Ngoma za kabiri 31:1-21

  • Hezekiya atuza ibikorwa vyo kutubaha Imana (1)

  • Abaherezi n’Abalewi baronswa ivyo bakeneye (2-21)

31  Bakirangiza ivyo vyose, Abisirayeli bose bari ng’aho baja mu bisagara vy’Ubuyuda, bamenagura inkingi nyeranda z’amabuye+, bicira n’inkingi nyeranda z’ibiti*+. Basenyagura ibibanza vyo gusengeramwo*+ n’ibicaniro+ mu Buyuda bwose no mu karere ka Benyamini, aka Efurayimu n’aka Manase+, gushika babizimanganije vyose. Abisirayeli bose baraheza basubira mu bisagara vyabo, umwe wese kw’itongo ryiwe.  Maze Hezekiya ashira abaherezi mu migwi yabo+ n’Abalewi mu migwi yabo+ kugira ngo umuherezi wese n’Umulewi wese akore igikorwa ajejwe+. Baratanga amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira, bagakora ibikorwa bajejwe, bagakengurukira Imana bakongera bakayishemeza bari mu marembo y’ibigo* vya Yehova+.  Mu vy’umwami atunze, hari ivyo yatanga ku bw’amashikanwa aturirwa+. Muri ayo mashikanwa harimwo n’ayo batanga mu gitondo no ku mugoroba+, ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku misi mikuru+, hisunzwe ivyanditswe mu mategeko ya Yehova.  Vyongeye, umwami ategeka ababa i Yeruzalemu kuza baraha abaherezi n’Abalewi+ umugabane bagenewe kugira ngo bitwararike rwose* itegeko rya Yehova.  Iryo tegeko rikimara gusohoka, Abisirayeli batanga ku bwinshi ivyo bimbuye ubwa mbere*: uri intete, umuvinyu mushasha, amavuta+, ubuki n’ibindi vyose bimbuye mu mirima+. Bazanye ku bwinshi ic’icumi c’ibintu vyose+.  Abantu bo muri Isirayeli n’abo mu Buyuda baba mu bisagara vyo mu Buyuda, na bo nyene bazana ic’icumi c’inka n’intama n’ic’icumi c’ibintu vyeranda+ vyeguriwe* Yehova Imana yabo. Babizana ari vyinshi cane babishira aho.  Batanguye kuzana izo ntererano zose mu kwezi kugira gatatu+, barangiza mu kwezi kugira indwi+.  Aho Hezekiya n’abatware baziye bakabona izo ntererano zose, baca bashemeza Yehova, bahezagira n’abantu biwe b’Abisirayeli.  Hezekiya abajije abaherezi n’Abalewi ibijanye n’izo ntererano zose, 10  Azariya umukuru w’abaherezi bo mu muryango wa Sadoki amwishura ati: «Kuva igihe batanguriye kuzana intererano mu nzu ya Yehova+, abantu barariye barahaga kandi haracasigaye vyinshi kuko Yehova yahezagiye abantu biwe. Ibi vyose ubona bingana gutya ni ivyasigaye+ 11  Hezekiya aca ababwira ngo bategure ivyumba vy’ububiko*+ vyo mu nzu ya Yehova. Baca barabitegura. 12  Baguma bazana intererano badahemuka, n’ivy’icumi+ be n’ibintu vyeranda. Umulewi yitwa Konaniya ni we yari abihagarikiye vyose, agakurikirwa na mwenewabo Shimeyi. 13  Yehiyele, Azaziya, Nahati, Asaheli, Yerimoti, Yozabadi, Eliyeli, Isimakiya, Mahati na Benaya bari ivyariho bifasha Konaniya na mwenewabo Shimeyi, nk’uko umwami Hezekiya yari yabitegetse. Azariya na we yari ahagarikiye inzu y’Imana y’ukuri. 14  Kore mwene Imuna yari Umulewi arinda irembo mu buseruko+. Yari ajejwe amashikanwa abantu baha Imana y’ukuri bavyishakiye+ kandi ni we yagabura intererano zihabwa Yehova+ n’ibintu vyeranda cane+. 15  Mu bisagara vy’abaherezi+, hari abo yatwara bari bajejwe ibanga ry’abizigirwa. Ni bo b’aba: Edeni, Miniyamini, Yeshuwa, Shemaya, Amariya na Shekaniya. Bari bajejwe igikorwa co guha benewabo bo mu migwi+ itandukanye imigabane ingana, yaba umukuru canke umuto. 16  Ivyo vyaza vyiyongera ku gikorwa co kugaburira abantu b’igitsina-gabo baza buri musi ku nzu ya Yehova gukora igikorwa bajejwe bisunze imigwi barimwo. Bari banditswe hakurikijwe amamuko yabo kuva ku bafise imyaka itatu kuduga. 17  Abaherezi banditswe hakurikijwe imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo+ nk’uko n’Abalewi banditswe. Handitswe abafise imyaka 20 kuduga+, hisunzwe ivyo bajejwe mu migwi+ bakoreramwo. 18  Haranditswe n’abagore babo, abahungu babo n’abakobwa babo mbere n’utwana dutoyi, emwe Abalewi bose. Banditswe kubera ko bitwararika kuguma ari beranda kugira bakore ibikorwa vyeranda bijanye n’ibanga ryabo ry’abizigirwa. 19  Haranditswe n’abakomoka kuri Aroni, ni ukuvuga abaherezi baba mu matongo yo kuragiramwo yari akikuje ibisagara vyabo+. Mu bisagara vyose hari abagabo bari batowe* kugira ngo bahe imigabane y’ibifungurwa uw’igitsina-gabo wese mu baherezi n’uwo wese yanditswe ku rutonde rwerekana amamuko y’Abalewi. 20  Ivyo Hezekiya yabikoze mu Buyuda hose. Yabandanije gukora ivyo Yehova Imana yiwe abona ko ari vyiza kandi bigororotse, aguma ari umwizigirwa kuri we. 21  Yarakoze ibintu bitandukanye arondera Imana yiwe, haba mu bijanye n’igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri+ canke mu bijanye no kwubahiriza amategeko be n’amabwirizwa. Vyose yabikoranye umutima wiwe wose, kandi yararoraniwe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Mu giheburayo havuga ngo «y’amakambi.»
Canke «bihebere rwose.»
Canke «umushuzo.»
Canke «vyagizwe vyeranda bihabwa.»
Canke «uburiro.»
Canke «batowe bakavugwa amazina.»