Ngoma za mbere 29:1-30

  • Intererano zo kwubaka urusengero (1-9)

  • Isengesho rya Dawidi (10-19)

  • Abantu banezerwa. Intwaro ya Salomo (20-25)

  • Urupfu rwa Dawidi (26-30)

29  Nuko umwami Dawidi abwira ishengero ryose ati: «Umuhungu wanje Salomo, uwo Imana yatoye+, aracari muto kandi ntaramenya utuntu n’utundi*+. Mugabo igikorwa kimurindiriye ni kinini, kuko urusengero*+ azokwubaka atari urw’umuntu, ahubwo ari urwa Yehova Imana.  Nta ko ntagize ngo nitegurire kwubaka inzu y’Imana yanje. Naratanze inzahabu bazokoramwo ibintu vy’inzahabu, ifeza bazokoramwo ibintu vy’ifeza, umujumpu bazokoramwo ibintu vy’umujumpu, ubutare bw’icuma bazokoramwo ibintu vy’icuma+, ibiti+ bazokoramwo ibintu vy’ibiti, amabuye y’agaciro bita onigisi*, amabuye bazohomesha ubudongo*, utubuye two gushariza, ubwoko bwose bw’amabuye y’agaciro n’amabuye yitwa alabasita menshi cane.  Vyongeye, kubera ko nkunda inzu y’Imana yanje+, hari itunga ryanje+ bwite nipfuza gutanga rigizwe n’inzahabu n’ifeza. Ndaritanze ku bw’inzu y’Imana yanje, ngo ryiyongere ku bindi vyose nateguriye iyo nzu nyeranda.  Iryo tunga rigizwe n’italanto* 3.000 vy’inzahabu z’i Ofiri+ n’italanto 7.000 z’ifeza ityoroye. Bizokoreshwa mu gusiga impome z’ivyumba*,  mu gukora ibintu vy’inzahabu, ivy’ifeza n’ibindi bizokorwa n’abanyamyuga b’abahinga. None ni nde muri mwebwe yipfuza guha ingabire Yehova+ uyu musi?»  Maze abatware b’imiryango ya Isirayeli, abatware b’imigwi mikurumikuru igize iyo miryango, abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100+ n’abahagarikiye igikorwa c’umwami+, baca bitaba ako kamo babikunze.  Ibi ni vyo batanze ku bw’igikorwa c’inzu y’Imana y’ukuri: italanto 5.000 z’inzahabu, ibiceri 10.000 vy’amadariki*, italanto 10.000 z’ifeza, italanto 18.000 z’umujumpu n’italanto 100.000 z’ubutare bw’icuma.  Uwari afise amabuye y’agaciro wese arayatanga ngo ashirwe mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova. Yehiyele+ Umugerushoni+ ni we yari ajejwe ubwo bubiko.  Abantu baranezerewe bariko baratanga amashikanwa bavyishakiye, kubera bayashikaniye Yehova n’umutima wabo wose+. Umwami Dawidi na we nyene aranezerwa cane. 10  Maze Dawidi ashemeza Yehova imbere y’ishengero ryose ati: «Ewe Yehova Mana ya data Isirayeli, nushemezwe gushika ibihe bidahera*. 11  Ubukuru+ n’ubushobozi+ n’ubwiza n’ubuninahazwa n’icubahiro*+ ni ivyawe Yehova, kuko ibintu vyose mw’ijuru no kw’isi ari rwawe+. Ewe Yehova, ubwami ni ubwawe+. Ni wewe uri hejuru ya vyose. 12  Ubutunzi n’ubuninahazwa ni wewe ubitanga+, kandi ni wewe uganza vyose+. Mu kuboko kwawe hari ububasha+ n’ubushobozi+, kandi urashobora gutuma umuntu uwo ari we wese aba uwuhambaye+, ukamuha n’inkomezi+. 13  None rero Mana yacu, turagukengurukiye kandi izina ryawe rininahaye turarishemeje. 14  Yamara, twe n’abantu banje turi iki ngo dushobore gutanga amashikanwa nk’aya tuvyishakiye? Erega vyose biva iwawe, kandi twaguhaye ivyavuye mu kuboko kwawe. 15  Imbere yawe turi abanyamahanga n’inyambukira cokimwe na ba sogokuruza bacu bose+, kuko ubuzima bwacu kw’isi bumeze nk’igitutu+. Nta cizigiro kiriho. 16  Ewe Yehova Mana yacu, iri tunga ryose twegeranije kugira ngo tukwubakire inzu yitirirwa izina ryawe ryeranda, riva mu kuboko kwawe kandi ni iryawe. 17  Mana yanje, ndazi neza yuko usuzuma umutima+ kandi yuko uhimbarwa n’umutima ugororotse+. Ntanze ibi vyose n’umutima ugororotse* ndavyishakiye. Mfise umunezero mwinshi kubona abantu bawe bari ng’aha baguha amashikanwa bavyishakiye. 18  Ewe Yehova Mana ya ba sogokuruza bacu Aburahamu na Izahaki na Isirayeli, fasha abantu bawe baze bamane uwo mutima, utume imitima yabo iguma kuri wewe+. 19  Umuhungu wanje Salomo na we umufashe akurikize amabwirizwa yawe+, ivyibutswa utanga n’amategeko yawe n’umutima wiwe wose*+. Umufashe gukora ivyo bintu vyose no kwubaka urusengero* nateguriye ibikenewe+ 20  Dawidi araheza abwira ishengero ryose ati: «Nimushemeze Yehova Imana yanyu.» Nuko abagize ishengero bose baca bashemeza Yehova Imana ya ba sekuruza, bunamira Yehova n’umwami, bashika hasi. 21  Babandanya gushikanira Yehova ibimazi, no ku musi ukurikira bashikanira Yehova amashikanwa aturirwa+. Bashikanye amashuri 1.000, impfizi z’intama 1.000, imyagazi y’intama 1.000 y’amasuguru n’amashikanwa yavyo y’ibinyobwa+. Batangiye Isirayeli yose ibimazi vyinshi cane+. 22  Kuri uwo musi babandanya kurya no kunywa bari imbere ya Yehova n’umunezero mwinshi+. Vyongeye, bimika ubugira kabiri Salomo umuhungu wa Dawidi ngo abe umwami bongera bamurobanuza amavuta* imbere ya Yehova ngo abe indongozi+. Barobanura na Sadoki ngo abe umuherezi+. 23  Salomo rero yicara ku ntebe y’ubwami ya Yehova+, aba umwami mu kibanza ca se Dawidi. Araheza araroranirwa kandi Abisirayeli bose baramugamburukira. 24  Abatware bose+, abarwanyi b’intwari+ n’abahungu bose b’umwami Dawidi+ bayobokera umwami Salomo. 25  Yehova atuma Salomo aba uwuhambaye cane imbere y’Abisirayeli bose, amugira umwami afise icubahiro kuruta abami bose ba Isirayeli babayeho imbere yiwe+. 26  Dawidi mwene Yese yaganje Isirayeli yose. 27  Yamaze imyaka 40 aganza Isirayeli. Imyaka 7+ yayimaze i Heburoni, 33+ na yo i Yeruzalemu. 28  Yapfuye yisaziye neza+. Yararamvye, agira ubutunzi bwinshi n’icubahiro cinshi*. Maze umuhungu wiwe Salomo atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 29  Ivyerekeye umwami Dawidi kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu vyavuzwe n’uwahishurirwa n’Imana* Samweli, umuhanuzi Natani+ na Gadi+ uwavuga ivyo Imana yamweretse. 30  Haravugwamwo n’ivyabaye ku ntwaro yiwe, ububasha yerekanye, ivyamushikiye n’ivyashikiye Abisirayeli n’ubwami bwose bubakikuje.

Utujambo tw'epfo

Canke «inyubakwa ikomeye», «ikirimba.»
Canke «nta nkomezi aragira.»
Mu giheburayo ni «shohamu.»
Ubwo budongo rwari uruvange rw’ishwagara, umusenyi n’amazi.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «z’amazu.»
Idariki cari igiceri c’inzahabu c’Abaperesi. Raba Inyongera ya B14.
Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»
Canke «iteka.»
Canke «ata buryarya.»
Canke «inyubakwa ikomeye», «ikirimba.»
Canke «n’umutima ukwiye.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «yarahaze imisi, ubutunzi n’icubahiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwubona.»