Abami ba kabiri 14:1-29

  • Amaziya, umwami w’Ubuyuda (1-6)

  • Amaziya arwana n’Abanyedomu. Arwana n’Abisirayeli (7-14)

  • Urupfu rwa Yehowasi, umwami wa Isirayeli (15, 16)

  • Urupfu rwa Amaziya (17-22)

  • Yerobowamu wa kabiri, umwami wa Isirayeli (23-29)

14  Amaziya mwene Yehowasi+ umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira kabiri Yehowasi mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli aganza.  Amaziya yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza maze amara imyaka 29 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yehowadini, akaba yava i Yeruzalemu+.  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse, ariko ntiyashikiriye sekuruza Dawidi+. Yakoze nk’ivyo se Yehowasi yakoze vyose+.  Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+. Abantu bari bakihashikanira ibimazi, bigafumba umwotsi+.  Ubutegetsi bwiwe bukimara gutsimbatara, yica abari barishe se igihe yari akiri umwami+.  Mugabo ntiyishe abana b’abo bicanyi. Yisunze ivyo Yehova yategetse vyanditswe mu gitabu c’amategeko ya Musa, ahavuga hati: «Ba sebibondo ntibaze bicwe bazira abana babo, n’abana ntibaze bicwe bazira ba se. Umwe wese aze yicwe azize igicumuro ciwe bwite+  Amaziya yararwanye n’Abanyedomu+ yicamwo 10.000 mu mubande w’Umunyu+, afata n’igisagara citwa Sela+. Cahavuye citwa Yokiteli gushika n’uyu musi.  Maze Amaziya arungikira intumwa Yehowasi ngo zimubwire ziti: «Ingo dutane mu mitwe*+.» Yehowasi yari mwene Yehowahazi, Yehowahazi mwene Yehu umwami wa Isirayeli.  Yehowasi umwami wa Isirayeli aca atuma kwishura Amaziya umwami w’Ubuyuda ati: «Icatsi c’amahwa c’i Libani carungikiye isederi ry’i Libani ubutumwa bugira buti: “Mpa umukobwa wawe abe umugore w’umuhungu wanje.” Ariko igikoko co mw’ishamba ry’i Libani kirarengana, gikandagira ico catsi c’amahwa. 10  Ni vyo waratsinze Abanyedomu+, uca ugira ubwibone mu mutima. Nezererwa icubahiro waronse mugabo ugume iwawe*. Kubera iki wokwirirwa urikwegera ivyago, ugatembana n’Ubuyuda?» 11  Mugabo Amaziya yanka kwumva+. Nuko Yehowasi umwami wa Isirayeli aja gutana mu mitwe na Amaziya umwami w’Ubuyuda, barwanira i Beti-Shemeshi mu Buyuda+. 12  Ingabo z’Ubuyuda zitsindwa n’iz’Abisirayeli, umwe wese ahungira iwe*. 13  Yehowasi umwami wa Isirayeli afatira Amaziya umwami w’Ubuyuda i Beti-Shemeshi. Amaziya yari mwene Yehowasi, Yehowasi mwene Ahaziya. Aza amuzanye i Yeruzalemu maze asenyura uruzitiro rwa Yeruzalemu ahareha n’intambwe 400*, kuva kw’irembo rya Efurayimu+ gushika kw’irembo ryo mu mfuruka+. 14  Araheza atwara inzahabu zose, ifeza zose n’ibindi bintu vyose vyo mu nzu ya Yehova. Atwara n’ivyari mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami n’abo yagize imbohe, maze asubira i Samariya. 15  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehowasi, ni ukuvuga ivyo yakoze, ububasha yerekanye n’ukuntu yarwanye na Amaziya umwami w’Ubuyuda, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 16  Nuko Yehowasi arapfa, bamuhamba i Samariya+ hamwe n’abami ba Isirayeli. Maze umuhungu wiwe Yerobowamu*+ atangura kuganza mu kibanza ciwe. 17  Amaziya+ mwene Yehowasi umwami w’Ubuyuda, abaho iyindi myaka 15 inyuma y’urupfu rwa Yehowasi+ mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli+. 18  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Amaziya, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 19  Mu nyuma abantu bamwe b’i Yeruzalemu bategura umugambi wo kumugirira nabi+, aca ahungira i Lakishi. Mugabo barungika abaja kumuhiga i Lakishi, bamwicirayo. 20  Nuko agarukanwa i Yeruzalemu ku mafarasi maze ahambwa hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi+. 21  Abantu bose bo mu Buyuda baca bafata Azariya*+ bamugira umwami mu kibanza ca se Amaziya+. Ico gihe yari afise imyaka 16+. 22  Ni we yagaruje igisagara ca Elati+ gisubira kwegukira Ubuyuda, yongera asubira kucubaka. Ivyo vyabaye inyuma y’aho umwami* apfiriye+. 23  Yerobowamu+ mwene Yehowasi umwami wa Isirayeli yabaye umwami i Samariya mu mwaka ugira 15 Amaziya mwene Yehowasi umwami w’Ubuyuda aganza. Yamaze imyaka 41 aganza. 24  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, aguma akora n’ibicumuro vyose Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. 25  Ni we yasubijeho urubibe rwa Isirayeli, kuva i Lebo-Hamati*+ gushika ku kiyaga co muri Araba*+. Vyabaye nk’uko Yehova Imana ya Isirayeli yari yarabivuze biciye ku musavyi wiwe Yona+ mwene Amitayi, umuhanuzi yava i Gati-Heferi+. 26  Yehova yabigize kubera yari yabonye amarushwa menshi Abisirayeli barimwo+. Nta wo kubakiza yariho, habe na nyarucari canke uwutagira gitabara. 27  Yehova yari yarasezeranye ko atazozimanganya izina rya Isirayeli kw’isi+. Ni co catumye abakiza biciye kuri Yerobowamu mwene Yehowasi+. 28  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yerobowamu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, ububasha yerekanye, intambara yarwanye n’ingene yagaruje igisagara ca Damasiko+ n’ica Hamati+ bigasubira kuganzwa n’Ubuyuda na Isirayeli*, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 29  Nuko Yerobowamu arapfa, bamuhamba hamwe n’abami ba Isirayeli. Maze Zakariya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Canke «ingo duhangane.»
Canke «ku kirimba iwawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «mw’ihema ryiwe.»
Ni nk’imetero 178. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ikirimba.»
Ni Yerobowamu wa kabiri.
Iryo zina risobanura ngo «Yehova yaratabaye.» Yitwa Uziya mu 2Bm 15:13; 2Ng 26:1-23; Yes 6:1; no muri Zk 14:5.
Ni ukuvuga se Amaziya.
Ni ikiyaga c’Umunyu.
Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’ingene Damasiko na Hamati yabisubije Ubuyuda muri Isirayeli.»