi bahungu n’abakobwa+.  Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yeruzalemu+: Shamuwa, Shobabu, Natani+, Salomo+,  Ibuhari, Elishuwa, Elipeleti,  Noga, Nefegi, Yafiya,  Elishama, Beliyada na Elifeleti.  Abafilisitiya bumvise yuko Dawidi yarobanujwe amavuta* ngo abe umwami wa Isirayeli yose+, bose baca baza kumuhiga+. Dawidi avyumvise, aca aja kubarwanya.  Abafilisitiya bashitse, batangura kugaba ibitero mu kiyaya ca Refayimu+. 10  Dawidi abaza Imana ati: «Nduge kurwanya Abafilisitiya? Uramfasha kubatsinda?» Yehova amwishura ati: «Duga ubarwanye, ndagufasha kubatsinda+ 11  Nuko Dawidi aduga i Bayali-Perasimu+, ahatsindira Abafilisitiya. Maze Dawidi avuga ati: «Imana y’ukuri yaciye inzira mu bansi banje biciye kuri jewe, nka kurya amazi amena agaca inzira.» Ni co gituma aho hantu bahise Bayali-Perasimu*. 12  Abafilisitiya bata ng’aho imana zabo maze Dawidi ategeka ko baziturira+. 13  Mu nyuma Abafilisitiya bongera kugaba igitero mu kiyaya+. 14  Dawidi asubira guhanuza Imana, maze Imana y’ukuri imwishura iti: «Ntubatere uzananye imbere yabo. Ahubwo zunguruka uce inyuma yabo, murwanire imbere y’ibisaka* vy’imibaka+. 15  Niwumva urwamo nk’urw’abantu bariko baratambuka ruvugira hejuru ya nya bisaka, uce ugaba igitero. Imana y’ukuri izoba yakwitangiye imbere kugira igufashe kwica ingabo z’Abafilisitiya+ 16  Nuko Dawidi agira nk’uko Imana y’ukuri imutegetse+. Bica ingabo z’Abafilisitiya kuva i Gibeyoni gushika i Gezeri+. 17  Dawidi aba rurangiranwa mu bihugu vyose, kandi Yehova atuma amahanga yose amutinya+.

Utujambo tw'epfo

Canke «abubaka impome.»
Canke «ikirimba.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Iryo zina risobanura ngo «umuhinga wo kumena.»
Canke «ibiti.»