Ngoma za kabiri 27:1-9

  • Yotamu, umwami w’Ubuyuda (1-9)

27  Yotamu+ yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yerusha, akaba yari umukobwa wa Sadoki+.  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse cokimwe na se Uziya+, uretse ko we atinjiye aho adafitiye uburenganzira mu rusengero rwa Yehova+. Ariko abantu bari bagikora ibibi.  Yarubatse irembo ryo haruguru ry’inzu ya Yehova+, yubaka n’ibindi vyinshi ku ruzitiro rw’i Ofeli+.  Yarubatse n’ibisagara+ mu karere k’imisozi k’Ubuyuda+, yongera yubaka iminara+ n’ibibanza bikingijwe ibihome+ mu mashamba.  Yararwanye n’umwami w’Abamoni+ arateba arabatsinda. Ni co gituma muri uwo mwaka Abamoni bamuhaye italanto* 100 z’ifeza, ingero 10.000 zitwa koro* z’ingano n’ingero 10.000 zitwa koro za sayiri. Mu mwaka ugira kabiri no mu wugira gatatu, bamuhaye nk’ivyo nyene+.  Nuko Yotamu aguma akomera kuko yari yiyemeje kugendera mu nzira za Yehova* Imana yiwe.  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yotamu, ni ukuvuga intambara zose yarwanye n’ivyo yakoze, vyanditswe mu Gitabu c’abami ba Isirayeli n’ab’Ubuyuda+.  Yari afise imyaka 25 igihe yaba umwami, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu+.  Nuko Yotamu arapfa maze bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+. Umuhungu wiwe Ahazi aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

Utujambo tw'epfo

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.
Canke «yari yateguye inzira ziwe imbere ya Yehova.»