Ngoma za mbere 5:1-26

  • Abakomoka kuri Rubeni (1-10)

  • Abakomoka kuri Gadi (11-17)

  • Abahaguri batsindwa (18-22)

  • Igice c’umuryango wa Manase (23-26)

5  Aba ni bo bahungu ba Rubeni+ imfura ya Isirayeli. Rubeni yari imfura ariko uburenganzira bw’imfura bwahawe abahungu ba Yozefu+ mwene Isirayeli kubera ko yahumanije uburiri bwa se+. Ni co gituma mu rutonde rw’imiryango bakomokamwo atanditswe nk’imfura.  Naho Yuda+ yari mukuru muri benewabo kandi akaba ari we yakomotseko indongozi+, uburenganzira bw’imfura bwahawe Yozefu.  Abahungu ba Rubeni imfura ya Isirayeli bari Hanoki, Palu, Hesironi na Karumi+.  Abakomoka kuri Yoweli bari aba: Yoweli yavyaye Shemaya, Shemaya avyara Gogi, Gogi avyara Shimeyi,  Shimeyi avyara Mika, Mika avyara Reyaya, Reyaya avyara Bayali,  Bayali avyara Beyera. Beyera yari umukuru mu Barubeni. Yatwawe mu bunyagano na Tilugati-Piluneseri+ umwami wa Ashuri.  Benewabo na Beyera hisunzwe urutonde rwerekana amamuko y’imiryango yabo bari aba: Yeyeli umukuru, Zakariya,  na Bela umuhungu wa Azazi, Azazi wa Shema, Shema wa Yoweli. Abo mu muryango wa Bela baba mu karere kava i Aroweri+ gushika i Nebo n’i Bayali-Meyoni+.  Kubera ko ibitungwa vyabo vyari vyaragwiriye mu karere ka Gileyadi+, bagiye kuba mu buseruko, baragenda gushika aho ubugaragwa butangurira ku ruzi Efurate+. 10  Ku ntwaro ya Sawuli, bagiye gutera Abahaguri barabatsinda. Baciye bigarurira amahema yabo, bayabamwo muri ako karere kose ko mu buseruko bwa Gileyadi. 11  Abakomoka kuri Gadi baba hafi yabo mu karere ka Bashani gushika i Saleka+. 12  Aho i Bashani umukuru yari Yoweli, uwa kabiri akaba Shafamu. Hariho na Yanayi na Shafati. 13  Benewabo bo mu migwi mikurumikuru igize umuryango* bakomokamwo bari Mikayeli, Meshulamu, Sheba, Yorayi, Yakani, Ziya na Eberi. Bose hamwe bari indwi. 14  Abo bari abahungu ba Abihayili. Abihayili yari umuhungu wa Huri, Huri wa Yarowa, Yarowa wa Gileyadi, Gileyadi wa Mikayeli, Mikayeli wa Yeshishayi, Yeshishayi wa Yahudo, Yahudo wa Buzu. 15  Ahi umuhungu wa Abudiyeli, Abudiyeli wa Guni, yari umukuru w’umugwi wabo, mu muryango bavamwo. 16  Baba mu karere ka Gileyadi+, aka Bashani+ no mu dusagara tuhegukira*, n’ahantu hari uburagiro i Sharoni kugenda gushika iyo bugarukira. 17  Abo bose banditswe hisunzwe urutonde rw’imiryango bakomokamwo. Hari ku ntwaro ya Yotamu+ umwami w’Ubuyuda no ku ya Yerobowamu*+ umwami wa Isirayeli. 18  Mu ngabo z’Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase, harimwo abarwanyi b’intwari 44.760 bitwaza inkinzo n’inkota. Bari bazi gukoresha umuheto* kandi bari bazi kurwana. 19  Barateye Abahaguri+, abakomoka kuri Yeturi, kuri Nafishi+ no kuri Nodabu. 20  Imana yarabafashije batsinda Abahaguri n’abari kumwe na bo bose. Batsinze kubera ko muri iyo ntambara batabaje Imana, na yo yumva ugutabaza kwabo kubera ko bayizigiye+. 21  Barabanyaze ibitungwa. Babanyaze ingamiya 50.000, intama 250.000, n’indogobwa 2.000, bongera bafata abantu 100.000. 22  Bishe abantu benshi kubera ko Imana y’ukuri ari yo yarwana iyo ntambara+. Baciye baba muri ako karere kabo gushika igihe bajanwa mu bunyagano+. 23  Abakomoka ku gice c’umuryango wa Manase+ baba mu karere kava i Bashani kagashika i Bayali-Herumoni n’i Seniri no ku musozi Herumoni+. Bari benshi cane. 24  Aba ni bo bari abakuru* b’imiryango mikurumikuru bavamwo: Eferi, Ishi, Eliyeli, Aziriyeli, Yeremiya, Hodaviya na Yahadiyeli. Bari abarwanyi b’intwari, abagabo ba rurangiranwa, bakaba n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. 25  Mugabo barahemukiye Imana ya ba sekuruza, basenga imana* abantu bo muri ico gihugu basenga+, abo Imana yari yarazimanganije bakabisa Abisirayeli. 26  Nuko Imana ya Isirayeli ituma Puli* umwami wa Ashuri+ (ni ukuvuga Tilugati-Piluneseri+ umwami wa Ashuri) atwara mu bunyagano Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase. Yabajanye i Hala, i Habori, i Hara no hafi y’uruzi Gozani+. Ni yo bakiri gushika n’uyu musi.

Utujambo tw'epfo

Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
Canke «tuhakikuje.»
Ni Yerobowamu wa kabiri.
Mu giheburayo havuga ngo «guhonyora umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
Mu giheburayo havuga ngo «imitwe.»
Canke «bakorana ubumaraya n’imana.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Mu giheburayo havuga ngo «ivyura impwemu ya Puli.»