Ngoma za kabiri 14:1-15

  • Urupfu rwa Abiya (1)

  • Asa, umwami w’Ubuyuda (2-8)

  • Asa atsinda Abanyetiyopiya 1.000.000 (9-15)

14  Maze Abiya arapfa, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+. Umuhungu wiwe Asa aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. Ku ntwaro yiwe, igihugu camaze imyaka cumi kiri mu mahoro*.  Asa yakoze ivyo Yehova Imana yiwe abona ko ari vyiza kandi bigororotse.  Yarakuyeho ibicaniro vy’imana z’inyamahanga+ n’ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana*, amenagura inkingi nyeranda z’amabuye+, yicira n’inkingi nyeranda z’ibiti*+.  Vyongeye, abwira abo mu Buyuda ngo barondere Yehova Imana ya ba sekuruza, bongere bakurikize amategeko yiwe n’amabwirizwa yiwe.  Mu bisagara vyose vyo mu Buyuda akuraho ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* n’ibicaniro baturirirako imibavu+. Ku ntwaro yiwe, ubwami bwagumye butekanye.  Yubaka ibisagara bikingijwe ibihome mu Buyuda+ kubera ko mu gihugu hari umutekano. Muri iyo myaka nta baje kumutera kuko Yehova yamuhaye amahoro*+.  Yabwiye abo mu Buyuda ati: «Twubake ibi bisagara maze tubikikuze inzitiro n’iminara+, amarembo* n’ivyugazo. Igihugu kiracari mu minwe yacu kuko twarondeye Yehova Imana yacu. Twaramurondeye, na we aduha amahoro* impande zose.» Nuko barubaka, bigenda neza+.  Asa yari afise abasoda 300.000 bava mu Buyuda, bitwaza inkinzo zagutse n’amacumu. Yari afise n’abarwanyi b’intwari 280.000 bava mu karere ka Benyamini, bitwaza inkinzo ntonto* kandi bazi gukoresha umuheto*+.  Mu nyuma Umunyetiyopiya yitwa Zera aza kubatera ari kumwe n’abasoda 1.000.000 n’imikogote 300+. Bageze i Maresha+, 10  Asa aja kumurwanya. Maze batonda urugamba mu mubande wa Zefata, aho i Maresha. 11  Asa aca atabaza Yehova Imana yiwe+ ati: «Ewe Yehova, urashoboye gutabara abantu, baba bafise inkomezi* canke badafise inkomezi+. Ewe Yehova Mana yacu, dufashe kuko ari wewe twizigiye*+, kandi tuje kurwanya iri sinzi mw’izina ryawe+. Yehova, uri Imana yacu. Umuntu buntu ntakurushe inkomezi+ 12  Maze Yehova atuma Abanyetiyopiya batsindwa na Asa n’ingabo z’Ubuyuda, barata barahunga+. 13  Asa n’ingabo ziwe barabakurikira gushika i Gerari+. Bagenda barabica gushika aho ata Munyetiyopiya n’umwe asigara ari muzima, kuko Yehova n’ingabo ziwe babishe barabageseza. Maze ingabo z’Ubuyuda zisahura ibintu vyinshi cane. 14  Izo ngabo zitera n’ibisagara vyose vyo mu micungararo ya Gerari, kuko abaho bari batekewe n’ubwoba buvuye kuri Yehova. Ziraheza zisahura ivyo bisagara vyose kuko hariyo ibintu vyinshi vyo gusahura. 15  Zitera n’amahema y’abantu bafise ibitungwa, zinyaga amasho menshi n’ingamiya, hanyuma zisubira i Yeruzalemu.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»
Mu giheburayo havuga ngo «imiryango igizwe n’inzugi zibirizibiri.»
Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»
Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.
Mu giheburayo havuga ngo «guhonyora umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
Mu giheburayo havuga ngo «baba ari benshi.»
Mu giheburayo havuga ngo «twishimikije.»