Ngoma za kabiri 21:1-20

  • Yehoramu, umwami w’Ubuyuda (1-11)

  • Ubutumwa Eliya yanditse (12-15)

  • Iherezo ribi rya Yehoramu (16-20)

21  Mu nyuma Yehoshafati arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi. Maze umuhungu wiwe Yehoramu atangura kuganza mu kibanza ciwe+.  Abandi bahungu ba Yehoshafati, ari bo benewabo na Yehoramu, bari Azariya, Yehiyele, Zakariya, Azariya, Mikayeli na Shefatiya. Abo bose bari abahungu ba Yehoshafati umwami wa Isirayeli.  Se yari yarabagabiye ibintu vyinshi vyo mw’ifeza no mu nzahabu n’ibindi bintu vy’agaciro, abaha n’ibisagara bikingijwe ibihome vyo mu Buyuda+. Mugabo ubwami yabuhaye Yehoramu+ kuko yari imfura.  Yehoramu amaze kuramutswa ubwami bwa se, akomeza ubutegetsi bwiwe mu kwicisha inkota benewabo bose+, yica na bamwebamwe mu batware bo muri Isirayeli.  Yehoramu yabaye umwami afise imyaka 32, aca amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu+.  Yiganye akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, akora nk’ivyo abo mu muryango wa Ahabu bakoze kuko yari yararongoye umukobwa wa Ahabu+. Aguma akora ivyo Yehova abona ko ari bibi.  Mugabo Yehova ntiyashaka guhonya umuryango* wa Dawidi, kubera isezerano yari yaragiranye na we+. Yari yamusezeraniye ko azomuha itara* we n’abahungu biwe ibihe vyose+.  Ku ntwaro ya Yehoramu, Abanyedomu bagarariza Ubuyuda+, biyimikira umwami+.  Yehoramu n’abakomanda biwe baca bajabukana n’imikogote yiwe yose maze Abanyedomu baramukikuza we hamwe n’abakuru bajejwe imikogote. Mugabo ahengera mw’ijoro aravyuka, arabarwanya arabatsinda. 10  Abanyedomu bagumye bagarariza Ubuyuda gushika n’uyu musi. Ico gihe ab’i Libuna+ na bo nyene baramugarariza. Ivyo vyabaye kubera yari yahevye Yehova Imana ya ba sekuruza biwe+. 11  Yehoramu kandi yari yaratunganije ibibanza vyo gusengeramwo*+ ku misozi yo mu Buyuda. Yatumye ababa i Yeruzalemu bahemukira Imana basenga izindi mana*, azimiza abo mu Buyuda. 12  Mu nyuma, aronka ubutumwa bwanditswe n’umuhanuzi Eliya+ bugira buti: «Yehova Imana ya sogokuruza Dawidi avuze ati: “Ntiwiganye akarorero ka so Yehoshafati+ n’aka Asa+ umwami w’Ubuyuda. 13  Mugabo wiganye abami ba Isirayeli+, utuma ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu bahemukira Imana basenga izindi mana*+, nk’uko abo mu muryango wa Ahabu babigira+. Warishe na benewanyu+ bo mu rugo rwa so kandi bari intore kukurusha. 14  Yehova rero agira ateze ivyago bikomeye abantu bawe, abahungu bawe, abagore bawe n’ivyawe vyose. 15  Kandi uzorwara ibirwara vyinshi, harimwo n’indwara y’amara, gushika n’aho amara yawe agenda arasohoka ku musi ku musi kubera iyo ndwara.”» 16  Nuko Yehova ashuhurira+ kuri Yehoramu Abafilisitiya*+ n’Abarabu+ baba hafi y’Abanyetiyopiya. 17  Batera Ubuyuda, binjirayo ku nguvu maze basahura ibintu vyose basanze mu nzu* y’umwami+, batwara n’abahungu biwe n’abagore biwe. Umuhererezi wiwe Yehowahazi*+ ni we muhungu wenyene yasigaye. 18  Inyuma y’ivyo vyose, Yehova amuteza indwara y’amara idakira+. 19  Haheze imyaka ibiri yuzuye, amara yiwe atangura gusohoka kubera iyo ndwara. Mu nyuma araremba, arateba arapfa. Abantu biwe nta muriro bamucaniye ngo bamutere iteka nk’uko babigiriye ba sekuruza biwe+. 20  Yehoramu yabaye umwami afise imyaka 32, maze amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu. Nta n’umwe yababajwe n’urupfu rwiwe. Nuko bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+, mugabo ntibamuhamba aho bahamba abami+.

Utujambo tw'epfo

Canke «umuryango wa cami.» Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Ni ukuvuga uwumukomokako.
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Canke «yatumye ababa i Yeruzalemu bakorana ubumaraya n’izindi mana.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Canke «ababa i Yeruzalemu bakorana ubumaraya n’izindi mana.»
Mu giheburayo havuga ngo «impwemu y’Abafilisitiya.»
Canke «ku kirimba.»
Yitwa kandi Ahaziya.