Samweli wa mbere 19:1-24

  • Sawuli abandanya kwanka Dawidi (1-13)

  • Dawidi ahunga Sawuli (14-24)

19  Mu nyuma Sawuli abwira umuhungu wiwe Yonatani n’abasuku biwe bose umugambi afise wo kwica Dawidi+.  Kubera ko Yonatani umuhungu wa Sawuli yakunda cane Dawidi+, amubwira ati: «Dawe Sawuli ashaka kukwicisha. Ndagusavye uzobe maso ejo mu gitondo. Uzorabe ahantu winyegeza, ugumeyo.  Nzojana na dawe gutembera hafi y’aho uzoba uri, nyage na we ibikwerekeye. Nihagira ico menya sinzobura kubikubwira+  Yonatani rero avugira Dawidi+ kuri se Sawuli, amubwira ati: «Mwami wanje, ntukorere ikibi* umusuku wawe Dawidi, kuko na we ata kibi yagukoreye. Ivyo yagukoreye vyarakugiriye akamaro.  Yarashize ubuzima bwiwe mu kaga* yica wa Mufilisitiya+, bituma Yehova aha intsinzi* ikomeye Isirayeli yose. Warabibonye uranezerwa. Kubera iki none wocumura mu gusesa amaraso y’intungane, ukicisha Dawidi ata co umuhoye+  Sawuli yumvira Yonatani maze amubwira ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, Dawidi ntazokwicwa.»  Mu nyuma Yonatani ahamagara Dawidi amubwira ivyo vyose. Yonatani aca amujana kwa Sawuli, abandanya kumukorera nka mbere+.  Mu nyuma intambara yongera kwaduka maze Dawidi aja kurwana n’Abafilisitiya. Arabica arabamara, barata barahunga.  Umusi umwe Yehova arareka ivyiyumviro bibi biza mu mutima wa Sawuli*+ igihe yari yicaye mu nzu iwe, afashe icumu mu kuboko. Dawidi na we yariko avuza inanga+. 10  Sawuli amutera icumu kugira amutobekeranye n’uruhome, mugabo Dawidi arazibukira, iryo cumu ryinjira mu ruhome. Muri iryo joro Dawidi aca arahunga. 11  Mu nyuma Sawuli arungika abantu ku nzu ya Dawidi ngo bamurereke maze bamwice mu gitondo+. Mugabo umugore wiwe Mikali amubwira ati: «Ejo uzopfa nutahunga muri iri joro.» 12  Ubwo nyene Mikali yururutsa Dawidi amucishije mw’idirisha kugira ngo ahunge, anyage amagara. 13  Maze Mikali afata ikigirwamana c’umuryango* agishira ku buriri. Ku mutwe na ho ahashira agahuzu kajishe mu bwoya bw’impene, araheza agipfuka impuzu. 14  Intumwa za Sawuli zije gufata Dawidi, Mikali azibwira ati: «Ararwaye.» 15  Sawuli aca asubira kurungika izo ntumwa kwa Dawidi, azibwira ati: «Nimumuterurane n’uburiri, mumunzanire kugira ngo yicwe+ 16  Nya ntumwa zihashitse zisanga ku buriri hari ca kigirwamana c’umuryango*, ku mutwe hari agahuzu kajishe mu bwoya bw’impene. 17  Sawuli aca abwira Mikali ati: «Kubera iki wampenze gutyo, ukareka umwansi wanje+ agahunga?» Mikali amwishura ati: «Yambwiye ngo aranyica nintamureka ngo agende.» 18  Nuko Dawidi arahunga arayanyaga, aja kwa Samweli i Rama+. Amwiganira ivyo Sawuli yamukoreye vyose. Dawidi na Samweli baca baja i Nayoti+ bagumayo. 19  Mu nyuma bamenyesha Sawuli ko Dawidi ari i Nayoti mu gisagara ca Rama. 20  Sawuli aca atuma intumwa gufata Dawidi. Zibonye abahanuzi bitereye mu myaka bariko baravuga ubuhanuzi bahagarikiwe na Samweli, impwemu y’Imana ica iza kuri izo ntumwa za Sawuli, na zo nyene zitangura kwigenza nk’abahanuzi. 21  Babibwiye Sawuli, ubwo nyene aca arungika izindi ntumwa, na zo nyene zitangura kwigenza nk’abahanuzi. Araheza arungika umugwi ugira gatatu w’intumwa, na zo nyene zitangura kwigenza nk’abahanuzi. 22  Sawuli araheba arahaguruka aja i Rama. Ashitse kw’itangi rinini riri ahitwa Seku, abaza ati: «Samweli na Dawidi bari hehe?» Bamwishura bati: «Bari hariya i Nayoti+ mu gisagara ca Rama.» 23  Ariko araja i Nayoti, na we nyene impwemu y’Imana imuzako, atangura kwigenza nk’umuhanuzi gushika ashitse i Nayoti mu gisagara ca Rama. 24  Na we nyene yambura impuzu yigenza nk’umuhanuzi imbere ya Samweli nk’abandi bose. Aguma ng’aho umurango wose n’ijoro ryose yambaye ubusa*. Ni co gituma bavuga ngo: «Sawuli yakabaye na we nyene ari umuhanuzi+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «igicumuro.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu kiganza ciwe.»
Canke «ubukiriro.»
Mu giheburayo havuga ngo «impwemu mbi ivuye kuri Yehova iza kuri Sawuli.»
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Canke «ari nk’aho ari gusa.»