Ngoma za kabiri 20:1-37

  • Ubuyuda buterwa n’ibihugu bibanyi (1-4)

  • Yehoshafati asenga Imana ngo imufashe (5-13)

  • Yehova amwishura (14-19)

  • Ubuyuda butabarwa ku gitangaro (20-30)

  • Intwaro ya Yehoshafati irangira (31-37)

20  Mu nyuma, Abanyamowabu+, Abamoni+ na bamwe mu Bamonimu* baza gutera Yehoshafati.  Nuko Yehoshafati amenyeshwa ko hari isinzi rinini rije kumutera rivuye mu karere k’ikiyaga*, muri Edomu+, rikaba rigeze i Hazazoni-Tamari, ari ho Eni-Gedi+.  Yehoshafati aca aratinya maze yiyemeza kurondera* Yehova+. Aca atangaza ko haba umusi wo kwisonzesha mu Buyuda hose.  Nuko abo mu Buyuda bakoranira hamwe kugira ngo basiguze Yehova+. Baje bavuye mu bisagara vyose vy’Ubuyuda bazanywe no guhanuza Yehova.  Maze Yehoshafati ahagarara imbere y’ishengero ry’ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu ryari mu kigo gishasha mu nzu ya Yehova,  avuga ati: «Ewe Yehova Mana ya ba sogokuruza bacu, ni wewe wenyene uri Imana mw’ijuru+. None si wewe uganza ubwami bwose bw’amahanga+? Mu kuboko kwawe huzuye ububasha n’inkomezi kandi nta n’umwe yoguhangara+.  Mana yacu, mbega si wewe wirukanye ababa muri iki gihugu bakabisa abantu bawe b’Abisirayeli? Waciye ugiha uruvyaro* rw’umugenzi wawe Aburahamu+ ngo kibabere intoranwa ibihe vyose.  Baciye bakibamwo maze bacubakamwo ahantu heranda hitirirwa izina ryawe+, bavuga bati:  “Icago nicatuzako, caba gitewe n’inkota, urubanza twaciriwe, ikiza canke inzara, tuzohagarara imbere y’iyi nzu n’imbere yawe (kuko iyi nzu yitirirwa izina ryawe+), tugutabaze mu marushwa yacu. Uze utwumve maze udukize+.” 10  Ehe dutewe n’Abamoni, Abanyamowabu n’abo mu karere k’imisozi ka Seyiri+. Warabujije Abisirayeli gutera ayo mahanga igihe bava mu gihugu ca Misiri. Bayaciye kure ntibayazimanganya+. 11  None raba ivyo batwishuye. Baje kutwomora mu ntoranwa watwihereye+. 12  Ewe Mana yacu, none ntiwobacira urubanza ukabahana+? Twebwe nta co twishoboje imbere y’iri sinzi rinini rije kudutera kandi ntituzi ico twokora+. Ni wewe duhanze amaso+ 13  Aho hose, abantu bose bo mu Buyuda bari bahagaze imbere ya Yehova bari kumwe n’abagore babo n’abana* babo, mbere n’utwana dutoyi. 14  Maze aho nyene mw’ishengero, impwemu ya Yehova iza kuri Yahaziyeli mwene Zakariya, Zakariya wa Benaya, Benaya wa Yeyeli, Yeyeli wa Mataniya. Yari Umulewi wo muri bene Asafu. 15  Avuga ati: «Yemwe ababa mu Buyuda mwese n’i Yeruzalemu, nawe mwami Yehoshafati, nimwumvirize! Yehova ababwiye ati: “Ntimutinye canke ngo muranduke umutima kubera iryo sinzi rinini kuko urugamba atari urwanyu, ahubwo ari urw’Imana+. 16  Ejo muzomanuke kubatera. Bazoza bazananye akayira kitwa Zizi. Muzobasanga ku mpera y’umwonga aharabana n’ubugaragwa bwa Yeruweli. 17  Ntimuzorinda kurwana. Muze muje mu kibanza canyu, mwihagararire gusa+ maze mwirabire ingene Yehova abakiza*+. Yemwe abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu, ntimutinye canke ngo muranduke umutima+. Ejo muze muje kubatera, kandi Yehova azoba ari kumwe namwe+.”» 18  Yehoshafati aca arunama mu maso hashika hasi. Ababa mu Buyuda bose n’i Yeruzalemu na bo nyene barunama imbere ya Yehova bashika hasi, maze basenga Yehova. 19  Maze Abalewi bakomoka kuri Kohati+ no kuri Kora bava hasi bashemeza Yehova Imana ya Isirayeli n’ijwi rirenga cane+. 20  Nuko bakoroka kare mu gitondo, maze baja mu bugaragwa bwa Tekowa+. Bariko baragenda, Yehoshafati ahagarara imbere yabo, ababwira ati: «Nimunyumve yemwe ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu! Nimwizere Yehova Imana yanyu kugira ngo mugume mutekanye*. Nimwizere abahanuzi biwe+ muheze muroranirwe.» 21  Amaze kuja inama n’abantu, aca agena abo kuririmbira+ Yehova no kumushemeza bambaye impuzu nyeranda. Bari kugendera imbere y’abafise ibirwanisho baririmba bati: «Nimukengurukire Yehova, kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+ 22  Aho batanguriye kuririmba amashemezo banezerewe, Yehova aca arungika igitero mu Bamoni, Abanyamowabu n’abo mu karere k’imisozi ya Seyiri bari baje gutera Ubuyuda, baterwa batiteguye. Umwe wese aca yica mugenziwe+. 23  Nuko Abamoni n’Abanyamowabu bahindukirira abo mu karere k’imisozi ka Seyiri+ barabatikiza, barabazimanganya. Bakimara kwica ababa i Seyiri, na bo baca batangura kwicana+. 24  Abo mu Buyuda bashitse ku munara w’inderetsi uri mu bugaragwa+ bakaraba aho iryo sinzi ryari, babona ni imivyimba gusa irambaraye hasi+. Nta n’umwe yari yarokotse. 25  Nuko Yehoshafati n’abantu biwe baza gusahura izo ngabo, basanga hari umuyoro w’ibintu: uri amatungo, ivyambarwa n’ibindi bintu vy’agaciro. Batangura kubiseha gushika aho bibananira gutwara+. Bamaze imisi itatu basahura kuko vyari vyinshi cane. 26  Ku musi ugira kane bakoranira mu kiyaya ca Beraka, bashemeza* Yehova. Ni co gituma aho hantu hiswe ikiyaya ca Beraka*+ gushika n’uyu musi. 27  Nuko abagabo bose bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu basubira i Yeruzalemu barongowe na Yehoshafati. Basubiyeyo banezerewe kuko Yehova yari yatumye banezerwa mu kubafasha gutsinda abansi babo+. 28  Binjira i Yeruzalemu bavuza ibicurarangisho vy’imirya, inanga+ n’inzumbete+, maze baja ku nzu ya Yehova+. 29  Nuko abantu bo mu bwami bwose bwo mu bindi bihugu bagira ubwoba buvuye kuri Yehova Imana, aho bamariye kwumva ingene yarwanije abansi ba Isirayeli+. 30  Ntihagira igisubira kudurumbanya ubwami bwa Yehoshafati. Imana yiwe ibandanya kumuha amahoro* impande zose+. 31  Yehoshafati abandanya kuganza Ubuyuda. Yabaye umwami afise imyaka 35, amara imyaka 25 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Azuba, akaba yari umukobwa wa Shilihi+. 32  Aguma akurikira akarorero ka se Asa+ adaca ku ruhande, akora ivyo Yehova abona ko bigororotse+. 33  Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+, kandi abantu ntibari bwategure umutima wabo ngo barondere Imana ya ba sekuruza+. 34  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoshafati, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, biranditswe mu vyavuzwe na Yehu+ mwene Hanani+. Biri mu Gitabu c’abami ba Isirayeli. 35  Inyuma y’ivyo, Yehoshafati umwami w’Ubuyuda agirana amasezerano na Ahaziya umwami wa Isirayeli yakora ivy’ububisha+. 36  Yifatanya na we mu gukora amato* aja i Tarushishi+, bayakorera i Eziyoni-Geberi+. 37  Ariko Eliyezeri mwene Dodavahu w’i Maresha avuga ubuhanuzi bwo kuburira Yehoshafati ati: «Ko wagiranye amasezerano na Ahaziya, Yehova azosambura ivyo wakoze+.» Nuko nya mato arasambuka+, ntivyakunda ko aja i Tarushishi.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «Abameyuni.»
Biboneka ko ari ikiyaga c’Umunyu.
Canke «arabisha amaso ku kurondera.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Canke «abarokora.»
Canke «murindireko.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «bahezagira.»
Iryo zina risobanura ngo «umuhezagiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.