Abatesalonika ba kabiri 3:1-18

  • Mubandanye gusenga (1-5)

  • Kwirinda abigenza mu buryo butabereye (6-15)

  • Amajambo yo gusozera (16-18)

3  Ubwa nyuma bavukanyi, mubandanye kudusengera+ ngo ijambo rya Yehova* rigume rikwiragira ningoga+ ryongera ryubahwa, nk’uko mubigira aho iwanyu.  Mudusengere kandi kugira ngo dukizwe abantu bakora ikibi kandi b’ababisha+, kuko ukwizera atari ikintu gifiswe na bose+.  Mugabo Umukama ni umwizigirwa, kandi azobakomeza yongere abarinde wa mubisha.  Vyongeye, turizigiye Umukama ku biberekeye yuko muriko murakora ivyo tubabwira kandi ko muzobandanya kubikora.  Umukama abandanye kuyobora neza imitima yanyu kugira ngo mukunde Imana+ mwongere mwihangane+ ku bwa Kristu.  Turabasavye rero bavukanyi, mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, ngo mwitandukanye n’umuvukanyi wese yigenza mu buryo butabereye+, ntiyisunge ivyo twabigishije*+.  Mwebwe ubwanyu murazi ivyo mukwiye gukora ngo mutwigane+, kuko tutigenjeje mu buryo butabereye igihe twari iwanyu.  Eka kandi nta n’umwe twaririye ibifungurwa ku buntu*+. Ahubwo riho, twarakora cane tukabira akuya ijoro n’umurango, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe turemera tumusaba vyinshi+.  Si uko tutabifitiye ububasha+, ahubwo kwari ukugira ngo tubabere akarorero mwokwigana+. 10  N’igihe twari kumwe namwe twahora tubategeka duti: «Uwudashaka gukora, no kurya ntarye+ 11  Kuko twumvise ko hari bamwe muri mwebwe bigenza mu buryo butabereye+, ntibakore namba, mugabo bakita mu bitabaraba+. 12  Mwene abo bantu turabategetse kandi turabahimirije mw’izina ry’Umukama Yezu Kristu ngo bakore batekereje kandi barye ivyo bakoreye+. 13  Nayo mwebwe bavukanyi, ntimuhebe gukora ivyiza. 14  Mugabo nimba hari uwudakurikiza ivyo tubabwiye muri iri kete, mumubeko maso* kandi mureke kwifatanya na we+ kugira ngo amaramare. 15  Yamara ntimumufate nk’umwansi, ahubwo mubandanye kumukebura+ nk’umuvukanyi. 16  Wa Mukama w’amahoro rero, we ubwiwe yame abaha amahoro mu buryo bwose+. Umukama abane namwe mwese. 17  Ng’iyi indamutso yanje jewe Pawulo nanditse n’ukuboko kwanje+, kikaba ari ikimenyetso kiranga amakete yanje yose. Ukwo ni ko nandika. 18  Ubuntu buhebuje* bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe mwese.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «umugenzo twabahaye.»
Canke «ata co turishe.»
Mu kigiriki havuga ngo «mumushireko ikimenyetso.»