Ngoma za kabiri 19:1-11

  • Yehu akebura Yehoshafati (1-3)

  • Ibintu Yehoshafati yakoze (4-11)

19  Maze Yehoshafati umwami w’Ubuyuda agaruka amahoro+ iwe* i Yeruzalemu.  Nuko Yehu+ mwene Hanani+ wa muhanuzi yavuga ivyo Imana yamweretse, aja guhura n’umwami Yehoshafati, amubwira ati: «Mbega umubisha ni we ukwiye gutabara+? Abanka Yehova ni bo ukwiye gukunda+? Ko wakoze ivyo, utumye Yehova agushavurira.  Mugabo hari ibintu vyiza Imana yakubonyemwo+, kuko wakuye mu gihugu inkingi nyeranda z’ibiti* kandi ugategura umutima wawe kugira urondere* Imana y’ukuri+  Yehoshafati abandanya kuba i Yeruzalemu. Yongera kugendera abanyagihugu kuva i Beri-Sheba gushika mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, kugira ngo abafashe kugaruka kuri Yehova Imana ya ba sekuruza+.  Agena n’abacamanza hirya no hino mu gihugu, mu gisagara cose+ gikingijwe ibihome co mu Buyuda.  Maze abwira abo bacamanza ati: «Muraba maso ku vyo mukora kuko mu guca imanza mudakorera abantu, ahubwo mukorera Yehova. Azoba ari kumwe namwe igihe muca imanza+.  Muze rero mutinye Yehova+. Muriyubara mu vyo mukora, kuko Yehova Imana yacu atarenganya+, atagira nkunzi+ kandi atarya igiturire+  I Yeruzalemu na ho nyene hari Abalewi n’abaherezi Yehoshafati yagenye be n’abakuru bamwebamwe b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, ngo bace imanza mw’izina rya Yehova bongere batunganirize ababa i Yeruzalemu+.  Abategeka ati: «Kugira mwerekane ko mutinya Yehova, ko muri abizigirwa kandi ko mukorana umutima wanyu wose*, ng’uku uko muzobigenza: 10  benewanyu bo mu bindi bisagara nibabatura amatati ajanye n’uwasheshe amaraso+ canke ikibazo kijanye n’itegeko, ibwirizwa, ivyagezwe canke ingingo zashinzwe, muze mubaburire kugira ntibaharurweko icaha imbere ya Yehova. Ahandiho yohava abashavurira mwe na benewanyu. Ukwo ni ko muzokora kugira ngo ntimuharurweko icaha. 11  Ng’uyu Amariya umukuru w’abaherezi. Azobafasha mu bibazo vyose biraba Yehova+. Zebadiya mwene Ishimayeli ni we mukuru w’umuryango wa Yuda ajejwe ibibazo vyose biraba umwami. Abalewi na bo bazobunganira mu gikorwa canyu. Nimukomere rero mukore, maze Yehova abane n’abakora iciza*+

Utujambo tw'epfo

Canke «ku kirimba.»
Canke «kandi umutima wawe ukaba wiyemeje kurondera.»
Canke «umutima ukwiye.»
Canke «ahezagire iciza mukora.»