Abami ba kabiri 16:1-20

  • Ahazi, umwami w’Ubuyuda (1-6)

  • Ahazi aha igiturire Abashuri (7-9)

  • Ahazi akora igicaniro nk’ic’abapagani (10-18)

  • Urupfu rwa Ahazi (19, 20)

16  Ahazi+ mwene Yotamu umwami w’Ubuyuda yabaye umwami mu mwaka ugira 17 Peka mwene Remaliya aganza.  Ahazi yari afise imyaka 20 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu. Ntiyakoze ivyo Yehova Imana yiwe abona ko bigororotse, nka sekuruza Dawidi+.  Yagumye nyabuna akurikiza akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, aturira n’umuhungu wiwe, amutangako ikimazi*+. Yiganye imigenzo ishisha y’amahanga+ Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli.  Yagumye kandi aja mu bibanza vyo gusengeramwo*, ku mirambi no munsi y’ibiti bitotahaye vyose, akahatangira ibimazi bigafumba umwotsi+.  Ico gihe ni ho Rezini umwami wa Siriya na Peka mwene Remaliya umwami wa Isirayeli baduga gutera Ahazi i Yeruzalemu+. Barahugarije mugabo ntibashoboye kuhafata.  Rezini umwami wa Siriya araheza asubiza Abanyedomu igisagara ca Elati+, hanyuma yomora Abayuda babayo. Maze Abanyedomu bagaruka kuba i Elati, kandi baracabayo gushika n’uyu musi.  Ahazi aca arungika abaja kubwira Tigulati-Pileseri+ umwami wa Ashuri bati: «Ndi umusuku wawe, nkaba n’umuhungu wawe*. Ingo unkize umwami wa Siriya n’uwa Isirayeli baje kuntera.»  Ahazi aca atora ifeza n’inzahabu vyari mu nzu ya Yehova no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami, araheza abirungikira umwami wa Ashuri nk’igiturire+.  Nuko umwami wa Ashuri yemera ivyo amusavye, maze aja i Damasiko arahafata. Abantu baho abajana mu bunyagano i Kiri+, Rezini na we aramwica+. 10  Mu nyuma umwami Ahazi aja i Damasiko kubonana na Tigulati-Pileseri umwami wa Ashuri. Umwami Ahazi abonye igicaniro cari i Damasiko, aca arungikira umuherezi Uriya umugero werekana ukuntu kimeze n’ukuntu gikozwe+. 11  Nuko umuherezi Uriya+ yubaka ico gicaniro+, akurikije amakuru yose umwami Ahazi yamurungikiye ari i Damasiko. Yarangije kucubaka imbere y’uko umwami Ahazi agaruka avuye i Damasiko. 12  Umwami agarutse avuye i Damasiko akabona nya gicaniro, aca aregera agitangirako amashikanwa+. 13  Agitangirako n’amashikanwa aturirwa n’amashikanwa y’intete, afumba umwotsi. Agisukako n’amashikanwa y’ibinyobwa, akimijagirako n’amaraso y’ibimazi vyiwe vyo gusangira. 14  Ahazi araheza yimura ca gicaniro c’umujumpu+ cari imbere ya Yehova, ni ukuvuga imbere y’urusengero*, agishira mu buraruko bw’igicaniro ciwe. Yacimuye agikuye hagati y’igicaniro ciwe n’inzu ya Yehova. 15  Umwami Ahazi aca ategeka umuherezi Uriya+ ati: «Ishikanwa riturirwa ryo mu gitondo, ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+, ishikanwa riturirwa ry’umwami n’ishikanwa ryiwe ry’intete, uzobitangire ku gicaniro kinini bifumbe umwotsi+. Amashikanwa atangwa n’abandi bantu bose, yaba amashikanwa aturirwa, ay’intete canke ay’ibinyobwa, na yo nyene uze uyatangire kuri nya gicaniro. Kandi uze ukimijagireko amaraso yose y’amashikanwa aturirwa n’amaraso yose y’ibindi bimazi. Nayo ico gicaniro c’umujumpu ngiye kwiyumvira ico twogikoza.» 16  Nuko umuherezi Uriya akora ivyo umwami Ahazi yamutegetse vyose+. 17  Vyongeye, umwami Ahazi ajanjagura impande zibase z’amashareti+, aca akurako amabesani yari kuri ayo mashareti+. Ca gitangi citwa Ikiyaga agikura ku mpfizi z’umujumpu+ cari giteretseko, agishira ahantu hashashe amabuye+. 18  Akuraho n’ubwugamo bwo ku rusengero bwari bwubakiwe isabato, yugara n’inzira umwami yacamwo agiye ku nzu ya Yehova. Ivyo yabikoze kubera umwami wa Ashuri. 19  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Ahazi, ni ukuvuga ivyo yakoze, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda+. 20  Nuko Ahazi arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Hezekiya*+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «n’umuhungu wiwe amucisha mu muriro.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Yakoresheje iyo mvugo kugira yerekane icubahiro.
Canke «ikirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Iryo zina risobanura ngo «Yehova arakomeza.»