Abami ba kabiri 8:1-29

  • Wa mugore w’i Shunemu asubizwa itongo (1-6)

  • Elisha, Beni-Hadadi na Hazayeli (7-15)

  • Yehoramu, umwami w’Ubuyuda (16-24)

  • Ahaziya, umwami w’Ubuyuda (25-29)

8  Elisha yari yarabwiye wa mugore yazurira* umwana w’umuhungu+ ati: «Haguruka wewe n’urugo rwawe mugende, murabe igihugu muja kubamwo, kuko Yehova yavuze ko muri iki gihugu hagiye kuba inzara+ y’imyaka indwi.»  Nuko uwo mugore akora nk’uko umuntu w’Imana y’ukuri yamubwiye. We n’urugo rwiwe baja kuba mu gihugu c’Abafilisitiya+, bamarayo imyaka indwi.  Iyo myaka indwi iheze, uwo mugore aragaruka avuye mu gihugu c’Abafilisitiya, maze aja gusaba umwami ngo asubizwe inzu yiwe n’itongo ryiwe.  Umwami yariko aravugana na Gehazi umusuku wa wa muntu w’Imana y’ukuri. Amubwira ati: «Ndagusavye unyiganire ibintu vyose bikomeye Elisha yakoze+  Akiriko ariganira umwami ingene Elisha yazuye uwari yapfuye+, baja babona wa mugore yazurira umwana aje kuraba umwami, kugira amusabe ngo asubizwe inzu yiwe n’itongo ryiwe+. Gehazi ni kwo guca avuga ati: «Ng’uyu wa mugore databuja mwami. Na wa muhungu wiwe Elisha yazura, ng’uyu.»  Umwami aca asaba nya mugore ngo abimwiganire, na we aca ajako arabimwiganira. Maze umwami amuha umukozi wo ku kirimba wo kumufasha. Amubwira ati: «Fasha uyu mugore asubizwe ivyiwe vyose, asubizwe n’ibingana n’umwimbu wovuye muri iryo tongo kuva umusi yava mu gihugu gushika ubu.»  Elisha aja i Damasiko+. Ico gihe Beni-Hadadi+ umwami wa Siriya yari arwaye. Bamumenyesha rero bati: «Wa muntu w’Imana y’ukuri+ yaje ino.»  Umwami aca abwira Hazayeli+ ati: «Ja kuraba uwo muntu w’Imana y’ukuri+, umushire n’ingabire. Umusabe ambarize Yehova ko nzokira.»  Hazayeli aca aja kuraba Elisha. Yagiye amushiriye ingabire igizwe n’ibintu vyiza vyose vy’i Damasiko, ibintu vyotwarwa n’ingamiya 40. Maze arashika ahagarara imbere yiwe, amubwira ati: «Umuhungu wawe* Beni-Hadadi umwami wa Siriya antumye kukubaza ati: “Ubona nzokira?”» 10  Elisha amwishura ati: «Genda umubwire uti: “Uzokira.” Mugabo Yehova yampishuriye ko azopfa+ 11  Nuko Elisha umuntu w’Imana y’ukuri aguma araba Hazayeli gushika n’aho Hazayeli yumva isoni. Maze Elisha atangura kurira. 12  Hazayeli aca amubaza ati: «Urizwa n’iki ga databuja?» Na we amwishura ati: «Kubera nzi ikibi uzokorera Abisirayeli+. Ibibanza vyabo bikingijwe ibihome uzobiha umuriro, abagabo b’intwari ubicishe inkota, abana ubasavye, abagore bibungenze na bo ubapasure inda*+ 13  Hazayeli aca avuga ati: «Ariko ga databuja, jewe imbwa y’imbwa, ikintu gikomeye nk’ico nogishobora?» Mugabo Elisha amwishura ati: «Yehova yanyeretse ko ugiye kuba umwami wa Siriya+ 14  Hazayeli aca avana na Elisha asubira kwa shebuja, maze amubaza ati: «Elisha yakubwiye iki?» Na we ati: «Yambwiye ko uzokira+ 15  Mugabo ku musi ukurikira, Hazayeli atora uburengeti abujobeka mu mazi, aca abumutsindagira* mu maso gushika apfuye+. Nuko Hazayeli atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 16  Yehoramu+ mwene Yehoshafati umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira gatanu Yehoramu+ mwene Ahabu ari umwami wa Isirayeli. Yehoshafati na we yari akiri umwami w’Ubuyuda. 17  Yehoramu yabaye umwami afise imyaka 32, aca amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu. 18  Yiganye akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, akora nk’ivyo abo mu muryango wa Ahabu bakoze+ kuko yari yararongoye umukobwa wa Ahabu+. Aguma akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. 19  Mugabo Yehova ntiyashaka guhonya Ubuyuda kubera umusavyi wiwe Dawidi+. Yari yamusezeraniye ko azomuha itara*+ we n’abahungu biwe ibihe vyose. 20  Ku ntwaro ya Yehoramu, Abanyedomu bagarariza Ubuyuda+, biyimikira umwami+. 21  Yehoramu aca ajabukana n’imikogote yiwe yose aja i Zayiri maze Abanyedomu baramukikuza we hamwe n’abakuru bajejwe imikogote. Mugabo ahengera mw’ijoro aravyuka, arabarwanya arabatsinda. Abasoda baca bahungira iwabo*. 22  Abanyedomu bagumye bagarariza Ubuyuda gushika n’uyu musi. Ico gihe ab’i Libuna+ na bo nyene baragarariza. 23  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoramu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 24  Maze Yehoramu arapfa*, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi+. Umuhungu wiwe Ahaziya+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 25  Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira 12 Yehoramu mwene Ahabu aganza Isirayeli+. 26  Ahaziya yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Ataliya+, akaba yari umwuzukuru* wa Omuri+ umwami wa Isirayeli. 27  Yakurikiye akarorero kabi k’abo mu muryango wa Ahabu+. Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nk’abo mu muryango wa Ahabu, kuko se yari umukwe wabo+. 28  Umusi umwe aja i Ramoti-Gileyadi+ ari kumwe na Yehoramu mwene Ahabu kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya, mugabo Abasiriya bakomeretsa Yehoramu+. 29  Maze umwami Yehoramu asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko Abasiriya bari bamukomerekeje igihe yari i Ramoti* kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya+. Nayo Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’Ubuyuda aja i Yezireli gusuhuza Yehoramu mwene Ahabu, kuko yari arwaye*.

Utujambo tw'epfo

Canke «yagarukanira ubuzima.»
Yakoresheje iyo mvugo kugira yerekane icubahiro.
Canke «ubafomoze.»
Canke «abumupfuka.»
Ni ukuvuga uwumukomokako.
Mu giheburayo havuga ngo «mu mahema yabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «aryama hamwe na ba sekuruza.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «Rama.» Ni izina Ramoti-Gileyadi rivunaguye.
Canke «yari yakomeretse.»