Ngoma za kabiri 13:1-22

  • Abiya, umwami w’Ubuyuda (1-22)

    • Abiya atsinda Yerobowamu (3-20)

13  Abiya yatanguye kuganza Ubuyuda mu mwaka ugira 18 umwami Yerobowamu aganza+.  Yamaze imyaka itatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Mikaya+, akaba yari umukobwa wa Uriyeli w’i Gibeya+. Nuko haba intambara hagati ya Abiya na Yerobowamu+.  Maze Abiya aja ku rugamba afise abarwanyi b’intwari 400.000 bamenyerejwe*+. Yerobowamu na we atonda urugamba ngo amurwanye, ari kumwe n’abarwanyi b’intwari 800.000 bamenyerejwe*.  Abiya ahagarara rero ku musozi Zemarayimu, uri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, avuga ati: «Ewe Yerobowamu namwe Bisirayeli mwese, nimunyumve.  Mbega ntimuzi ko Yehova Imana ya Isirayeli yahaye ubwami Dawidi biciye kw’isezerano ryamaho*+, ngo aganze Isirayeli ibihe vyose+ we n’abahungu biwe+?  Mugabo Yerobowamu+ mwene Nebati, umusuku wa Salomo mwene Dawidi, yarahagurukiye shebuja aramugarariza+.  Maze abagabo batagira ico bakora kandi b’imburakimazi batangura kuza baramwiyungako, barahava banesha Rehobowamu mwene Salomo. Ico gihe Rehobowamu yari akiri muto, ataragira umutima rugabo. Ntiyashoboye guhangana na bo.  Ubu na ho mwibaza ko mushobora kwihanga ubwami Yehova yahaye abahungu ba Dawidi ngo ni uko muri isinzi rinini, mukaba mufise n’inyana z’inzahabu Yerobowamu yabakoreye ngo muzisenge+?  Mbega ntimwirukanye abaherezi ba Yehova+ bakomoka kuri Aroni, mukirukana n’Abalewi? Ntimwaciye mwishiriraho abaherezi, mukigana abantu bo mu bindi bihugu+? Uwo wese yazana* ishuri n’impfizi z’intama indwi, yarashobora guca aba umuherezi w’imana zitari zo. 10  Tweho Yehova ni we Mana yacu+, kandi ntitwamuhevye. Abaherezi bacu bakomoka kuri Aroni. Ni bo bakorera Yehova bafashijwe n’Abalewi. 11  Barashikanira Yehova amashikanwa aturirwa agafumba umwotsi mu gitondo no ku mugoroba+, bakamushikanira n’imibavu imota neza+. Barashira imikate igerekeranye*+ ku meza ikozwe mu nzahabu itavanze, kandi buri mugoroba bakatsa amatara+ ari ku co bayaterekako c’inzahabu+. Ivyo tubigira kuko twitwararika ivyo Yehova Imana yacu yadusavye, mugabo mwebwe mwaramuhevye. 12  Iyumvire gatoyi: Imana y’ukuri iri kumwe natwe kugira ituyobore. Turi kumwe kandi n’abaherezi bayo bavuza inzumbete mu gutanga ikimenyetso c’urugamba rwo kubarwanya. Yemwe Bisirayeli, ntimurwanye Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, kuko mutaza gutsinda+ 13  Ariko Yerobowamu arungika abasoda kwinyegeza ngo baturuke inyuma abo mu Buyuda. Izindi ngabo ziwe ziguma imbere yabo, ba basoda bagiye kwinyegeza na bo baguma inyuma. 14  Abasoda b’Ubuyuda bagize ngo barahindukira, baza babona igitero kizananye imbere n’inyuma. Nuko batangura kuririra Yehova+, abaherezi na bo bavuza inzumbete n’ijwi rirenga. 15  Abasoda b’Ubuyuda baca biha akaruru k’intambara. Ako kanya Imana y’ukuri ica ituma Yerobowamu n’Abisirayeli bose batsindwa na Abiya n’abo mu Buyuda. 16  Nuko Abisirayeli bahunga abo mu Buyuda, Imana ibafasha kubatsinda. 17  Abiya n’abasoda biwe bica ingabo nyinshi z’Abisirayeli. Baguma babica ku buryo hapfa abasoda 500.000 bamenyerejwe*. 18  Kuri uwo musi, abasoda ba Isirayeli bacishwa bugufi, mugabo ab’Ubuyuda baba ari bo batsinda kubera ko bizigiye* Yehova Imana ya ba sekuruza+. 19  Abiya aguma yiruka kuri Yerobowamu, amutwara ibi bisagara: Beteli+ n’udusagara tuhegukira*, Yeshana n’udusagara tuhegukira na Efurayini+ n’udusagara tuhegukira. 20  Yerobowamu ntiyasubira gukomera mu gihe c’intwaro ya Abiya. Maze Yehova aramuhana arapfa+. 21  Mugabo Abiya arushiriza gukomera. Arahava yabira abagore 14+, avyara abahungu 22 n’abakobwa 16. 22  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Abiya, ni ukuvuga ivyo yakoze n’ivyo yavuze, biravugwa mu vyo umuhanuzi Ido yanditse*+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «batowe.»
Mu giheburayo havuga ngo «batowe.»
Mu giheburayo havuga ngo «isezerano ry’umunyu.» Ni ukuvuga isezerano ryamaho kandi ridahinduka.
Mu giheburayo havuga ngo «yaza kwuzuza ukuboko kwiwe afise.»
Ni imikate y’ishikanwa.
Mu giheburayo havuga ngo «batowe.»
Mu giheburayo havuga ngo «bishimikije.»
Canke «tuhakikuje.»
Canke «yasiguye.»