Ngoma za mbere 21:1-30

  • Dawidi akora urusansuma rutemewe (1-6)

  • Igihano Yehova yatanze (7-17)

  • Dawidi yubaka igicaniro (18-30)

21  Shetani* ahagurukira Isirayeli, yosha Dawidi ngo aharure Abisirayeli+.  Nuko Dawidi abwira Yowabu+ n’abatware ati: «Genda muharure Isirayeli kuva i Beri-Sheba gushika i Dani+, muheze mumenyeshe igitigiri cabo.»  Mugabo Yowabu avuga ati: «Yehova nagwize abantu biwe incuro 100. Mwami wanje databuja, none bose ntibasanzwe ari abasuku bawe? Kubera iki none ga databuja ushaka gukora ico kintu? Kubera iki wocumuza Abisirayeli?»  Mugabo umwami yanka kwumviriza Yowabu. Yowabu aca aragenda anyuragira muri Isirayeli yose, mu nyuma agaruka i Yeruzalemu+.  Yowabu araheza ashikiriza Dawidi igitigiri c’abo baharuye: mu muryango wa Yuda hari abarwanyi 470.000 barwanisha inkota, mu yindi miryango yose ya Isirayeli na ho bari 1.100.000+.  Mugabo abo mu muryango wa Lewi n’uwa Benyamini, Yowabu ntiyabaharuyemwo+ kubera ko yari yashishwe n’ivyo umwami yamutegetse+.  Ico gikorwa co guharura abantu kibabaza cane Imana y’ukuri ku buryo ihana Isirayeli.  Dawidi aca abwira Imana y’ukuri ati: «Nakoze igicumuro gikomeye+. Ndakwinginze rero umbabarire jewe umusavyi wawe+. Ni ukuri nakoze ivy’ubupfu+  Maze Yehova abwira umuhanuzi Gadi+ yamenyesha Dawidi ivyo Imana yamweretse ati: 10  «Genda ubwire Dawidi uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Hitamwo kimwe muri ibi bintu bitatu kibe ari co ndaguhanisha.’”» 11  Nuko Gadi aza kwa Dawidi amubwira ati: «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Hitamwo kimwe: 12  ushima ko hatera inzara izomara imyaka itatu+? Canke ko umara amezi atatu utsindwa n’abansi bawe, inkota yabo igukurikira+? Canke ko mumara imisi itatu mwicwa n’inkota ya Yehova, umumarayika wa Yehova+ akabicisha ikiza+ mu karere kose ka Isirayeli?” Iyumvire rero umbwire ico nishura uwantumye.» 13  Dawidi aca yishura Gadi ati: «Numva binteye intuntu nyinshi. Mugabo hako mpanwa n’umuntu+, ndagusavye mpfume mpanwa na Yehova kuko afise imbabazi nyinshi cane+ 14  Yehova aca ateza ikiza+ muri Isirayeli, gihitana abantu 70.000+. 15  Vyongeye, Imana y’ukuri irungika umumarayika ngo atikize ab’i Yeruzalemu. Mugabo agira atangure kubikora, Yehova arabibona aricuza* kubera ico cago+. Aca abwira uwo mumarayika yari ajejwe gutikiza ati: «Geza aho birakwiye+!» Uwo mumarayika wa Yehova yari hafi y’imbuga yo mu murima* wa Orunani*+ Umuyebusi+. 16  Dawidi yunamuye amaso, abona nya mumarayika wa Yehova ahagaze hagati y’isi n’ijuru. Yari yasokoye inkota yiwe+ ayifise mu kuboko, ayerekeje i Yeruzalemu. Dawidi n’abashingantahe baca bikubita hasi, barunama mu maso hashika hasi+. Bari bambaye amagunira+. 17  Dawidi abwira Imana y’ukuri ati: «Si jewe none nategetse ko baharura abantu? Ko ari jewe nacumuye ngakora nabi+, aba bantu* bazira iki? Yehova Mana yanje, ndagusavye abe ari jewe uhana twe n’umuryango wa dawe, mugabo ntuteze ikiza abantu bawe+ 18  Umumarayika wa Yehova aca abwira Gadi+ ngo abarire Dawidi aduge kwubakira Yehova igicaniro ku mbuga yo mu murima wa Orunani Umuyebusi+. 19  Dawidi aca adugayo nk’uko Gadi yari abimubwiye mw’izina rya Yehova. 20  Orunani yariko akubita ingano. Ahindukiye abona nya mumarayika, abahungu biwe bane bari kumwe na we baca barinyegeza. 21  Dawidi aca aja iyo Orunani ari. Orunani akimubona, aca ava kuri nya mbuga yo mu murima aramwunamira, mu maso hashika hasi. 22  Maze Dawidi abwira Orunani ati: «Numpe imbuga yo mu murima wawe ndayigure kugira ngo ndahubakire Yehova igicaniro. Mbwira igiciro bikwiranye ndahagure kugira ngo ikiza cateye abantu gihagarare+ 23  Mugabo Orunani abwira Dawidi ati: «Mwami wanje hatware habe rwawe, uhakoreshe ico wipfuza*. Izi nka ndazitanze ngo zibe amashikanwa aturirwa, ibibaho zikwega mu gutonora intete*+ bikubere inkwi, ingano na zo zibe ishikanwa ry’intete. Vyose ndabiguhaye.» 24  Ariko umwami Dawidi abwira Orunani ati: «Oya, ntegerezwa kuhagura igiciro bikwiranye, kuko ntotwara ivyawe ngo ndabihe Yehova canke ngo nshikane ibimazi biturirwa vya gusa+ 25  Dawidi aha rero Orunani inzahabu zipima shekeli* 600, agura aho hantu. 26  Araheza ahubakira Yehova igicaniro+, hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vyo gusangira. Yambaza Yehova, na we amwishura mu kurungika umuriro+ uvuye mw’ijuru, awurungika kuri nya gicaniro c’amashikanwa aturirwa. 27  Yehova aca ategeka wa mumarayika+ ngo asubize inkota yiwe mu rwubati*. 28  Dawidi abonye ko Yehova amwishuriye kuri nya mbuga yo mu murima wa Orunani Umuyebusi, abandanya kuhashikanira ibimazi. 29  Mugabo rya hema ryeranda rya Yehova Musa yari yarubatse mu bugaragwa na ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa, ico gihe vyari bikiri mu kibanza co gusengeramwo* c’i Gibeyoni+. 30  Ariko Dawidi ntiyashoboye kujayo kugira ahanuze Imana, kuko inkota ya wa mumarayika wa Yehova yari yamuteye ubwoba.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «umwansi.»
Muri 2Sm 24:16 yitwa Arawuna.
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «aratuntura.»
Mu giheburayo havuga ngo «izi ntama.»
Canke «ico ubona ko ari ciza.»
Raba Insiguro y’amajambo (Gukubita intete).
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.
Mu giheburayo havuga ngo «mu kibanza gitaramutse.»