Ngoma za kabiri 15:1-19

  • Ibintu Asa yahinduye (1-19)

15  Maze impwemu y’Imana iza kuri Azariya mwene Odedi.  Nuko aja guhura na Asa amubwira ati: «Ewe Asa namwe mwese bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini, nimunyumvirize. Yehova nimwamugumako na we azobagumako+, kandi nimwamurondera muzomuronka*+. Mugabo nimwamuheba azobaheba+.  Abisirayeli bamaze igihe kirekire* badakorera Imana y’ukuri, batigishwa n’abaherezi, badakurikiza n’amategeko+.  Mugabo igihe bari mu marushwa, bararondeye Yehova Imana ya Isirayeli baramuronka*+.  Muri ivyo bihe nta washobora gufata urugendo ngo ashike amahoro*, kuko hari imidurumbanyo myinshi mu mihingo yose y’igihugu.  Ihanga ryarasambura irindi, igisagara kigasambura ikindi, kuko Imana yabateza amarushwa y’ubwoko bwose, bigatuma haba imivurungano+.  Ariko mwebwe nimukomere ntimucike intege*+, kuko muzoronka impera ku gikorwa canyu.»  Asa akimara kwumva ayo majambo n’ubuhanuzi bw’umuhanuzi Odedi, agira umutima rugabo. Maze akuraho ibigirwamana bisesemye mu karere kose k’Ubuyuda+ n’aka Benyamini, no mu bisagara yari yarafashe mu karere k’imisozi ka Efurayimu. Asanura n’igicaniro ca Yehova cari imbere y’ibaraza rya Yehova+.  Maze akoraniriza hamwe abantu bose bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini, n’abanyamahanga bifatanije na bo bavuye mu karere ka Efurayimu, aka Manase n’aka Simeyoni+. Abo banyamahanga bavuye muri Isirayeli bomokera iwe ari benshi, aho baboneye ko Yehova Imana yiwe ari kumwe na we. 10  Bakoranira i Yeruzalemu mu kwezi kugira gatatu, mu mwaka ugira 15 Asa ari umwami. 11  Kuri uwo musi, bashikanira Yehova ibimazi bakuye ku vyo basahuye. Bamushikaniye inka 700 n’intama 7.000. 12  Vyongeye, bagira isezerano ryo kurondera Yehova Imana ya ba sekuruza n’umutima wabo wose n’ubuzima bwabo bwose+. 13  Bemeranya ko uwo wese atazorondera Yehova Imana ya Isirayeli azokwicwa, yaba umuto canke uwuhambaye, yaba umugabo canke umugore+. 14  Nuko barahira imbere ya Yehova n’ijwi rirenga, bavuza impundu bongera bavuza inzumbete n’inzamba. 15  Abo mu Buyuda bose baranezerwa kubera iyo ndahiro, kuko bari barahiye n’umutima wabo wose. Bararondeye Yehova n’umwete baramuronka*+, na we aguma abaha amahoro* impande zose+. 16  Umwami Asa yaranakuye inakuru Mayaka+ mu kibanza co kuba umugabekazi*, kuko yari yarakoze ikigirwamana giteye isoni yakoresha mu gusenga inkingi nyeranda y’igiti*+. Ico kigirwamana giteye isoni Asa yaragisituye, aragisya, maze agituririra mu mwonga Kidironi+. 17  Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+ muri Isirayeli+. Naho ari ukwo, Asa yagumye akorera Imana n’umutima wiwe wose*, mu buzima bwiwe* bwose+. 18  Yarazanye mu nzu y’Imana y’ukuri ibintu se yari yareguriye Imana n’ivyo we ubwiwe yeguriye Imana: uri ifeza, inzahabu n’ibindi bikoresho+. 19  Nta ntambara yasubiye kuba gushika mu mwaka ugira 35 Asa ari umwami+.

Utujambo tw'epfo

Canke «azobafasha mumuronke.»
Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»
Canke «arabafasha baramuronka.»
Mu giheburayo havuga ngo «nta mahoro yariho ku wasohoka canke ku winjira.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaboko yanyu ntakoroke.»
Canke «arabafasha baramuronka.»
Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»
Canke «umugore w’iteka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Canke «n’umutima ukwiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yiwe.»