Ngoma za kabiri 24:1-27

  • Intwaro ya Yehowasi (1-3)

  • Yehowasi asubiramwo urusengero (4-14)

  • Yehowasi aba umuhuni (15-22)

  • Yehowasi yicwa (23-27)

24  Yehowasi yari afise imyaka indwi igihe yatangura kuganza+, maze amara imyaka 40 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Zibiya, akaba yava i Beri-Sheba+.  Yehowasi yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse igihe cose umuherezi Yehoyada yamaze akiriho+.  Yehoyada yamurondereye abagore babiri, hanyuma avyara abahungu n’abakobwa.  Inyuma y’ivyo, Yehowasi agira icipfuzo co gusubiramwo inzu ya Yehova+.  Nuko akoraniriza hamwe abaherezi n’Abalewi, ababwira ati: «Nimuje mu bisagara vy’Ubuyuda, mwegeranye amahera yo gusanasana inzu y’Imana+ yanyu ku mwaka ku mwaka, muyakuye mu Bisirayeli bose, kandi mubinyarutse.» Mugabo abaherezi ntibanyarutsa+.  Umwami atumako rero Yehoyada umukuru w’abaherezi, amubwira ati+: «Kubera iki utasavye Abalewi ngo bazane ikori ryeranda ryashinzwe na Musa+ wa musavyi wa Yehova barikuye mu Buyuda n’i Yeruzalemu? Kubera iki utabasavye ngo bazane iryo kori ryeranda ritangwa n’ishengero rya Isirayeli ku bw’ihema ririmwo isandugu y’isezerano*+?  Urazi neza yuko abahungu ba Ataliya+ wa mugore w’umubisha binjiye ku nguvu mu nzu y’Imana y’ukuri+, bagakoresha ibintu vyeranda vyose vyo mu nzu ya Yehova mu gusenga za Bayali.»  Maze umwami ategeka yuko bakora isandugu+, bakayishira hanze hafi y’irembo ry’inzu ya Yehova+.  Inyuma y’ivyo batangariza ababa mu Buyuda hose n’i Yeruzalemu ngo bazanire Yehova ikori ryeranda+, rimwe Musa wa musavyi w’Imana y’ukuri yari yarashingiye Abisirayeli mu bugaragwa. 10  Nuko abatware bose n’abanyagihugu bose baranezerwa+. Baguma bazana intererano zabo bakazishira muri ya sandugu gushika yuzuye*. 11  Igihe cose Abalewi baba binjije iyo sandugu ngo bayishikirize umwami, bagasanga amahera arimwo yagwiriye, umunyamabanga w’umwami n’icariho c’umukuru w’abaherezi baca baza bakayicuranura+ maze bakayisubiza aho yari iri. Ukwo ni ko babigenza ku musi ku musi, kandi baregeranije amahera menshi. 12  Umwami na Yehoyada baca bayaha abahagarikiye igikorwa co ku nzu ya Yehova. Abo bahagarikiye igikorwa baca bayahemba abaringaniza amabuye n’abanyamyuga b’abahinga kugira ngo basubiremwo inzu ya Yehova+. Barahemba n’abakora ibijanye n’ubutare bw’icuma n’umujumpu kugira ngo basanasane iyo nzu ya Yehova. 13  Nuko abahagarikiye igikorwa batanguza ibikorwa vyo gusanasana iyo nzu y’Imana y’ukuri, biguma bitera imbere. Maze iyo nzu bayisubiza nk’uko yahora, barayikomeza. 14  Bakimara kurangiza, baciye bazanira umwami na Yehoyada amahera yasigaye. Maze bayikorako mu gukoresha ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova, harimwo ibikoresho bijanye n’igikorwa cahakorerwa, ivyakoreshwa mu gutanga amashikanwa, ibikombe, n’ibikoresho vy’inzahabu be n’ivy’ifeza+. Igihe cose Yehoyada yamaze akiriho, hama hatangwa ibimazi biturirwa+ ku nzu ya Yehova. 15  Yehoyada amaze gusaza cane*, yahavuye apfa. Yari afise imyaka 130. 16  Nuko bamuhamba mu gisagara ca Dawidi aho bahamba abami+, kubera ivyiza yakoze muri Isirayeli+ bijanye n’Imana y’ukuri n’inzu yayo. 17  Inyuma y’urupfu rwa Yehoyada, abatware bo mu Buyuda baraje bunamira umwami, na we arabumviriza. 18  Nuko abantu baheba inzu ya Yehova Imana ya ba sekuruza, batangura gusenga* ibigirwamana n’inkingi nyeranda z’ibiti*. Ivyo vyatumye Imana ishavurira ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu kubera ivyaha vyabo. 19  Yehova yaguma abarungikira abahanuzi kugira ngo babagarukane kuri we. Baguma bababurira*, mugabo ntibumve+. 20  Impwemu y’Imana iza kuri* Zakariya umuhungu w’umuherezi Yehoyada+. Ahagarara ahantu hataramutse imbere y’abantu ababwira ati: «Imana y’ukuri ivuze iti: “Kubera iki muhonyanga amabwirizwa ya Yehova? Ntimuzororanirwa. Ko mwahevye Yehova, na we rero azobaheba+.”» 21  Mugabo baja inama yo kumugirira nabi+ maze bamwicisha amabuye babitegetswe n’umwami. Bamwiciye mu kigo c’inzu ya Yehova+. 22  Umwami Yehowasi yaribagiye ivyiza yakorewe na Yehoyada* se wa Zakariya, yica uwo muhungu wiwe. Ariko aracikana yavuze ati: «Yehova abirabe, aze abiguhanire+ 23  Mu ntango z’umwaka, abasoda b’Abasiriya baja gutera Yehowasi, maze bakwiragira mu Buyuda n’i Yeruzalemu+. Baraheza bica abatware bose+, ivyo basahuye vyose babirungikira umwami w’i Damasiko. 24  Naho abo basoda b’Abasiriya bateye ari bake, Yehova yarabafashije gutsinda ingabo nyinshi cane+, kubera ko abantu bo mu Buyuda bari barahevye Yehova Imana ya ba sekuruza. Nuko bashitsa* kuri Yehowasi urubanza yaciriwe. 25  Igihe bava iwe (kubera ko basize bamukomerekeje cane*), abasuku biwe baciye baja inama yo kumugirira nabi kubera yari yasheshe amaraso y’abahungu* b’umuherezi Yehoyada+. Bamwiciye ku buriri bwiwe+. Nuko arapfa bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+, mugabo ntibamuhamba aho bahamba abami+. 26  Abagiye inama yo kumugirira nabi+ bari aba: Zabadi umuhungu w’Umwamonikazi yitwa Shimeyati na Yehozabadi umuhungu w’Umunyamowabukazi yitwa Shimuriti. 27  Nayo ibijanye n’abahungu biwe, imburi zimugabisha yahawe+ be n’igikorwa yakoze co gusubiramwo inzu* y’Imana y’ukuri+, vyose vyanditswe* mu Gitabu c’abami. Maze umuhungu wiwe Amaziya atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ihema ryeranda ry’icabona.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «gushika bose batanze.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaze gusaza, ahaze imisi.»
Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»
Canke «bashinga intahe yo kubagiriza.»
Mu giheburayo havuga ngo «itwikira.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera) rwa Yehoyada.»
Abo ni Abasiriya.
Canke «basize arwaye indwara nyinshi.»
Canke «umuhungu.» Kuba hakoreshejwe ubwinshi bishobora kuba vyerekana icubahiro.
Mu giheburayo havuga ngo «gushinga umushinge w’inzu.»
Canke «vyasiguwe.»