Ngoma za kabiri 12:1-16

  • Shishaki atera Yeruzalemu (1-12)

  • Intwaro ya Rehobowamu irangira (13-16)

12  Ubwami bwa Rehobowamu bukimara gushinga imizi agakomera+, aheba amategeko ya Yehova+, na Isirayeli yose yifatanya na we.  Maze mu mwaka ugira gatanu umwami Rehobowamu aganza, Shishaki+ umwami wa Misiri aduga gutera Yeruzalemu kuko Abisirayeli bari bahemukiye Yehova.  Yari afise imikogote 1.200, abagendera ku mafarasi 60.000 n’ingabo zidaharurika yaje azanye avuye mu Misiri, zigizwe n’Abanyalibiya, Abasukimu n’Abanyetiyopiya+.  Nuko afata ibisagara bikingijwe ibihome vyo mu Buyuda, arateba ashika i Yeruzalemu.  Maze umuhanuzi Shemaya+ aza kuraba Rehobowamu n’abatware bo mu Buyuda bari bakoraniye i Yeruzalemu kubera batinya Shishaki. Ababwira ati: «Yehova avuze ati: “Mwebwe mwarampevye, nanje rero ndabahevye+ mutsindwe na Shishaki.”»  Abatware bo muri Isirayeli n’umwami baca bicisha bugufi+, bavuga bati: «Yehova akoze ibigororotse.»  Nuko Yehova abona ko bicishije bugufi. Yehova aca abwira Shemaya ati: «Kubera ko bicishije bugufi, sindabahonya+. Mu kanya gato ngira ndabakize. Yeruzalemu sindayisukako uburake bwanje biciye kuri Shishaki.  Mugabo azobaganza kugira ngo babone ubudasa hagati yo kuganzwa nanje no kuganzwa n’abami* b’ibindi bihugu.»  Nuko Shishaki umwami wa Misiri aduga gutera Yeruzalemu. Atwara amatungo yari mu nzu ya Yehova+ n’ayari mu nzu* y’umwami. Atwara ibintu vyose, harimwo na za nkinzo z’inzahabu Salomo yari yarakoze+. 10  Umwami Rehobowamu akora rero inkinzo z’umujumpu zisubirira izo z’inzahabu. Maze azizeza abakuru b’abarinzi* barinda ubwinjiriro bw’inzu y’umwami. 11  Igihe cose umwami yaba aje ku nzu ya Yehova, abo barinzi barinjira bakazitora, mu nyuma bakazisubiza mu cumba c’abarinzi. 12  Kubera ko umwami yicishije bugufi, ishavu Yehova yari amufitiye ryaciye rihwama+, ntiyabahonya ngo abaherengeteze+. Bisubiye, hari ivyiza Imana yabonye mu bantu bo mu Buyuda+. 13  Umwami Rehobowamu akomeza ubutegetsi bwiwe i Yeruzalemu, abandanya kuganza. Yari afise imyaka 41 igihe yatangura kuganza, amara imyaka 17 aganza i Yeruzalemu, igisagara Yehova yari yaratoye mu miryango yose ya Isirayeli kugira ngo citirirwe izina ryiwe. Nyina yari Umwamonikazi yitwa Nayama+. 14  Mugabo Rehobowamu akora ibibi, kuko atari yariyemeje mu mutima kurondera Yehova+. 15  Nayo ivyerekeye Rehobowamu, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, biranditswe mu vyavuzwe n’umuhanuzi Shemaya+ be n’umuhanuzi Ido+ yavuga ivyo Imana yamweretse, bikaba biri mu nyandiko zivuga ivy’amamuko. Kandi hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu hama intambara+. 16  Maze Rehobowamu arapfa hanyuma bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+. Nuko umuhungu wiwe Abiya+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ubwami.»
Canke «ku kirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «abirutsi.»