Samweli wa mbere 4:1-22

  • Abafilisitiya bafata isandugu (1-11)

  • Eli n’abahungu biwe bapfa (12-22)

4  Samweli abandanya kubwira Abisirayeli bose ijambo rivuye ku Mana. Maze Abisirayeli baja kurwana n’Abafilisitiya. Bakambika hafi y’i Ebenezeri, Abafilisitiya na bo bakambika i Afeki.  Nuko Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwane n’Abisirayeli, mugabo urugamba rugendera nabi Abisirayeli, baratsindwa. Abafilisitiya bica abagabo nka 4.000 mu bari ku rubuga rw’intambara.  Ingabo zisubiye kw’ikambi, abashingantahe bo muri Isirayeli bavuga bati: «Kubera iki uyu musi Yehova yaretse Abafilisitiya bakadutsinda*+? Reka tuje i Shilo dutore isandugu y’isezerano rya Yehova tuyizane+, idukize abansi bacu.»  Nuko abantu barungika i Shilo abaja gutora isandugu y’isezerano rya Yehova Nyeningabo, umwe yicaye ku ntebe y’ubwami hejuru* y’abakerubi+. Ba bahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, baza bazananye n’iyo sandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.  Isandugu y’isezerano rya Yehova ikimara gushika mw’ikambi, Abisirayeli bose biha akaruru gakomeye, ku buryo isi inyiganyiga.  Abafilisitiya bumvise ako karuru, babazanya bati: «Ako karuru gakomeye kari mw’ikambi y’Abaheburayo ni ak’iki?» Barahava bamenya yuko isandugu ya Yehova yashitse mw’ikambi.  Abafilisitiya bagira ubwoba, kuko bavuga bati: «Imana yashitse mw’ikambi+!» Bibwira rero bati: «Turagowe kuko ata kintu nk’iki cari bwigere kiba.  Turagowe! Ni nde adukiza iyo Mana ikomeye? Iyo ni ya Mana yateza ivyago Misiri, inganda zigatikira mu bugaragwa+.  Ntimugire ubwoba, yemwe Bafilisitiya. Nimube abagabo kugira Abaheburayo ntibatuganze nk’uko natwe twabaganje+. Nimube abagabo, murwane!» 10  Nuko Abafilisitiya barwana n’Abisirayeli, barabatsinda+. Abisirayeli barahunga, umwe wese aja iwe. Inganda ziratikira, hapfa abasoda b’Abisirayeli 30.000. 11  Isandugu y’Imana na yo irafatwa, na ba bahungu babiri ba Eli, Hofuni na Finehasi, barapfa+. 12  Umugabo umwe w’Umubenyamini ava ahariko habera urugamba yiruka, ashika i Shilo uwo musi nyene. Yari yitaburiyeko impuzu, yisutseko n’ivu ku mutwe*+. 13  Eli yari yicaye ku ntebe iruhande y’ibarabara, areretse. Yari ahagaritse umutima cane kubera isandugu y’Imana y’ukuri+. Wa mugabo ashitse, yinjira mu gisagara kumenyesha iyo nkuru, maze igisagara cose gitangura kuboroga. 14  Eli yumvise ayo maborogo, abaza ati: «Urwo rwamo ni urw’iki?» Nya mugabo aca aranyaragasa aja kumenyesha Eli iyo nkuru. 15  (Eli yari afise imyaka 98. Amaso yiwe yari yarahumye, atakibona+.) 16  Nya mugabo abwira Eli ati: «Ni jewe mvuye aho urugamba rwariko rurabera. Navuyeyo uyu musi nyene mpunze.» Eli aca amubaza ati: «Vyagenze gute ga mwananje?» 17  Uwo muntu yari azanye inkuru amwishura ati: «Abisirayeli bahunze Abafilisitiya kandi batsinzwe bimwe bikomeye+. Ba bahungu bawe babiri Hofuni na Finehasi na bo nyene bapfuye+, n’isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe+ 18  Akivuga isandugu y’Imana y’ukuri, Eli aca agwa agaramye avuye kuri ya ntebe yari yicayeko iruhande y’irembo ry’igisagara. Avunika izosi aca arapfa kuko yari ashaje kandi yiremereye. Yari amaze imyaka 40 ari umucamanza muri Isirayeli. 19  Umukazana wiwe, umugore wa Finehasi, yari yibungenze ari mu kwibaruka. Yumvise ko isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe be n’uko sebukwe n’umugabo wiwe bapfuye, aca arunama kubera ububabare. Ibise bimufata giturumbuka, aribaruka. 20  Maze agira apfe, abagore bari iruhande yiwe bamubwira bati: «Ntugire ubwoba kuko uvyaye umuhungu.» Mugabo ntiyabishura kandi ntiyavyitaho*. 21  Uwo muhungu amwita Ikabodi*+, avuga ati: «Ubuninahazwa bwavuye kuri Isirayeli buja mu bunyagano+.» Yavuze gutyo kubera isandugu y’Imana y’ukuri yari yafashwe no kubera sebukwe n’umugabo wiwe bari bapfuye+. 22  Yavuze ati: «Ubuninahazwa bwavuye kuri Isirayeli buja mu bunyagano, kuko isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «kubera iki Yehova yadutsinze uyu musi imbere y’Abafilisitiya?»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «hagati.»
Babigira kugira berekane intuntu nyinshi.
Canke «ntiyabishirako umutima.»
Iryo zina risobanura ngo «ubuninahazwa buri he?»