Ngoma za mbere 2:1-55

  • Abahungu 12 ba Isirayeli (1, 2)

  • Abakomoka kuri Yuda (3-55)

2  Aba ni bo bari abahungu ba Isirayeli+: Rubeni+, Simeyoni+, Lewi+, Yuda+, Isakari+, Zabuloni+,  Dani+, Yozefu+, Benyamini+, Nafutali+, Gadi+ na Asheri+.  Abahungu ba Yuda bari Ere, Onani na Shela. Abo batatu yabavyaranye n’Umunyakananikazi avuka kuri Shuwa+. Mugabo Ere imfura ya Yuda yakora ibintu bibabaza Yehova, aca aramwica+.  Tamari+ umukazana wa Yuda yamuvyariye Peresi+ na Zera. Abahungu bose ba Yuda bari batanu.  Abahungu ba Peresi bari Hesironi na Hamuli+.  Abahungu ba Zera bari Zimuri, Etani, Hemani, Kalikoli na Dara. Bose hamwe bari batanu.  Umuhungu* wa Karumi yari Akari*. Yakwegeye ivyago* Abisirayeli+ kuko yahemutse akarenga kw’itegeko Imana yari yabahaye ku bijanye n’ibintu vyabwirizwa gutikizwa+.  Umuhungu* wa Etani yari Azariya.  Abahungu Hesironi yavyaye bari Yerameyeli+, Ramu+ na Kelubayi*. 10  Ramu yavyaye Aminadabu+, Aminadabu avyara Nahashoni+ umukuru w’abakomoka kuri Yuda. 11  Nahashoni yavyaye Saluma+, Saluma avyara Bowazi+. 12  Bowazi yavyaye Obedi, Obedi avyara Yese+. 13  Aba ni bo Yese yavyaye: imfura yari Eliyabu, uwa kabiri Abinadabu+, uwa gatatu Shimeya+, 14  uwa kane Netaneli, uwa gatanu Radayi, 15  uwa gatandatu Ozemu, uw’indwi Dawidi+. 16  Bashiki babo bari Zeruwiya na Abigayili+. Abahungu ba Zeruwiya bari batatu: Abishayi+, Yowabu+ na Asaheli+. 17  Abigayili yavyaye Amasa+. Se wa Amasa yari Yeteri Umwishimayeli. 18  Kalebu* umuhungu wa Hesironi yavyaye Yesheri, Shobabu na Arudoni, abavyarana n’umugore wiwe Azuba hamwe na Yeriyoti. 19  Azuba amaze gupfa, Kalebu yabiriye Efurata+, bavyarana Huru+. 20  Huru yavyaye Uri, Uri na we avyara Bezaleli+. 21  Mu nyuma Hesironi yabira umukobwa wa Makiri+ se wa Gileyadi+, araheza aryamana na we amuvyarira Segubu. Hesironi yari afise imyaka 60 igihe yamutwara. 22  Segubu yavyaye Yayiri+. Yayiri yari afise ibisagara 23 mu karere ka Gileyadi+. 23  Mu nyuma Abageshuri+ n’Abasiriya+ batwara Havoti-Yayiri+ bahanyaze abahaba, na Kenati+ n’udusagara tuhegukira*. Vyari ibisagara 60. Abo bose bakomoka kuri Makiri se wa Gileyadi. 24  Hesironi+ yapfiriye i Kalebu-Efurata. Amaze gupfa, umugore wiwe Abiya yamuvyariye Ashehuri+ se wa Tekowa*+. 25  Abahungu ba Yerameyeli imfura ya Hesironi bari aba: imfura yari Ramu, hanyuma Buna, Oreni, Ozemu na Ahiya. 26  Yerameyeli yari afise uwundi mugore yitwa Atara. Ni we yari nyina wa Onamu. 27  Abahungu ba Ramu imfura ya Yerameyeli bari Mayasi, Yamini na Ekeri. 28  Abahungu ba Onamu bari Shamayi na Yada. Abahungu ba Shamayi bari Nadabu na Abishuri. 29  Umugore wa Abishuri yitwa Abihayili. Yamuvyariye Ahubani na Molidi. 30  Abahungu ba Nadabu bari Seledi na Apayimu. Mugabo Seledi yapfuye atavyaye. 31  Umuhungu* wa Apayimu yari Ishi. Umuhungu* wa Ishi yari Sheshani, umuhungu* wa Sheshani yari Ahilayi. 32  Abahungu ba Yada mwenewabo na Shamayi bari Yeteri na Yonatani. Mugabo Yeteri yapfuye atavyaye. 33  Abahungu ba Yonatani bari Peleti na Zaza. Abo ni bo bakomotse kuri Yerameyeli. 34  Sheshani nta bahungu yari afise, yavyaye abakobwa gusa. Sheshani yari afise umusuku w’Umunyamisiri yitwa Yaruha. 35  Uwo musuku wiwe Yaruha yahavuye amuha umukobwa wiwe ngo amubere umugore, maze amuvyarira Atayi. 36  Atayi yavyaye Natani, Natani avyara Zabadi. 37  Zabadi yavyaye Efulali, Efulali avyara Obedi. 38  Obedi yavyaye Yehu, Yehu avyara Azariya. 39  Azariya yavyaye Helesi, Helesi avyara Eleyasa. 40  Eleyasa yavyaye Sisimayi, Sisimayi avyara Shalumu. 41  Shalumu yavyaye Yekamiya, Yekamiya na we avyara Elishama. 42  Abahungu ba Kalebu*+ mwenewabo na Yerameyeli bari Mesha imfura yiwe akaba na se wa Zifu, hamwe n’abahungu ba Maresha se wa Heburoni. 43  Abahungu ba Heburoni bari Kora, Tapuwa, Rekemu na Shema. 44  Shema yavyaye Rahamu se wa Yorikeyamu. Rekemu na we yavyaye Shamayi. 45  Umuhungu wa Shamayi yari Mayoni, Mayoni na we yari se wa Beti-Suri+. 46  Incoreke ya Kalebu yitwa Efa yavyaye Harani, Moza na Gazezi. Harani na we yavyaye Gazezi. 47  Abahungu ba Yahidayi bari Regemu, Yotamu, Geshani, Pelete, Efa na Shafu. 48  Incoreke ya Kalebu yitwa Mayaka yavyaye Sheberi na Tiruhana. 49  Mu nyuma avyara Shafu se wa Madumana+, na Sheva se wa Makibena na Gibeya+. Umukobwa wa Kalebu+ yitwa Akisa+. 50  Abo ni bo bakomotse kuri Kalebu. Abahungu ba Huru+ imfura ya Efurata+ bari Shobali se wa Kiriyati-Yeyarimu+, 51  Saluma se wa Betelehemu+, na Harefu se wa Beti-Gaderi. 52  Aba ni bo bari abahungu ba Shobali se wa Kiriyati-Yeyarimu: Harowe n’igice c’Abamenuhoti. 53  Imiryango ya Kiriyati-Yeyarimu yari iyi: Abituri+, Abaputi, Abashumati n’Abamishirayi. Muri iyo miryango ni ho hakomotse Abazorati+ n’Abeshitayoli+. 54  Abahungu ba Saluma bari aba: Betelehemu+, Abanyanetofa, Atiroti-Beti-Yowabu, igice c’Abamanahati, n’Abazori. 55  Imiryango y’abanditsi baba i Yabezi yari iyi: Abatirati, Abashimeyati n’Abasukati. Abo ni bo Bakeni+ bakomotse kuri Hamati se w’abakomoka kuri Rekabu+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ingorane», «ugukumirwa.»
Iryo zina risobanura ngo «inkwezi y’ivyago» canke «uwatumye abantu bakumirwa.» Muri Yos 7:1 yitwa Akani.
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Ku murongo wa 18, 19 na 42 yitwa Kalebu.
Ku murongo wa 9 yitwa Kelubayi.
Canke «tuhakikuje.»
Amazina amwamwe yo muri iki gitabu ashobora kuba ari amazina y’ahantu aho kuba ay’abantu. Nk’akarorero, «se wa Tekowa» bishobora gusobanura «uwatanguje igisagara ca Tekowa.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Ku murongo wa 9 yitwa Kelubayi.