Ngoma za kabiri 1:1-17

  • Salomo asaba ubukerebutsi (1-12)

  • Ubutunzi bwa Salomo (13-17)

1  Ubwami bwa Salomo umuhungu wa Dawidi burushiriza gukomera. Yehova Imana yiwe yari kumwe na we, kandi yatumye aba uwuhambaye cane+.  Nuko Salomo atumako Abisirayeli bose: abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100, abacamanza, abakuru bose bo muri Isirayeli yose n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango* bavamwo.  Maze Salomo n’ishengero ryose baja ku kibanza co gusengeramwo* cari i Gibeyoni+. Ni ho hari ihema ry’ibonaniro ry’Imana y’ukuri, rimwe Musa wa musavyi wa Yehova yari yarubatse mu bugaragwa.  Ariko isandugu y’Imana y’ukuri, Dawidi yari yarayikuye i Kiriyati-Yeyarimu+ ayizana mu kibanza yayiteguriye, mw’ihema yayishingiye i Yeruzalemu+.  Ca gicaniro c’umujumpu+ cari carakozwe na Bezaleli+ umuhungu wa Uri, Uri mwene Huru, coco cari imbere y’ihema ryeranda rya Yehova. Salomo n’ishengero ryose bama basengera imbere yaco*.  Salomo araheza ashikana amashikanwa ng’aho imbere ya Yehova. Yatanze amashikanwa aturirwa 1.000, ayatangira kuri ico gicaniro+ c’umujumpu cari kw’ihema ry’ibonaniro.  Mw’ijoro Imana ibonekera Salomo imubwira iti: «Saba ico ugomba ko ndaguha+  Salomo aca yishura Imana ati: «Dawe Dawidi wamweretse urukundo* rwinshi+, kandi wangize umwami mu kibanza ciwe+.  None rero Yehova Mana, nushitse ivyo wasezeraniye dawe Dawidi+ kuko wangize umwami w’abantu benshi nk’umukungugu wo kw’isi+. 10  Ndagusavye rero, umpe ubukerebutsi* n’ubumenyi+ kugira ngo nshobore kuyobora neza aba bantu*. Ahandiho sinogenda nshoboye gucira imanza aba bantu bawe n’ingene ari benshi+ 11  Maze Imana ibwira Salomo iti: «Ko ivyo ari vyo umutima wawe wipfuza, ukaba utasavye itunga canke ibihinda, ntusabe icubahiro canke agatwe* k’abakwanka canke ukuramba*, mugabo ukisabira ubukerebutsi n’ubumenyi kugira ngo ucire imanza abantu banje naguhaye ngo ubaganze+, 12  ubwo bukerebutsi n’ubumenyi nzobiguha. Nzoguha n’itunga, nguhe n’ibihinda n’icubahiro ata mwami n’umwe araronka mu babayeho imbere yawe, kandi no mu bazoza inyuma yawe nta wuzobironka+ 13  Maze Salomo ava muri ico kibanza co gusengeramwo c’i Gibeyoni+, ahari ihema ry’ibonaniro, aja i Yeruzalemu, abandanya kuganza Isirayeli. 14  Salomo aguma agwiza imikogote n’amafarasi*. Yari afise imikogote 1.400 n’amafarasi* 12.000+. Bimwe vyari mu bisagara abikamwo imikogote+, ibindi bikaba i Yeruzalemu hafi y’aho yaba+. 15  Umwami Salomo yatumye ifeza n’inzahabu bigwira nk’amabuye+ i Yeruzalemu, ibiti vy’amasederi na vyo bigwira nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu karere ka Shefela+. 16  Amafarasi ya Salomo bayakura mu Misiri+. Abadandaza b’umwami bagura ubusho bw’amafarasi* ku kiguzi cashinzwe+. 17  Umukogote uvuye mu Misiri wagurwa ifeza 600, ifarasi na yo ikagurwa 150. Baraheza bakabigurisha ku bami bose b’Abaheti n’abami ba Siriya.

Utujambo tw'epfo

Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
Mu giheburayo havuga ngo «ikibanza gitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
Canke «ni ho bama basiguriza Imana.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «gusohoka imbere y’aba bantu no kwinjira.»
Canke «ubwenge.»
Canke «ubuzima.»
Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»
Canke «abagendera ku mafarasi.»
Canke «abagendera ku mafarasi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «amafarasi ya Salomo bayakura mu Misiri n’i Kuwe. Abadandaza b’umwami bayagura i Kuwe.» I Kuwe hashobora kuba hari i Silisiya.