Ngoma za mbere 24:1-31

  • Dawidi atunganya imigwi 24 y’abaherezi (1-19)

  • Imigwi y’abandi Balewi (20-31)

24  Imigwi y’abakomoka kuri Aroni yari iyi: abahungu ba Aroni bari Nadabu, Abihu+, Eleyazari na Itamari+.  Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa+, kandi nta bahungu bavyaye. Eleyazari+ na Itamari bobo bagumye ari abaherezi.  Dawidi ari kumwe na Sadoki+ akomoka kuri Eleyazari be na Ahimeleki akomoka kuri Itamari, ni bo bashize mu migwi abakomoka kuri Aroni bisunze ibikorwa bokoze.  Kubera ko bene* Eleyazari bari bafise abakuru benshi kurusha bene Itamari, uku ni ko baciye babagabura: bene Eleyazari baronse abakuru 16 b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bakomokamwo, bene Itamari baronka 8.  Vyongeye, baragabuye bene Eleyazari na bene Itamari biciye ku bupfindo+, kubera ko abakuru bakorera ahantu heranda n’abakuru bakorera Imana y’ukuri bavuye muri iyo migwi ibiri.  Maze Shemaya mwene Netaneli, umunyamabanga w’Abalewi, yandikira amazina yabo imbere y’umwami, abatware, umuherezi Sadoki+, Ahimeleki+ mwene Abiyatari+ n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igizwe n’imiryango y’abaherezi n’iy’Abalewi. Baza baratora umuryango umwe mu bo kwa Eleyazari hanyuma bagatora uwo kwa Itamari, gutyogutyo.  Ubupfindo bwa mbere bwaguye kuri Yehoyaribu, ubwa kabiri kuri Yedaya,  ubwa gatatu kuri Harimu, ubwa kane kuri Seworimu,  ubwa gatanu kuri Malikiya, ubwa gatandatu kuri Miyamini, 10  ubw’indwi kuri Hakozi, ubw’umunani kuri Abiya+, 11  ubw’icenda kuri Yeshuwa, ubw’icumi kuri Shekaniya, 12  ubwa 11 kuri Eliyashibu, ubwa 12 kuri Yakimu, 13  ubwa 13 kuri Hupa, ubwa 14 kuri Yeshebeyabu, 14  ubwa 15 kuri Biliga, ubwa 16 kuri Imeri, 15  ubwa 17 kuri Heziri, ubwa 18 kuri Hapisesi, 16  ubwa 19 kuri Petahiya, ubwa 20 kuri Yehezikeli, 17  ubwa 21 kuri Yakini, ubwa 22 kuri Gamuli, 18  ubwa 23 kuri Delaya, ubwa 24 kuri Mahaziya. 19  Urwo ni rwo rutonde bisunga mu kuza mu nzu ya Yehova gukora igikorwa bashinzwe+, bakurikije uko sekuruza wabo Aroni yabigira yisunze ivyo Yehova Imana ya Isirayeli yari yaramutegetse. 20  Abalewi basigaye bari aba: muri bene Amuramu+ hari Shubayeli+, muri bene Shubayeli hari Yehideya, 21  muri bene Rehabiya+, umukuru yari Ishiya, 22  mu Bizihari hari Shelomoti, muri bene Shelomoti+ hari Yahati. 23  Muri bene Heburoni hari aba: umukuru yari Yeriya+, uwa kabiri Amariya, uwa gatatu Yahaziyeli, uwa kane Yekameyamu. 24  Muri bene Uziyeli hari Mika, muri bene Mika hari Shamiri. 25  Mwenewabo na Mika yari Ishiya, muri bene Ishiya hakaba hari Zakariya. 26  Bene Merari+ bari Mahili na Mushi. Muri bene Yahaziya hari Beno. 27  Mu bakomoka kuri Merari hari aba: kuri Yahaziya hari Beno, Shohamu, Zakuri na Iburi. 28  Kuri Mahili hari Eleyazari, akaba ataronse abahungu+. 29  Muri bene Kishi hari Yerameyeli. 30  Bene Mushi bari Mahili, Ederi na Yerimoti. Abo ni bo bene Lewi hisunzwe imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo. 31  Na bo nyene bagize ubupfindo+ nk’uko benewabo bakomoka kuri Aroni babigize imbere y’umwami Dawidi, Sadoki, Ahimeleki n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igizwe n’imiryango y’abaherezi n’iy’Abalewi. Ku bijanye n’abakuru b’iyo migwi, umukuru yafatwa cokimwe na mwenewabo mutoyi.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu.» Muri urwo rurimi iryo jambo rishobora gusobanura «umwana w’umuhungu», «umwuzukuru» canke «uwukomoka kuri naka.»