Ngoma za mbere 4:1-43

  • Abandi bakomotse kuri Yuda (1-23)

    • Isengesho rya Yabesi (9, 10)

  • Abakomoka kuri Simeyoni (24-43)

4  Abahungu ba Yuda bari Peresi+, Hesironi+, Karumi, Huru+ na Shobali+.  Reyaya umuhungu wa Shobali yavyaye Yahati, Yahati avyara Ahumayi na Lahadi. Abo ni bo bari bagize imiryango y’Abazorati+.  Abahungu ba se* wa Etamu+ bari aba: Yezireli, Ishima na Idubashi (mushiki wabo yitwa Haseleliponi),  na Penuweli se wa Gedori, na Ezeri se wa Husha. Abo ni bo bari abahungu ba Huru+ imfura ya Efurata akaba na se wa Betelehemu+.  Ashehuri+ se wa Tekowa+ yari afise abagore babiri, ari bo Hela na Nayara.  Nayara yamuvyariye Ahuzamu, Heferi, Temeni na Hahashutari. Abo ni bo bari abahungu ba Nayara.  Abahungu ba Hela bari Zereti, Izihari na Etinani.  Kozi yavyaye Anubu, Sobeba n’abakomoka kuri Aharuheli umuhungu wa Harumu.  Yabesi yarubahwa cane kuruta benewabo. Nyina yamwise Yabesi* avuga ati: «Namuvyaye mu mubabaro.» 10  Yabesi yatakambiye Imana ya Isirayeli ati: «Ndagusavye umpezagire, wagure n’akarere kanje. Ndagusavye umfashe wongere unkingire ivyago.» Nuko Imana imuha ivyo yasavye. 11  Kelubu mwenewabo na Shuha yavyaye Mehiri. Mehiri yari se wa Eshitoni. 12  Eshitoni yavyaye Beti-Rafa, Paseya na Tehina se wa Irunahashi. Abo ni bo bari abagabo b’i Reka. 13  Abahungu ba Kenazi bari Otiniyeli+ na Seraya. Umuhungu* wa Otiniyeli yari Hatati. 14  Meyonotayi yavyaye Ofura. Seraya yavyaye Yowabu se w’ababa i Geharashimu*. Hiswe Geharashimu kuko abahaba bari abanyamyuga b’abahinga. 15  Abahungu ba Kalebu+ mwene Yefune bari Iru, Ela na Nayamu. Umuhungu* wa Ela yari Kenazi. 16  Abahungu ba Yehaleleli bari Zifu, Zifa, Tiriya na Asareli. 17  Abahungu ba Ezira bari Yeteri, Meredi, Eferi na Yaloni. Umugore wiwe* yavyaye Miriyamu, Shamayi na Ishiba se wa Eshitemowa. 18  (Umugore wa Meredi w’Umuyudakazi yavyaye Yeredi se wa Gedori, Heberi se wa Soko na Yekutiyeli se wa Zanowa.) Abo ni bo bahungu Bitiya umukobwa wa Farawo yavyaye. Yari yarongowe na Meredi. 19  Abahungu b’umugore wa Hodiya mushiki wa Nahamu bari aba: se wa Keyila w’i Geremu na se wa Eshitemowa w’i Mayaka. 20  Abahungu ba Shimoni bari Amunoni, Rina, Beni-Hanani na Tiloni. Abahungu ba Ishi bari Zoheti na Beni-Zoheti. 21  Abahungu ba Shela+ mwene Yuda bari Ere se wa Leka, Layada se wa Maresha, hamwe n’abo mu miryango ya Ashibeya bakora ivyo guhingura ibitambara vyiza. 22  Abandi bamukomokako bari Yokimu, abantu b’i Kozeba, Yowasi na Sarafu, bakaba batwaye abagore b’Abanyamowabukazi, hamwe na Yashubi-Lehemu. Ayo mazina yakuwe mu nyandiko za kera*. 23  Bari ababumvyi baba i Netayimu n’i Gedera. Aho ni ho baba, bagakorera umwami. 24  Abahungu ba Simeyoni+ bari Nemuweli, Yamini, Yaribu, Zera na Shawuli+. 25  Shawuli yavyaye Shalumu, Shalumu avyara Mibusamu, Mibusamu avyara Mishima. 26  Abahungu* ba Mishima bari aba: Mishima yavyaye Hamuweli, Hamuweli avyara Zakuri, Zakuri avyara Shimeyi. 27  Shimeyi yari afise abahungu 16 n’abakobwa 6. Mugabo benewabo ntibavyaye abahungu benshi, kandi nta n’umwe mu miryango yabo warimwo abahungu benshi nk’abo mu muryango wa Yuda+. 28  Baba i Beri-Sheba+, i Molada+, i Hazari-Shuwali+ 29  i Biluha, i Esemu+, i Toladi, 30  i Betuweli+, i Horuma+, i Sikulagi+, 31  i Beti-Marikaboti, i Hazari-Susimu+, i Beti-Biri n’i Sharayimu. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo gushika Dawidi atanguye kuganza. 32  Ibindi bisagara babamwo vyari ibi: Etamu, Ayini, Rimoni, Tokeni na Ashani+. Ivyo bisagara vyari bitanu 33  hamwe n’ibigwati vyari irya n’ino yavyo gushika i Bayali. Urwo ni urutonde rwerekana amamuko yabo n’ahantu baba. 34  Hariho kandi Meshobabu, Yamuleki, Yosha umuhungu wa Amaziya, 35  Yoweli, Yehu umuhungu wa Yoshibiya, Yoshibiya wa Seraya, Seraya wa Asiyeli, 36  Eliyowenayi, Yakoba, Yeshohaya, Asaya, Adiyeli, Yesimiyeli, Benaya, 37  Ziza umuhungu wa Shifi, Shifi wa Aloni, Aloni wa Yedaya, Yedaya wa Shimuri, Shimuri wa Shemaya. 38  Abo bavuzwe amazina bari abakuru mu miryango bakomokamwo, kandi imiryango ya ba sekuruza yaragwiriye cane. 39  Nuko baja kurondera aho baragira ibitungwa vyabo, baragenda bashika hafi ya Gedori, mu buseruko bw’umubande. 40  Amaherezo bubura ahantu hari ubwatsi bwinshi kandi butotahaye. Aho hantu hari hagutse, hatekanye, ata kihadurumbanya. Kera habayo abakomoka kuri Hamu+. 41  Abo bantu bavuzwe amazina baje mu gihe ca Hezekiya+ umwami w’Ubuyuda maze batera amahema y’abakomoka kuri Hamu n’Abamewunimu baba muri ako karere. Barabazimanganije ku buryo ata n’umwe agisigaye gushika n’uyu musi. Baciye bigarurira akarere kabo kuko hariyo ubwatsi bwo kuragiramwo ibitungwa vyabo. 42  Hari abagabo 500 bakomoka kuri Simeyoni bagiye ku musozi Seyiri+, barongowe na Pelatiya, Neyariya, Refaya na Uziyeli, bene Ishi. 43  Bica amasigarira y’Abamaleki+ bari barahahungiye, baca babayo gushika n’uyu musi.

Utujambo tw'epfo

Raba akajambo k’epfo mu 1Ng 2:24.
Izina Yabesi rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ry’igiheburayo risigura «umubabaro.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Iryo zina risobanura ngo «umubande w’abanyamyuga b’abahinga.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Uwo mugore ashobora kuba ari Bitiya avugwa ku murongo wa 18.
Canke «ayo makuru ni ayo kuva kera.»
Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura «umwana w’umuhungu», «umwuzukuru» canke «uwukomoka kuri naka.»