Ngoma za mbere 7:1-40

  • Abakomoka kuri Isakari (1-5), Benyamini (6-12), Nafutali (13), Manase (14-19), Efurayimu (20-29), na Asheri (30-40)

7  Abahungu ba Isakari bari bane: Tola, Puwa, Yashubu na Shimuroni+.  Abahungu ba Tola bari Uzi, Refaya, Yeriyeli, Yahumayi, Ibusamu na Shemuweli. Bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo. Abakomoka kuri Tola bari abarwanyi b’intwari. Mu gihe ca Dawidi bari 22.600.  Abakomotse kuri Uzi* bari Izurahiya n’abahungu ba Izurahiya ari bo Mikayeli, Obadiya, Yoweli na Ishiya. Bose uko ari batanu bari abakuru.  Mu babakomokako hakurikijwe imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo, hari abasoda 36.000 bashobora kuja mu rugamba, kuko bari bafise abagore benshi n’abahungu benshi.  Benewabo bo mu yindi miryango ya Isakari bari abarwanyi b’intwari. Igitigiri cabo bose hisunzwe urutonde rwerekana amamuko yabo cari 87.000+.  Abahungu ba Benyamini+ bari batatu: Bela+, Bekeri+ na Yediyayeli+.  Abahungu ba Bela bari batanu: Esiboni, Uzi, Uziyeli, Yerimoti na Iri. Bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo bakaba n’abarwanyi b’intwari. Ku rutonde rwerekana amamuko yabo hari handitswe abarwanyi 22.034+.  Abahungu ba Bekeri bari Zemira, Yowasi, Eliyezeri, Eliyowenayi, Omuri, Yeremoti, Abiya, Anatoti na Alemeti. Abo bose bari abahungu ba Bekeri.  Ku rutonde rwerekana abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango hamwe n’ababakomokako, hari handitswe abarwanyi b’intwari 20.200. 10  Abahungu ba Yediyayeli+ bari: Biluhani n’abahungu ba Biluhani ari bo Yushi, Benyamini, Ehudi, Kenayana, Zetani, Tarushishi na Ahishahari. 11  Abo ni bo bakomoka kuri Yediyayeli hakurikijwe urutonde rw’abakuru b’imiryango mikurumikuru bavamwo. Muri bo hari abarwanyi b’intwari 17.200 biteguriye kuja ku rugamba. 12  Abashupimu n’Abahupimu bakomoka kuri Ire*+, Abahushimu na bo bakomoka kuri Aheri*. 13  Abahungu ba Nafutali+ bari Yahiziyeli, Guni, Yezeri na Shalumu. Bakomoka kuri Biluha*+. 14  Aba ni bo bahungu ba Manase+: umwe yitwa Asiriyeli, yavyawe n’incoreke yiwe y’Umusiriyakazi. (Iyo ncoreke yavyaye Makiri+ se wa Gileyadi. 15  Makiri aronderera umugore Hupimu amuronderera na Shupimu. Mushiki wabo yitwa Mayaka.) Uwa kabiri yitwa Zelofehadi+, mugabo Zelofehadi yavyaye abakobwa gusa+. 16  Mayaka muka Makiri yavyaye umuhungu amwita Pereshi. Mwenewabo na Pereshi yitwa Shereshi. Abahungu biwe bari Ulamu na Rekemu. 17  Umuhungu* wa Ulamu yari Bedani. Abo ni bo bari abahungu ba Gileyadi, Gileyadi wa Makiri, Makiri wa Manase. 18  Mushiki wa Gileyadi yitwa Hamoleketi. Yavyaye Ishihodi, Abiyezeri na Mahila. 19  Abahungu ba Shemida bari Ahiyani, Shekemu, Likuhi na Aniyamu. 20  Abahungu ba Efurayimu+ bari aba: Efurayimu yavyaye Shutela+, Shutela avyara Beredi, Beredi avyara Tahati, Tahati avyara Eleyada, Eleyada avyara Tahati, 21  Tahati avyara Zabadi, Zabadi avyara Shutela. Efurayimu yavyaye na Ezeri na Eleyadi. Abagabo b’i Gati+ bavukiye muri ico gihugu barishe Ezeri na Eleyadi kuko bari baje kubiba ibitungwa. 22  Se Efurayimu yamaze imisi myinshi abagandariye, benewabo bakaguma baza kumuhoza. 23  Mu nyuma aryamana n’umugore wiwe aribungenga maze avyara umuhungu. Yaciye amwita Beriya* kuko mu rugo iwe hari ivyago igihe uwo mugore yibaruka. 24  Umukobwa wiwe yitwa Sheyera akaba ari we yubatse Beti-Horoni y’Epfo+ n’iya Ruguru+, yubaka na Uzeni-Sheyera. 25  Abandi bakomotse kuri Efurayimu bari Refa na Reshefu. Reshefu yavyaye Tela, Tela avyara Tahani, 26  Tahani avyara Ladani, Ladani avyara Amihudi, Amihudi avyara Elishama, 27  Elishama avyara Nuni, Nuni avyara Yosuwa*+. 28  Ibisagara Abefurayimu bahawe ngo babibemwo vyari ibi: Beteli+ n’udusagara tuhegukira*, Narani mu buseruko, Gezeri mu burengero n’udusagara tuhegukira, Shekemu n’udusagara tuhegukira gushika i Aya* n’udusagara tuhegukira. 29  Hafi y’akarere k’abakomoka kuri Manase, Abefurayimu bahawe Beti-Sheyani+ n’udusagara tuhegukira, Tanaki+ n’udusagara tuhegukira, Megido+ n’udusagara tuhegukira na Dori+ n’udusagara tuhegukira. Aho ni ho haba abakomoka kuri Yozefu umuhungu wa Isirayeli. 30  Abahungu ba Asheri bari Imuna, Ishiva, Ishivi na Beriya+. Mushiki wabo yitwa Sera+. 31  Abahungu ba Beriya bari Heberi na Malikiyeli se wa Berizayiti. 32  Heberi yavyaye Yafuleti, Shomeri, Hotamu, na mushiki wabo Shuwa. 33  Abahungu ba Yafuleti bari Pasaki, Bimuhali na Ashuvati. Abo ni bo bari abahungu ba Yafuleti. 34  Abahungu ba Shemeri* bari Ahi, Rohuga, Yehuba na Aramu. 35  Abahungu ba mwenewabo Helemu* bari Sofa, Imuna, Sheleshi na Amali. 36  Abahungu ba Sofa bari Suwa, Harineferi, Shuwali, Beri, Imura, 37  Bezeri, Hodi, Shama, Shilusha, Itirani na Beyera. 38  Abahungu ba Yeteri bari Yefune, Pisipa na Ara. 39  Abahungu ba Ula bari Ara, Haniyeli na Risiya. 40  Abo bose bari abahungu ba Asheri. Bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo, abagabo batowe, abarwanyi b’intwari n’abakurubakuru mu ntwazangabo. Hisunzwe urutonde rw’amamuko yabo+, bari bafise igitigiri c’abasoda 26.000+ bashobora kuja mu rugamba.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «abahungu ba Uzi.»
Mu giheburayo havuga ngo «bari abahungu ba Aheri.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Hupimu na Shupimu bari abahungu ba Ire.»
Mu giheburayo havuga ngo «bari abahungu ba Biluha.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Iryo zina risobanura ngo «mu vyago.»
Canke «Yehoshuwa.» Iryo zina risobanura ngo «Yehova arakiza.»
Canke «tuhakikuje.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Gaza.» Ariko si Gaza yo mu Bafilisitiya.
Ku murongo wa 32 yitwa Shomeri.
Ashobora kuba ari Hotamu avugwa ku murongo wa 32.