Abakorinto ba kabiri 4:1-18
4 Ko rero dufise ico gikorwa tubikesheje imbabazi twagiriwe, ntidutana n’akabando.
2 Mugabo twaranse ibintu biteye isoni bikorerwa mu kinyegero, twanka gukorana urwenge canke kujoborora ijambo ry’Imana+. Ahubwo riho turashira ahabona ukuri, tukabera akarorero keza ijwi ryo mu mutima ry’umuntu wese imbere y’Imana+.
3 Nimba vy’ukuri inkuru nziza tumenyesha itwikiriwe, itwikiriwe mu bariko baja mu mahonero,
4 bamwe batemera. Imana y’iyi si*+ yarahumye ubwenge bwabo+ kugira ngo umuco* wa ya nkuru nziza y’ubuninahazwa yerekeye Kristu, we shusho y’Imana+, ntumene ngo ubashikire+.
5 Kuko tutiyamamaza ubwacu, ahubwo twamamaza ko Yezu Kristu ari Umukama, natwe ko turi abashumba banyu ku bwa Yezu.
6 Nakare Imana ni yo yavuze iti: «Umuco nukayangane mu mwiza+.» Yakayanganiye imitima yacu ngo iyimurikire+ ikoresheje ubumenyi bw’agatangaza bw’Imana bukayanganira mu maso ha Kristu.
7 Ariko dufise iryo tunga+ mu nkono z’ibumba*+, ngo ububasha burengeye ubusanzwe bube ubw’Imana, ntibube ubuva kuri twebwe+.
8 Turatunatunwa mu buryo bwose mugabo ntitubura isaganirizo. Turazazanirwa mugabo ntitubura rwose uko tubigenza*+.
9 Turahamwa mugabo ntiduhebwa+. Turakubitwa hasi mugabo ntidutikira+.
10 Twama twihanganira urupfu rwa Yezu* mu mubiri wacu+, ngo ubuzima bwa Yezu na bwo bubonekere mu mubiri wacu.
11 Kuko twebwe abariho twama dushirwa imbere y’urupfu+ ku bwa Yezu, ngo ubuzima bwa Yezu na bwo bubonekere mu mubiri wacu upfa.
12 Urupfu rero rukorera muri twebwe, ariko ubuzima bugakorera muri mwebwe.
13 Dufise umutima wizera* nk’umwe uvugwa mu vyanditswe ngo: «Narizeye, ni co gituma navuze+.» Natwe rero turizera, ni co gituma tuvuga.
14 Tubigira kubera yuko tuzi ko Umwe yazura Yezu, na twebwe azotuzura hamwe na Yezu, akadushikiriza twe namwe imbere yiwe+.
15 Kuko ivyo bintu vyose bihari ku bwanyu, kugira ngo ukugwira kw’ubuntu buhebuje* kurushirize kwongerekana kubera abandi bantu benshi bariko barakengurukira Imana, bitume ininahazwa+.
16 Ni co gituma tudatana n’akabando. Ahubwo naho umuntu wacu wo ku rukoba ariko arashira, mu vy’ukuri umuntu wacu w’imbere aguma agirwa mushasha ku musi ku musi.
17 Kuko naho amakuba* ari ay’akanya gato kandi akaba ahwahutse, atuzanira ubuninahazwa bukomeye* burushiriza kuba ubw’agatangaza kandi bw’ibihe bidahera+.
18 Ntitugumiza rero amaso ku biboneka, ahubwo tuyagumiza ku bitaboneka+. Kuko ibiboneka ari ivy’igihe gito, mugabo ibitaboneka bikaba ivy’ibihe bidahera.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «y’iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
^ Canke «ugukayangana.»
^ Canke «mu vyombo vy’ivu.»
^ Canke «ntitubura icanzo.» Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntitwihebura.»
^ Biboneka ko urwo rupfu rusobanura imibabaro yashikiye Yezu n’akaga k’urupfu kari kamuhanze.
^ Mu kigiriki havuga ngo «impwemu y’ukwizera.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ibigeragezo.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «buremereye.»