Ngoma za kabiri 22:1-12

  • Ahaziya, umwami w’Ubuyuda (1-9)

  • Ataliya yiha ubutegetsi (10-12)

22  Maze ababa i Yeruzalemu bimika Ahaziya umuhungu wiwe w’umuhererezi ngo abe umwami mu kibanza ciwe. Babigize kuko ka kagwi k’abambuzi kazanana n’Abarabu gutera ikambi y’Ubuyuda kishe bakuruwe bose+. Nuko umwami Ahaziya mwene Yehoramu atangura kuganza Ubuyuda+.  Ahaziya yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Ataliya+, akaba yari umwuzukuru* wa Omuri+.  Na we nyene yakurikiye akarorero kabi k’abo mu muryango wa Ahabu+, kuko nyina yamuhanura gukora ivy’ububisha.  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nk’abo mu muryango wa Ahabu, kuko aho se apfiriye ari bo bari basigaye ari abajanama biwe, bikaba vyamukwegeye guhona.  Ahaziya yakurikije impanuro bamuha, aja i Ramoti-Gileyadi+ ari kumwe na Yehoramu mwene Ahabu umwami wa Isirayeli. Bari bagiye kurwana na Hazayeli+ umwami wa Siriya, mugabo abarasisha umuheto bakomeretsa Yehoramu.  Yehoramu aca asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko bari bamukomerekeje igihe yari i Ramoti* kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya+. Nayo Ahaziya* mwene Yehoramu+ umwami w’Ubuyuda aja i Yezireli gusuhuza Yehoramu+ mwene Ahabu, kuko yari arwaye*+.  Mugabo Imana yatumye urugendo Ahaziya yagize aja kwa Yehoramu rumuviramwo urupfu. Amaze gushikayo, yajanye na Yehoramu gusanganira Yehu+ umwuzukuru* wa Nimushi, uwo Yehova yari yararobanuje amavuta* kugira ahonye umuryango wa Ahabu+.  Aho Yehu atanguriye gushira mu ngiro urubanza rwaciriwe umuryango wa Ahabu, yahuye n’abatware bo mu Buyuda be n’abahungwabo* na Ahaziya, bakaba bakorera Ahaziya, maze arabica+.  Aca arondera Ahaziya. Bamusanze aho yari yinyegeje i Samariya, baramufata baraheza bamuzanira Yehu. Baca baramwica maze baramuhamba+, kuko bavuze bati: «Ni umwuzukuru wa Yehoshafati, umwami yakoreye* Yehova n’umutima wiwe wose+.» Nta muntu n’umwe wo mu muryango wa Ahaziya yari ashoboye kuganza ari umwami. 10  Nuko Ataliya+ nyina wa Ahaziya abonye ko umuhungu wiwe yapfuye, aca ava hasi ahonya abo mu nda y’ingoma bose* mu Buyuda+. 11  Ariko Yehoshabeyati umukobwa w’umwami atora mu mpisho* Yehowasi+ mwene Ahaziya, amukura mu bahungu b’umwami bagira bicwe. Aja kumunyegeza we n’umurezi wiwe mu cumba kimwe. Yehoshabeyati umukobwa w’umwami Yehoramu+ yagumye anyegeje uwo muhungu ku buryo Ataliya atashoboye kumubona ngo amwice+. (Yehoshabeyati yari umugore w’umuherezi Yehoyada+ akaba na mushiki wa Ahaziya.) 12  Yehowasi agumana na bo imyaka itandatu binyegeje mu nzu y’Imana y’ukuri. Ataliya ni we yaganza igihugu.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa.»
Canke «yari yarakomeretse.»
Mu mizingo imwimwe y’igiheburayo yitwa Azariya.
Mu giheburayo havuga ngo «Rama.» Ni izina Ramoti-Gileyadi rivunaguye.
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu.»
Canke «abahungu ba benewabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «yarondeye.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rwose rw’ubwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «yiba.»