Abami ba kabiri 5:1-27

  • Elisha akiza Namani imibembe (1-19)

  • Gehazi arwara imibembe kubera umwina (20-27)

5  Hari umugabo umwe yubahwa cane yitwa Namani. Yari umukuru w’ingabo z’umwami wa Siriya. Umwami* yaramwemera cane kubera ko biciye kuri we Yehova yahaye intsinzi* Abasiriya. Yari intwari mu rugamba, ariko yari arwaye imibembe*.  Igihe kimwe Abasiriya baragiye gutera, maze bagira imbohe agakobwa kamwe kava mu gihugu ca Isirayeli. Kahavuye kaja gukorera umugore wa Namani.  Umusi umwe kabwira inabuja gati: «Hamwe databuja yoja kuraba umuhanuzi+ ari i Samariya, yomukiza imibembe+  Umwami amenyeshwa* ivyo ako gakobwa kava muri Isirayeli kavuze.  Maze umwami wa Siriya abwira Namani ati: «Ca ujayo! Ndakurungikana ikete uha umwami wa Isirayeli.» Nuko afata urugendo, agenda yitwaje italanto* cumi z’ifeza, inzahabu zipima shekeli* 6.000 n’imyambaro cumi y’impuzu.  Azanira umwami wa Isirayeli iryo kete. Ryavuga riti: «Iri kete ndarirungikanye umusuku wanje Namani kugira ngo umukize imibembe.»  Umwami wa Isirayeli asomye iryo kete, aca yitaburirako impuzu, maze avuga ati: «Mbaye Imana yo ishoboye kwica no gukiza+? Ehe andungikiye uyu mugabo ngo ndamukize imibembe. Uku si ukunyigenzako?»  Elisha wa muntu w’Imana y’ukuri yumvise ko umwami wa Isirayeli yitaburiyeko impuzu, aca amurungikira ubutumwa bugira buti: «Kubera iki witaburiyeko impuzu? Ndagusavye umundungikire, kugira ngo amenye yuko hari umuhanuzi muri Isirayeli+  Namani ni kwo guca azanana n’amafarasi yiwe n’imikogote yiwe y’intambara, ahagarara imbere y’umuryango w’inzu ya Elisha. 10  Ariko Elisha atuma uwumubwira ati: «Genda woge incuro indwi+ mu ruzi Yorodani+ uca uhumanuka, umubiri wawe usubire kumera neza.» 11  Namani aca arashavura maze aragenda. Avuga ati: «Nari nzi ngo araza ahagarare imbere yanje, ace yambaza Yehova* Imana yiwe, hanyuma azungagize ukuboko kwiwe hejuru y’imibembe yanje kugira ankize. 12  Mbega uruzi Abana n’uruzi Farupari ziri i Damasiko+ ntiziruta amazi yose yo muri Isirayeli? Sinoziyogamwo ngahumanuka?» Aca arivumbura aragenda. 13  Abasuku biwe baramwegera bamubwira bati: «Databuja*, iyo uwo muhanuzi agusaba gukora ikintu kidasanzwe, ntiwari kugikora? None ko agusavye gusa kwoga ugahumanuka, ntiwobikora?» 14  Aca amanuka ku ruzi Yorodani maze yibira incuro indwi nk’uko umuntu w’Imana y’ukuri yari yabimubwiye+. Umubiri wiwe uca usubira itoto+, umera nk’uw’akana gatoya, arahumanuka+. 15  Arangije, asubira kuri wa muntu w’Imana y’ukuri+ aherekejwe n’abari kumwe na we bose*. Ahagarara imbere yiwe, amubwira ati: «Ubu ndamenye yuko mw’isi yose ata handi hari Imana kiretse muri Isirayeli+. Ndagusavye rero wakire iyi ngabire* nkuzaniye jewe umusuku wawe.» 16  Ariko Elisha avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, yo Mana nkorera*, nta yo ngenda nakiriye+.» Namani aguma amwinginga ngo ayakire mugabo aranka. 17  Amaherezo Namani amubwira ati: «Ko wanse kuyakira, ndagusavye utume umpa jewe umusuku wawe ivu ryo muri iki gihugu ryotwarwa n’indogobwa zibiri. Ndabigusavye kubera ko ata zindi mana nzosubira guha ishikanwa riturirwa canke ikimazi, kiretse Yehova. 18  Mugabo Yehova aze ambabarire jewe umusuku wawe kuri iki kintu: iyo umwami wanje* agiye mu rusengero* rw’ikigirwamana Rimoni kucunamira, yishimikiza ukuboko kwanje, nanje bikaba ngombwa ko nunama. Ndasavye rero Yehova aze ambabarire igihe cose nzoba nunamye ndi muri urwo rusengero rwa Rimoni.» 19  Elisha amwishura ati: «Genda amahoro.» Namani aca aragenda. Amaze kugenda ahatari hato, 20  Gehazi+ umusuku wa Elisha wa muntu w’Imana y’ukuri+ yibwira ati: «Databuja yanse kwakira ivyo wa Musiriya Namani+ yazanye, aramureka aragenda. Ndarahiye Yehova Imana nzima, ngira niruke ndamukurikire, ndabe ico nomukurako.» 21  Gehazi aca yiruka inyuma ya Namani. Namani abonye ko hari uwuriko aramwiruka inyuma, yururuka umukogote wiwe, aja guhura na we, hanyuma amubaza ati: «Ni impore?» 22  Amwishura ati: «Ni impore. Databuja antumye ngo ndakubwire nti: “Ngendewe n’abasore babiri bo mu bana b’abahanuzi. Baje bava mu karere k’imisozi ka Efurayimu. Ndagusavye ubahe italanto imwe y’ifeza n’imyambaro ibiri y’impuzu+.”» 23  Namani aca avuga ati: «Ehe akira italanto zibiri.» Aguma yinginga Gehazi+, maze amutekerera italanto zibiri z’ifeza mu masaho abiri, n’imyambaro ibiri y’impuzu. Abiha abasuku biwe babiri, baja imbere ya Gehazi bavyikoreye. 24  Gehazi ashitse i Ofeli*, aca atora ivyo bintu abo bagabo bari bikoreye abishira mu nzu, hanyuma arabarungika. Bamaze kugenda, 25  asubira kwa shebuja Elisha. Elisha aca amubaza ati: «Uvuye he ga Gehazi?» Na we amwishura ati: «Nta ho nigeze nja databuja+ 26  Elisha aca amubwira ati: «Wibaza ko ntamenye ko wakurikiye* urya mugabo, agaca yururuka umukogote wiwe aje ngo muhure? Ubona iki ari co gihe co kwakira ifeza canke impuzu canke imirima y’imyelayo* canke imirima y’imizabibu canke intama canke inka canke abasuku canke abasukukazi+? 27  Imibembe ya Namani+ rero igira ikuzeko, kandi wewe n’uruvyaro rwawe izobagumako ibihe vyose.» Ubwo nyene Gehazi aca ava imbere ya Elisha yera derere*+ kubera imibembe.

Utujambo tw'epfo

Canke «shebuja.»
Canke «indwara yo ku rukoba.»
Canke «ubukiriro.»
Namani ashobora kuba ari we yabimumenyesheje.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Raba akajambo k’epfo mu at 2Bm 7:1.
Mu giheburayo havuga ngo «ahamagara izina rya Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «dawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwu muhezagiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikambi yiwe yose.»
Mu giheburayo havuga ngo «mpagarara imbere.»
Canke «databuja.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Ni agace kari muri Samariya. Gashobora kuba kari agasozi canke ahantu hakingijwe ibihome.
Canke «wibaza ko umutima wanje utajanye nawe igihe wakurikira.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Canke «yera nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.