Ngoma za mbere 22:1-19

  • Dawidi ategura ivyo bazokwubakisha urusengero (1-5)

  • Ivyo Dawidi yabwiye Salomo (6-16)

  • Dawidi ategeka abatware gufasha Salomo (17-19)

22  Maze Dawidi avuga ati: «Aha ni ho hazoba inzu ya Yehova Imana y’ukuri, kandi aha ni ho hazoba igicaniro co gutangirako amashikanwa aturirwa y’Abisirayeli+  Nuko Dawidi ategeka ko bakoranya abanyamahanga+ bari mu gihugu ca Isirayeli. Maze abashinga igikorwa co gusatura no kuringaniza amabuye yo kwubakisha inzu y’Imana y’ukuri+.  Vyongeye, Dawidi ategura ubutare bwinshi bw’icuma bwo gukoramwo imisumari y’imiryango y’amarembo be n’ivyugazo. Ategura n’ubutare bwinshi bw’umujumpu butoshobora gupimwa+.  Dawidi ategura n’ibiti vy’amasederi+ bitagira igitigiri kuko Abanyasidoni+ n’Abanyatiro+ bamuzaniye ibiti vyinshi vy’amasederi.  Dawidi avuga ati: «Umuhungu wanje Salomo aracari muto kandi ntaramenya utuntu n’utundi*+. Vyongeye, inzu igiye kwubakirwa Yehova izoba ari nziza bidasanzwe+ ku buryo izoba rurangiranwa, ubwiza bwayo+ bukavugwa mu bihugu vyose+. Hinge rero ndamugirire imyiteguro.» Nuko Dawidi ategura ibikoresho vyinshi imbere y’uko apfa.  Vyongeye, ahamagara umuhungu wiwe Salomo amutegeka kwubakira inzu Yehova Imana ya Isirayeli.  Dawidi abwira umuhungu wiwe Salomo ati: «Naripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana yanje+.  Mugabo Yehova yambwiye ati: “Wavishije amaraso menshi kandi warwanye intambara zikomakomeye. Ntuzokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+, kuko wavishije amaraso menshi kw’isi imbere yanje.  Ehe uzovyara umuhungu+. Azoba mu mahoro* kandi nzomukiza abansi biwe bose bamukikuje, abeho yitekaniye+. Ni co gituma azokwitwa Salomo*+ kandi mu gihe ciwe nzoha Isirayeli amahoro no gutekana+. 10  Ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+. Azombera umwana nanje ndamubere se+. Nzotuma ubutegetsi bwiwe bukomera muri Isirayeli ibihe vyose+.” 11  None rero mwananje, Yehova abane nawe. Uze uroranirwe wubake inzu ya Yehova Imana yawe, nk’uko yavuze ko uzobikora+. 12  N’ikiruta vyose, Yehova niyamara kugushinga ibanga ryo kuganza Isirayeli, aze agufashe kwiyubara aguhe n’ugutegera+ kugira ngo ukurikize amategeko ya Yehova Imana yawe+. 13  Uzoheza uroranirwe niwitwararika gushitsa amategeko+ n’ingingo Yehova yashinze, agategeka Musa kubiha Abisirayeli+. Gira umutima rugabo kandi ukomere. Ntutinye canke ngo uranduke umutima+. 14  Narigoye cane ntegurira inzu ya Yehova italanto* 100.000 z’inzahabu n’italanto 1.000.000 z’ifeza, n’ubutare bwinshi cane bw’umujumpu n’ubw’icuma+ budashobora gupimwa. Narateguye n’ibiti n’amabuye+, mugabo uzovyongereza. 15  Ufise n’abakozi benshi cane: uri abaringaniza amabuye, abubakisha amabuye+, ababaza ibiti n’abahinga b’ubwoko bwose+. 16  Hari inzahabu, ifeza, umujumpu n’ubutare bw’icuma bidashobora gupimwa+. Va hasi rero ukore, kandi Yehova abane nawe+ 17  Maze Dawidi ategeka abatware bose ba Isirayeli gufasha umuhungu wiwe Salomo, avuga ati: 18  «Yehova Imana yanyu ari kumwe namwe kandi yabahaye amahoro impande zose. Yarabafashije gutsinda ababa muri iki gihugu. Yehova n’abantu biwe ni bo bakiganza. 19  Nimwiyemeze rero n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose kurondera Yehova Imana yanyu+, mutangure kwubaka aheranda ha Yehova Imana y’ukuri+. Muzoheza muzane isandugu y’isezerano rya Yehova n’ibikoresho vyeranda vy’Imana y’ukuri+ ku nzu izokwubakwa ngo yitirirwe izina rya Yehova+

Utujambo tw'epfo

Canke «nta nkomezi aragira.»
Iryo zina rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «amahoro.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.