Ngoma za mbere 20:1-8

  • Igisagara ca Raba gifatwa (1-3)

  • Ibihangange vy’Abafilisitiya vyicwa (4-8)

20  Mu ntango z’umwaka*, abami barakunda kuja ku rugamba. Yowabu+ ajana rero n’ingabo ziwe gutera igihugu c’Abamoni aragitikiza. Aragenda yugariza igisagara ca Raba+, ariko Dawidi we aguma i Yeruzalemu+. Yowabu atera ico gisagara, agisenyurira hasi+.  Dawidi akura urugori ku mutwe w’ikigirwamana Malikamu*. Yasanze rupima italanto imwe* y’inzahabu kandi rwariko amabuye y’agaciro. Baciye barwambika Dawidi ku mutwe. Yarasahuye n’ibintu vyinshi muri ico gisagara+.  Atwara abantu bo muri ico gisagara, abakoresha ibikorwa vy’agahato+: ivyo kubaza amabuye n’ibisaba gukoresha amashoka n’ibindi bikoresho bikarishe bikozwe mu vyuma. Ukwo ni ko Dawidi yagiriye ibisagara vyose vy’Abamoni. Amaherezo we n’ingabo zose basubira i Yeruzalemu.  Mu nyuma haduka intambara hagati y’Abafilisitiya n’Abisirayeli i Gezeri. Ni ho Sibekayi+ w’i Husha* yica umugabo akomoka ku Barefayimu+ yitwa Sipayi*. Abafilisitiya baratsindwa.  Hongera kwaduka intambara hagati y’Abafilisitiya n’Abisirayeli. Maze Elihanani mwene Yayiri yica Lahumi mwenewabo na Goliyati+ Umunyegati. Uruti rw’icumu ryiwe rwangana n’igiti abajisha impuzu bazingirako inyuzi+.  Haduka kandi intambara i Gati+. Aho i Gati hari umugabo w’igihagararo c’akataraboneka+. Yari afise intoke n’amano bitandatubitandatu, vyose hamwe bikaba vyari 24. Na we nyene yakomoka ku Barefayimu+.  Yaguma acokora+ Abisirayeli. Maze Yonatani mwene Shimeya+ aramwica. Shimeya yari mwenewabo na Dawidi.  Abo bagabo bakomoka ku Barefayimu+ b’i Gati+. Bishwe na Dawidi n’ingabo ziwe.

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga muri Ntwarante canke Ndamukiza. Raba Inyongera ya B15.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Muri 2Sm 21:18 yitwa Safu.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «akomoka kuri Husha.»