Abami ba kabiri 3:1-27
3 Yehoramu+ mwene Ahabu yabaye umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira 18 Yehoshafati umwami w’Ubuyuda aganza. Yamaze imyaka 12 aganza.
2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Ariko ntiyashikiriye se canke nyina kuko yakuyeho inkingi nyeranda y’ibuye* se yari yarakoreye ikigirwamana Bayali+.
3 Mugabo yagumye akora ibicumuro nk’ivyo Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. Ntiyabihevye.
4 Mesha umwami wa Mowabu yari umworozi w’intama. Yahora ariha umwami wa Isirayeli ikori*: yamuha imyagazi y’intama 100.000 n’impfizi z’intama 100.000 bataramwa ubwoya.
5 Ahabu+ akimara gupfa, umwami wa Mowabu agarariza umwami wa Isirayeli+.
6 Muri ico gihe umwami Yehoramu ava i Samariya akoranya ingabo zose za Isirayeli.
7 Arungikira na Yehoshafati umwami w’Ubuyuda ubutumwa bugira buti: «Umwami wa Mowabu yangararije. None uzojana nanje gutera Abanyamowabu?» Na we ati: «Tuzojana+. Erega turi bamwe. Abasoda bawe n’abasoda banje ni bamwe. N’amafarasi yanje be n’amafarasi yawe ni ko kw’ukwo+.»
8 Aca abaza ati: «Tuzojana inzira iyihe?» Amwishura ati: «Inzira yo mu bugaragwa bw’i Edomu.»
9 Nuko umwami wa Isirayeli n’umwami w’Ubuyuda n’umwami wa Edomu+ baragenda. Bamara imisi indwi baca mu nzira iziguye, barateba babura amazi y’abasoda n’ay’ibitungwa bari bajanye.
10 Umwami wa Isirayeli aca avuga ati: «Birababaje kubona Yehova yatuzanye uko turi abami batatu kugira ngo tugwe mu maboko y’Abanyamowabu.»
11 Yehoshafati ni kwo kubaza ati: «Mbega nta muhanuzi wa Yehova ari ng’aha ngo atubarize Yehova+?» Nuko umwe mu bantu b’umwami wa Isirayeli yishura ati: «Hari Elisha+ mwene Shafati, yahora akorera Eliya*+.»
12 Yehoshafati aca avuga ati: «Yotubwira ivyo Yehova agomba ko dukora.» Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati n’umwami wa Edomu baja kuraba Elisha.
13 Elisha aca abwira umwami wa Isirayeli ati: «Undonderera iki*+? Ja ku bahanuzi ba so wawe n’aba nyoko wawe+.» Mugabo umwami wa Isirayeli amwishura ati: «Reka kuvuga gutyo kandi Yehova ari we yatuzanye uko turi abami batatu ngo tugwe mu maboko y’Abanyamowabu.»
14 Elisha na we avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Nyeningabo, we Mana nzima nkorera*, ni uko nubashe Yehoshafati+ umwami w’Ubuyuda. Ahandiho sinari kukuraba canke ngo ndakwiteho+.
15 Nimunzanire rero umuntu avuza inanga*+.» Uwo muntu atanguye kuvuza inanga, impwemu* ya Yehova ica iza kuri Elisha+.
16 Aca avuga ati: «Yehova avuze ati: “Nimwimbe imifurege muri uyu mubande*, mwimbe musubire
17 kuko Yehova avuze ati: ‘Nta muyaga canke imvura muzobona, mugabo uyu mubande* uzokwuzura amazi+. Mwebwe n’ibitungwa vyanyu n’ibitwazi vyanyu muzoheza muyanywe.’”
18 Ariko ico ni ikintu gito kuri Yehova+. Azobafasha no gutsinda Abanyamowabu+.
19 Muze mutikize igisagara cose gikingijwe ibihome+ n’igisagara cose gihambaye, mwicire igiti ciza cose, muzibire n’amasoko yose y’amazi. Itongo ryiza ryose muze murirundemwo amabuye kugira ntihaze hagire abaririmamwo+.»
20 Bukeye, igihe co gutanga ishikanwa ry’intete ryo mu gitondo kigeze+, baza babona amazi ariko azanana i Edomu, maze umubande wose wuzura amazi.
21 Abanyamowabu bose bumva ko nya bami baje kubatera. Baca bakoranya abagabo bose bashoboye kurwana* maze baja kurindirira ku rubibe.
22 Abanyamowabu bavyutse kare mu gitondo, izuba ryariko rirasira kuri ayo mazi. Kubera ko bari bahagaze hakurya, babona ayo mazi atukura nk’amaraso.
23 Bavuga bati: «Arya ni amaraso! Ba bami basogotanye inkota, baricana. Banyamowabu, tuje gusahura+!»
24 Bashitse mw’ikambi y’Abisirayeli, Abisirayeli baca barahaguruka, batangura kwica Abanyamowabu, barahunga+. Abisirayeli bagenda barabica gushika i Mowabu.
25 Ibisagara vyaho babisenyurira hasi. Mw’itongo ryiza ryose, umusoda wese yasiga ahataye ibuye, iryo tongo rikuzura amabuye. Bazibira amasoko yose y’amazi+, bicira n’ibiti vyiza vyose+. Hasigaye gusa igisagara ca Kiri-Hareseti+ cari gikikujwe n’uruzitiro rw’amabuye. Maze abatera amabuye bakoresheje umugozi baragikikuza baragitikiza.
26 Umwami wa Mowabu abonye ko batsinzwe mu rugamba, aca ajana n’abasoda 700 barwanisha inkota kugira bicire inzira bagana umwami wa Edomu+, mugabo ntibabishobora.
27 Aca afata umuhungu wiwe w’imfura yari kumusubirira ku butegetsi, amutanga nk’ikimazi giturirwa+ hejuru ku ruzitiro rw’igisagara. Ingabo zica zishavurira cane Abisirayeli, maze zireka kurwanya umwami wa Mowabu, zisubirira mu gihugu zaje zivamwo.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).
^ Canke «yahora asuka amazi ku maboko ya Eliya.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «jewe nawe dusangiye iki?»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mpagarara imbere.»
^ Canke «umucuraranzi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
^ Canke «uyu mwonga.»
^ Canke «uyu mwonga.»
^ Canke «abakenyera umukaba bose.»