Ngoma za kabiri 18:1-34

  • Yehoshafati yifatanya na Ahabu (1-11)

  • Mikaya amenyesha Ahabu ko aza gutsindwa (12-27)

  • Ahabu yicirwa i Ramoti-Gileyadi (28-34)

18  Yehoshafati yari atunze cane, afise n’icubahiro cinshi+, mugabo yunga ubucuti na Ahabu+ mu guhana umugeni.  Haciye imyaka, amanuka i Samariya kuraba Ahabu+. Ahabu abaga intama nyinshi n’inka nyinshi, abitangako ikimazi ku bwa Yehoshafati n’abari kumwe na we. Aca aramwinginga* ngo bajane gutera igisagara ca Ramoti-Gileyadi+.  Maze Ahabu umwami wa Isirayeli abwira Yehoshafati umwami w’Ubuyuda ati: «None uzojana nanje i Ramoti-Gileyadi?» Na we amwishura ati: «Erega turi bamwe. Kandi abasoda bawe n’abasoda banje ni bamwe. Tuzogushigikira mu ntambara.»  Ariko Yehoshafati abwira umwami wa Isirayeli ati: «Ndagusavye ubanze ubaze Yehova+  Maze umwami wa Isirayeli akoraniriza hamwe abahanuzi. Bari abagabo 400. Ababaza ati: «Tuje gutera i Ramoti-Gileyadi canke ndeke?» Bamwishura bati: «Genda kandi Imana y’ukuri iragufasha kuhatsinda, mwami.»  Yehoshafati aca avuga ati: «Mbega hano nta muhanuzi wa Yehova ahari+? Reka na we tumubaze twumve ico Imana ivuga+  Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: «Haracariho uwundi mugabo+ yotubariza Yehova. Mugabo ndamwanka kuko atigera avuga ko hari ivyiza bizonshikira, yama amvugako ibibi+. Ni Mikaya mwene Imula.» Ariko Yehoshafati avuga ati: «Sigaho mwami, reka kuvuga gutyo.»  Umwami wa Isirayeli aca ahamagara umukozi wo ku kirimba maze amubwira ati: «Nyaruka uzane Mikaya mwene Imula+  Umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami w’Ubuyuda bari bicaye ku ntebe z’ubwami, bambaye impuzu za cami. Bari bicaye ku mbuga* iri hafi y’irembo rya Samariya. Abahanuzi bose bari imbere yabo bariko bavuga ubuhanuzi. 10  Maze Zedekiya mwene Kenayana akora amahembe y’icuma hanyuma avuga ati: «Yehova avuze ati: “Aya ni yo uzokoresha mu gucumita* Abasiriya gushika ubahoneje.”» 11  N’abandi bahanuzi bose bariko bavuga nk’ukwo nyene bati: «Genda i Ramoti-Gileyadi kandi uratahukana intsinzi+. Yehova aragufasha gutsinda ico gisagara, mwami.» 12  Wa muntu yari yatumwe guhamagara Mikaya amubwira ati: «Umviriza, abahanuzi bose bariko babwira umwami ivyiza. Ndagusavye nawe uvuge ivyiza nka bo+ 13  Mugabo Mikaya avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, ivyo Imana yanje ivuga ni vyo nza kuvuga+ 14  Maze ashitse imbere y’umwami, umwami amubaza ati: «Mikaya, tuje gutera i Ramoti-Gileyadi canke ndeke?» Aca amwishura ati: «Genda kandi urahatsinda. Imana irabafasha kubatsinda.» 15  Umwami aca amubwira ati: «Nirirwe ndakurahiza kangahe ngo umbwize ukuri mw’izina rya Yehova aho kumpenda?» 16  Na we avuga ati: «Mbona Abisirayeli bose basanzaye ku misozi nk’intama zitagira umwungere+. Yehova yavuze ati: “Nta shebuja bagifise. Umwe wese niyisubirire iwe amahoro.”» 17  Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: «Sinari nakubwiye ko ata vyiza aza kuvuga ku binyerekeye, ahubwo ko aza kuvuga ibibi gusa+ 18  Mikaya yongera kuvuga ati: «Niwumve rero ubutumwa buvuye kuri Yehova. Nabonye Yehova yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami+, ingabo zose zo mw’ijuru+ zimuhagaze iburyo n’ibubamfu+. 19  Maze Yehova avuga ati: “Ni nde aza guhenda Ahabu umwami wa Isirayeli ngo aje i Ramoti-Gileyadi apfireyo?” Umwe atangura kuvuga uku, uwundi uku. 20  Haca haza umumarayika*+, ahagarara imbere ya Yehova, avuga ati: “Jewe ndamuhenda.” Yehova aca amubaza ati: “Ubigenza gute?” 21  Na we ati: “Ndagenda nkorere mu bahanuzi biwe bose, ntume bavuga ibinyoma*.” Amwishura ati: “Uraza kumuhenda kandi birakunda. Genda ugire gutyo.” 22  Yehova rero yatumye abahanuzi bawe bavuga ibinyoma*+, ariko vy’ukuri Yehova yafashe ingingo yo kuguteza ivyago.» 23  Zedekiya+ mwene Kenayana aca yegera Mikaya+ amukubita kw’itama+ maze avuga ati: «Ushatse kuvuga ko impwemu ya Yehova yamvuyeko ikaza kuvugana nawe? Yoba yaciye hehe+ 24  Mikaya aca amwishura ati: «Uzomenya aho yaciye umusi uzoja kwinyegeza mu cumba kiri ahantu hihishije.» 25  Maze umwami wa Isirayeli avuga ati: «Nimufate Mikaya mumujane, mumushikirize Amoni umukuru w’igisagara na Yowasi umuhungu w’umwami. 26  Mubabwire muti: “Umwami avuze ati: ‘Nimushire uyu mugabo mw’ibohero+, mumuhe ivyo kurya* n’amazi vy’inticantikize gushika ngarutse amahoro.’”» 27  Mugabo Mikaya avuga ati: «Niwaramuka ugarutse amahoro, Yehova azoba atavuganye nanje+.» Aca yongerako ati: «Yemwe bantu mwese, nimuvyumve.» 28  Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami w’Ubuyuda baja i Ramoti-Gileyadi+. 29  Umwami wa Isirayeli abwira rero Yehoshafati ati: «Ngira nambare izindi mpuzu niyoberanye maze nje mu rugamba, mugabo wewe wambare impuzu zawe za cami.» Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya, baraheza baja mu rugamba. 30  Umwami wa Siriya yari yategetse abakuru bajejwe abarwanira ku mikogote yiwe ati: «Ntihagire umusoda n’umwe murwanya, yaba mutoyi canke uwuhambaye. Murwanye umwami wa Isirayeli wenyene.» 31  Abo bakuru bakibona Yehoshafati, bibwira bati: «Umwami wa Isirayeli ni uyu.» Baca baja kumurwanya. Yehoshafati aca atangura gutabaza+, maze Yehova Imana aramufasha, abigiza kure yiwe. 32  Abo bakuru babonye yuko atari umwami wa Isirayeli, ubwo nyene baca bareka kumukurikira. 33  Ariko umugabo umwe apfa kurasa umwampi, asanga yagemye umwami wa Isirayeli aho ibice vy’ikoti y’ivyuma yari yambaye bihurira. Umwami aca abwira uwutwara umukogote wiwe ati: «Hindukiza umukogote mve mu rugamba* kuko nakomeretse cane+ 34  Kuri uwo musi urugamba rurakomera, biba ngombwa ko umwami wa Isirayeli bamushigikira kugira agume ahagaze mu mukogote, araba Abasiriya gushika ku mugoroba. Izuba rirenze, yaciye apfa+.

Utujambo tw'epfo

Canke «aramuhendahenda.»
Cari ikibanza bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «gusunika.»
Mu giheburayo havuga ngo «impwemu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndagenda nihindure impwemu y’ikinyoma mu kanwa k’abahanuzi biwe bose.»
Mu giheburayo havuga ngo «yashize impwemu y’ikinyoma mu kanwa k’abahanuzi bawe bose.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Mu giheburayo havuga ngo «mw’ikambi.»