Ngoma za mbere 14:1-17
14 Umwami Hiramu+ w’i Tiro arungika intumwa kwa Dawidi, amurungikira n’ibiti vy’amasederi, abubakisha amabuye* n’ababaza ibiti, kugira ngo bamwubakire inzu*+.
2 Dawidi amenya rero ko Yehova yakomeje ubutegetsi bwiwe muri Isirayeli+, akamugira umwami akomeye ku neza y’abantu biwe b’Abisirayeli+.
3 Dawidi amaze gushika i Yeruzalemu yabira abandi bagore+, avyara abandi bahungu n’abakobwa+.
4 Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yeruzalemu+: Shamuwa, Shobabu, Natani+, Salomo+,
5 Ibuhari, Elishuwa, Elipeleti,
6 Noga, Nefegi, Yafiya,
7 Elishama, Beliyada na Elifeleti.
8 Abafilisitiya bumvise yuko Dawidi yarobanujwe amavuta* ngo abe umwami wa Isirayeli yose+, bose baca baza kumuhiga+. Dawidi avyumvise, aca aja kubarwanya.
9 Abafilisitiya bashitse, batangura kugaba ibitero mu kiyaya ca Refayimu+.
10 Dawidi abaza Imana ati: «Nduge kurwanya Abafilisitiya? Uramfasha kubatsinda?» Yehova amwishura ati: «Duga ubarwanye, ndagufasha kubatsinda+.»
11 Nuko Dawidi aduga i Bayali-Perasimu+, ahatsindira Abafilisitiya. Maze Dawidi avuga ati: «Imana y’ukuri yaciye inzira mu bansi banje biciye kuri jewe, nka kurya amazi amena agaca inzira.» Ni co gituma aho hantu bahise Bayali-Perasimu*.
12 Abafilisitiya bata ng’aho imana zabo maze Dawidi ategeka ko baziturira+.
13 Mu nyuma Abafilisitiya bongera kugaba igitero mu kiyaya+.
14 Dawidi asubira guhanuza Imana, maze Imana y’ukuri imwishura iti: «Ntubatere uzananye imbere yabo. Ahubwo zunguruka uce inyuma yabo, murwanire imbere y’ibisaka* vy’imibaka+.
15 Niwumva urwamo nk’urw’abantu bariko baratambuka ruvugira hejuru ya nya bisaka, uce ugaba igitero. Imana y’ukuri izoba yakwitangiye imbere kugira igufashe kwica ingabo z’Abafilisitiya+.»
16 Nuko Dawidi agira nk’uko Imana y’ukuri imutegetse+. Bica ingabo z’Abafilisitiya kuva i Gibeyoni gushika i Gezeri+.
17 Dawidi aba rurangiranwa mu bihugu vyose, kandi Yehova atuma amahanga yose amutinya+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «abubaka impome.»
^ Canke «ikirimba.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Iryo zina risobanura ngo «umuhinga wo kumena.»
^ Canke «ibiti.»