Abami ba kabiri 11:1-21

  • Ataliya yiha ubutegetsi (1-3)

  • Yehowasi yimikwa mu mpisho (4-12)

  • Ataliya yicwa (13-16)

  • Ibintu Yehoyada yahinduye (17-21)

11  Nuko Ataliya+ nyina wa Ahaziya abonye ko umuhungu wiwe yapfuye+, aca ava hasi ahonya abo mu nda y’ingoma bose*+.  Ariko Yehosheba umukobwa w’umwami Yehoramu, akaba na mushiki wa Ahaziya, atora mu mpisho* Yehowasi+ mwene Ahaziya, amukura mu bahungu b’umwami bagira bicwe. Aja kumunyegeza we n’umurezi wiwe mu cumba kimwe. Baguma banyegeje uwo muhungu ku buryo Ataliya atashoboye kumubona ngo amwice.  Yehowasi agumana na we imyaka itandatu binyegeje mu nzu ya Yehova. Ataliya ni we yaganza igihugu.  Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada atumako abakuru b’abasoda 100 ngo baze ku nzu ya Yehova. Abo bakuru bari abo mu ngabo zirinda umwami* no mu ngabo zirinda ikirimba*+. Bashitse ku nzu ya Yehova, agirana na bo isezerano yongera arabarahiza, hanyuma abereka umuhungu w’umwami+.  Maze abategeka ati: «Uku ni ko muzokora: ingabo zizoba zakoze kw’isabato zizoba ziri mu migwi itatu. Umugwi wa mbere uzocungera cane inzu* y’umwami+.  Umugwi ugira kabiri uzoba uri kw’irembo ry’umushinge, uwa gatatu na wo kw’irembo riri inyuma y’aho abarinzi bo ku kirimba bahagarara. Muzoza murakurakuranwa mu kurinda iyo nzu*.  Abari mu migwi yanyu ibiri itazoba yakoze kw’isabato baze bacungere neza inzu ya Yehova kugira bakingire umwami.  Muze mukikuze umwami impande zose, umwe wese afise ibirwanisho vyiwe mu kuboko. Uwuzogerageza kubinjiramwo wese azoce yicwa. Muze mugumane n’umwami aho azoba agiye hose*  Ba bakuru b’abasoda 100+ bakora nk’uko nyene umuherezi Yehoyada abategetse. Nuko umwe wese muri bo aja ku muherezi Yehoyada+ ari kumwe n’abo atwara, ni ukuvuga abakoze kw’isabato n’abatakoze. 10  Uwo muherezi aca aha abo bakuru b’abasoda 100 amacumu n’inkinzo z’umuzingi vyahora ari ivy’umwami Dawidi, bikaba vyari bibitse mu nzu ya Yehova. 11  Maze abo mu ngabo zirinda ikirimba+ bahagarara mu bibanza vyabo irya n’ino y’umwami, umwe wese afise ibirwanisho vyiwe mu maboko. Bari bahagaze kuva ku ruhande rw’iburyo rw’inzu y’Imana gushika ku rw’ibubamfu, iruhande y’igicaniro+ n’iruhande y’iyo nzu. 12  Yehoyada aca asohokana umuhungu w’umwami+, amwambika urugori ku mutwe, ashirako n’umuzingo urimwo amabwirizwa y’Imana*+. Nuko baramwimika aba umwami, bamurobanuza amavuta*. Baca bakoma amashi bavuga bati: «Umwami nahangame+ 13  Ataliya yumvise urwamo rw’abantu bariko biruka, aca aja iyo bari ku nzu ya Yehova+. 14  Ahashitse abona umwami ahagaze iruhande y’inkingi, nk’uko vyari bisanzwe bigirwa+. Abakuru n’abavuza inzumbete+ bari iruhande y’umwami. Abanyagihugu bose na bo bariko bavuza inzumbete banezerewe. Ataliya aca yitaburirako impuzu, maze asemerera ati: «Ubwo ni ubugarariji! Ni ubugarariji!» 15  Ba bakuru batwara abasoda 100+ bari bahawe kuraba ingabo zari ng’aho. Nuko umuherezi Yehoyada abategeka ati: «Nimumusohore mumukure aho ingabo zitonze. Uwumushigikira* wese muce mumwicisha inkota!» Ivyo yabivuze kubera yari yababwiye ngo ntibamwicire mu nzu ya Yehova. 16  Baca baramufata baramujana. Bashitse ku kirimba*+ aho amafarasi yinjirira, bamwiciraho. 17  Maze biciye kuri Yehoyada, hagirwa isezerano hagati ya Yehova, umwami n’abantu+. Basezerana ko bazoguma ari abantu ba Yehova. Hagirwa n’irindi sezerano biciye kuri we hagati y’umwami n’abantu+. 18  Abanyagihugu bose baca baja ku rusengero* rwa Bayali basiturira hasi ibicaniro vyayo+, bamenagura n’ibishusho vyayo babigira ubunywenywe+. Matani umuherezi wa Bayali na we bamwicira+ imbere y’ivyo bicaniro. Umuherezi Yehoyada araheza agena abahagarikizi bo ku nzu ya Yehova+. 19  Maze akoranya abakuru batwara abasoda 100+, ingabo zirinda umwami*, ingabo zirinda ikirimba+ n’abanyagihugu bose, ngo baherekeze umwami bamukuye ku nzu ya Yehova. Bamushikana ku kirimba baciye mw’irembo ry’ingabo zirinda ikirimba. Araheza yicara ku ntebe abami bicarako+. 20  Abanyagihugu bose baranezerwa, igisagara na co kigira amahoro kuko Ataliya yari yapfuye. Bamwicishije inkota hafi y’ikirimba. 21  Yehowasi+ yari afise imyaka indwi igihe yatangura kuganza+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rwose rw’ubwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «yiba.»
Mu giheburayo havuga ngo «bari Abakariya.»
Mu giheburayo havuga ngo «no mu birutsi.»
Canke «ikirimba.»
Canke «urusengero.»
Mu giheburayo havuga ngo «igihe asohotse n’igihe yinjiye.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «amushirako na ca cabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwumukurikira.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu y’umwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «Abakariya.»