Abakorinto ba kabiri 3:1-18

  • Amakete adushimagiza (1-3)

  • Abasuku b’isezerano rishasha (4-6)

  • Ubuninahazwa buhebuje bw’isezerano rishasha (7-18)

3  Mbega twongere kwimenyekanisha kuri mwebwe? Canke twoba dukeneye, nk’abantu bamwebamwe, amakete adushimagiza kuri mwebwe canke avuye iwanyu?  Mwebwe ubwanyu muri ikete ryacu+ ryanditswe ku mitima yacu, rizwi kandi risomwa n’abantu bose.  Kuko bigaragara neza ko muri ikete rya Kristu ryanditswe na twebwe abasuku+. Ntiryandikishijwe irangi, ahubwo ryandikishijwe impwemu y’Imana nzima. Ntiryanditswe ku bisate vy’amabuye+, ahubwo ryanditswe ku mitima*+.  Ivyo turavyemeza neza imbere y’Imana biciye kuri Kristu.  Kuba dukwije neza ibisabwa si kubera ubushobozi bwacu, ahubwo Imana ni yo ituma dukwiza neza ibisabwa+.  Ni yo yatumye dukwiza neza ibisabwa vyo kuba abasuku b’isezerano rishasha+, atari ab’amategeko yanditse+ ahubwo ab’impwemu. Kuko ya mategeko yanditse acira umuntu urwo gupfa+, mugabo impwemu igatuma umuntu aba muzima+.  Ayo mategeko ashikana ku rupfu kandi yanditswe* ku mabuye+, yazananye ubuninahazwa buhebuje ku buryo Abisirayeli batashobora kwitegereza mu maso ha Musa kubera hasayangana ubuninahazwa+, kandi ubwo buninahazwa bwokuweho.  Ko ari ukwo biri none, kubera iki inzira impwemu itangwamwo+ itogira ubuninahazwa buhebuje kuruta+?  Kuko nimba ya mategeko atuma abantu batsindwa n’urubanza+ yari afise ubuninahazwa+, wumva inzira bicamwo kugira abantu bitwe abagororotsi+, idafise ubuninahazwa buhebuje? 10  Mbere n’icari carigeze guhabwa ubuninahazwa carabwambuwe kubera haje ubundi buninahazwa bukirengeye+. 11  Kuko nimba icategerezwa gukurwaho cazananye ubuninahazwa+, ese ukuntu icogumyeho corushirije kugira ubuninahazwa bwinshi+. 12  Ko rero dufise mwene ico cizigiro+, turavugana umwidegemvyo mwinshi. 13  Ntitugira nka bimwe Musa yagize igihe yitwikira igitambara mu maso+, kugira ngo Abisirayeli ntibitegereze iherezo rya kimwe cabwirizwa gukurwaho. 14  Ariko ubwenge bwabo nta co bwashobora gutahura+. Gushika n’uyu musi ca gitambara kigumaho igihe cose isezerano rya kera ririko rirasomwa+, kubera ko ico gitambara gikurwaho biciye gusa kuri Kristu+. 15  Emwe gushika n’uyu musi, igihe cose ivyanditswe na Musa bisomwe+, igitambara kiguma ku mitima yabo+. 16  Mugabo hagize uwugaruka kuri Yehova*, ico gitambara kirakurwaho+. 17  Yehova* ni Impwemu+, kandi aho impwemu ya Yehova* iri, ni ho hari umwidegemvyo+. 18  Twese abadafise igitambara mu maso tumeze nk’ivyirore vyerekana ubuninahazwa bwa Yehova*. Turahindurwa tukagira ishusho nk’iy’Imana, tukerekana ubuninahazwa bugenda burushiriza kwongerekana*, neza na neza nk’uko Yehova* we Mpwemu* abishaka+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «ku bisate vy’inyama, ku mitima.»
Canke «yasaruwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «tukava mu buninahazwa tukaja mu buninahazwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «impwemu ya Yehova.»