Abami ba kabiri 13:1-25

  • Yehowahazi, umwami wa Isirayeli (1-9)

  • Yehowasi, umwami wa Isirayeli (10-13)

  • Elisha ageza umwete wa Yehowasi (14-19)

  • Elisha apfa, amagufa yiwe akazura umuntu (20, 21)

  • Ubuhanuzi bwa nyuma bwa Elisha buranguka (22-25)

13  Mu mwaka ugira 23 Yehowasi+ mwene Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Yehowahazi mwene Yehu+ yaba umwami wa Isirayeli i Samariya. Yaganje imyaka 17.  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, abandanya gukora na ca gicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. Ntiyagihevye.  Yehova aca ashavurira cane Abisirayeli+, maze atuma bamara imyaka myinshi batsindwa na Hazayeli+ umwami wa Siriya n’umuhungu wiwe Beni-Hadadi+.  Yehowahazi arateba atakambira Yehova, maze Yehova aramwumviriza kuko yabonye ingene umwami wa Siriya yacinyiza Abisirayeli+.  Nuko Yehova aha Abisirayeli uwubakiza+ agacinyizo k’Abasiriya, baraheza basubira kuba mu nzu zabo nka kera*.  (Ariko ntibahevye igicumuro c’abo mu muryango wa Yerobowamu, ico Yerobowamu yatumye Abisirayeli bakora+. Bagumye bagikora*, kandi na ya nkingi nyeranda y’igiti*+ yagumye ihagaze i Samariya.)  Yehowahazi yari asigaranye gusa ingabo zigizwe n’abasoda 50 barwanira ku mafarasi, imikogote 10 n’abasoda 10.000 barwanira hasi. Abandi bose umwami wa Siriya yari yarabahoneje+, abahonyanga nk’umukungugu bahonyanga igihe bakubita intete+.  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehowahazi, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose n’ububasha yerekanye, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.  Maze Yehowahazi arapfa, bamuhamba i Samariya+. Umuhungu wiwe Yehowasi aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 10  Yehowasi+ mwene Yehowahazi yabaye umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira 37 umwami Yehowasi w’Ubuyuda aganza. Yamaze imyaka 16 aganza. 11  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, ntiyaheba vya bicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. Yagumye abikora*. 12  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehowasi, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, ububasha yerekanye n’intambara yarwanye na Amaziya umwami w’Ubuyuda+, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 13  Maze Yehowasi arapfa, Yerobowamu*+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. Nayo Yehowasi bamuhamba i Samariya hamwe n’abami ba Isirayeli+. 14  Igihe Elisha+ yarwara indwara yahavuye imuhitana, Yehowasi umwami wa Isirayeli yaraje kumuraba, atangura kumuririra avuga ati: «Dawe, dawe, umukogote wa Isirayeli n’abagendera ku mafarasi ba Isirayeli*+ 15  Elisha aca amubwira ati: «Zana umuheto n’imyampi.» Nuko arabizana. 16  Elisha yongera kubwira umwami wa Isirayeli ati: «Tora uwo muheto.» Nuko arawutora. Maze Elisha ashira amaboko yiwe ku maboko y’umwami. 17  Aca abwira umwami wa Isirayeli ati: «Ugurura idirisha riherereye mu buseruko.» Araryugurura. Maze Elisha amubwira ati: «Fora urase!» Nuko ararasa. Elisha aca avuga ati: «Uwo ni umwampi wa Yehova w’intsinzi*, umwampi wo gutsinda* Siriya! Uzotsindira Abasiriya i Afeki+, ubahonye.» 18  Yongerako ati: «Tora imyampi.» Arayitora. Elisha aca abwira umwami wa Isirayeli ati: «Kubita hasi.» Nuko akubita hasi incuro zitatu, aca arahagarika. 19  Uwo muntu w’Imana aca aramushavurira, amubwira ati: «Wari gukubita hasi incuro zitanu canke zitandatu! Ni ho wotsinze Abasiriya ukabahonya, none ehe raba, uzobatsinda gatatu gusa+ 20  Inyuma y’ivyo, Elisha arapfa hanyuma baramuhamba. Mu ntango z’umwaka*, hari utugwi tw’abambuzi tw’Abanyamowabu+ twama dutera muri Isirayeli. 21  Umusi umwe abantu bariko barahamba umuntu, baja babona akagwi k’abambuzi. Ubwo nyene baca baterera ikiziga c’uwo muntu mu mva ya Elisha, bariruka. Ico kiziga gikoze ku magufa ya Elisha, uwo muntu aca asubira kuba muzima+, arahagarara. 22  Hazayeli+ umwami wa Siriya yagumye acinyiza Abisirayeli+ mu kiringo cose Yehowahazi yamaze aganza. 23  Ariko Yehova abagirira ubuntu n’imbabazi+, asubira kubitwararika kubera isezerano yagiranye na Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+. Ntiyashatse kubahonya, kandi gushika n’ubu ntiyabigije kure yiwe ngo abahebe. 24  Hazayeli umwami wa Siriya amaze gupfa, umuhungu wiwe Beni-Hadadi yaciye atangura kuganza mu kibanza ciwe. 25  Nuko Yehowasi mwene Yehowahazi yaka Beni-Hadadi ibisagara se Hazayeli yari yaratwaye Yehowahazi igihe barwana. Yehowasi yatsinze Beni-Hadadi incuro zitatu+, maze agaruza ivyo bisagara vya Isirayeli.

Utujambo tw'epfo

Bisobanura ko basubiye kuba mu mahoro no mu mutekano.
Mu giheburayo havuga ngo «yakigendeyemwo.»
Mu giheburayo havuga ngo «yabigendeyemwo.»
Ni Yerobowamu wa kabiri.
Yehowasi ashobora kuba yariko asaba gutabarwa n’Imana canke abayiserukira.
Canke «w’ubukiriro.»
Canke «wo kubakiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «umwaka uje.» Hashobora kuba hari mu kwezi kw’Abisirayeli kwitwa Abibu (Nisani). Raba Inyongera ya B15.