Ngoma za kabiri 32:1-33

  • Senakeribu atera ubwoba ab’i Yeruzalemu (1-8)

  • Senakeribu acokora Yehova (9-19)

  • Umumarayika yica ingabo z’Abashuri (20-23)

  • Hezekiya arwara, mu nyuma akagira ubwibone (24-26)

  • Ivyo Hezekiya yaranguye. Urupfu rwiwe (27-33)

32  Inyuma y’ivyo vyose be n’ivyo Hezekiya yakoze vyerekana ko ari umwizigirwa+, Senakeribu umwami wa Ashuri aza gutera Ubuyuda. Yugariza ibisagara bikingijwe ibihome arondera kumena inzitiro zavyo ngo abifate+.  Hezekiya abonye ko Senakeribu aje yiyemeje gutera Yeruzalemu,  aca ahanuza abatware biwe n’abarwanyi biwe. Maze afata ingingo yo kuzibira amasoko y’amazi yari hanze y’igisagara+, na bo baramushigikira.  Maze abantu benshi bakoranirizwa hamwe, bazibira amasoko yose y’amazi n’uruzi rwatemba ruca mu gihugu, kuko bavuga bati: «Kubera iki abami ba Ashuri boza bagasanga hari amazi menshi?»  Vyongeye, agira umwete yubaka uruzitiro rwose rwari rwarasenyuwe, arwubakako n’iminara, ku ruhande rw’inyuma na ho ahubaka urundi ruhome. Asanasana n’agasozi Milo*+ k’igisagara ca Dawidi, akora n’ibirwanisho* vyinshi cane be n’inkinzo.  Maze ashiraho abakuru b’ingabo bo kugaba abantu, abakoraniriza mu kibanza rusangi* co kw’irembo ry’igisagara, abaremesha* ati:  «Nimugire umutima rugabo kandi mukomere. Ntimutinye canke ngo muranduke umutima kubera umwami wa Ashuri+ n’isinzi ryose riri kumwe na we, kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na we+.  We afise inkomezi z’abantu buntu*, mugabo twebwe dufise Yehova Imana yacu adufasha kandi akaturwanira mu ntambara+.» Nuko abantu baremeshwa n’ayo majambo ya Hezekiya umwami w’Ubuyuda+.  Mu nyuma, igihe Senakeribu umwami wa Ashuri yari i Lakishi+ ari kumwe n’ingabo ziwe zose*, atuma abasuku biwe i Yeruzalemu kuri Hezekiya umwami w’Ubuyuda no ku Bayuda bose b’i Yeruzalemu+ ati: 10  «Senakeribu umwami wa Ashuri avuze ati: “Mwizigiye iki aho mwigumira i Yeruzalemu kandi hugarijwe+? 11  Erega Hezekiya ariko arabahenda kugira ngo mwicwe n’inzara n’inyota, ababwira ngo: ‘Yehova Imana yacu azodukiza umwami wa Ashuri+.’ 12  Mbega Hezekiya si we nyene yakuyeho ibibanza vyo gusengeramwo+ Imana yanyu* n’ibicaniro vyayo+, maze akabwira abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu ngo: ‘Muzoze murunamira Imana imbere y’igicaniro kimwe kandi kibe ari co mutangako ibimazi+ bifumbe umwotsi’? 13  Mbega ntimuzi ivyo jewe na ba sogokuruza banje twakoreye abantu bo mu bindi bihugu+? Mbega imana z’ayo mahanga zoba zarashoboye kuyakingira ngo sindayatsinde+? 14  Mu mana z’ayo mahanga yose ba sogokuruza banje batikije, ni iyihe yashoboye gukingira abantu bayo ngo sindabatsinde? Mwibaza none ko Imana yanyu ari yo izoshobora kubakingira ngo sindabatsinde+? 15  Hezekiya ntabahende. Ntimwemere ngo abayovye gutyo+. Ntimumwizigire kuko ata mana y’ihanga na rimwe canke y’ubwami na bumwe yashoboye gukingira abantu bayo ngo jewe canke ba sogokuruza banje ntitubatsinde. Hari akantu Imana yanyu! Ntizoshobora kubakingira ngo sindabatsinde+.”» 16  Abasuku ba Senakeribu babandanya kuvuga nabi Yehova Imana y’ukuri n’umusavyi wiwe Hezekiya. 17  Yandika n’amakete+ yo gutuka Yehova Imana ya Isirayeli+ no kumuvuga nabi, agira ati: «Kurya nyene imana z’ayandi mahanga zitakingiye abantu bazo ngo sindabatsinde+, ni ko n’Imana ya Hezekiya itazokingira abantu bayo ngo sindabatsinde.» 18  Baguma basemerera mu rurimi rw’ikiyuda babwira abantu b’i Yeruzalemu bari bahagaze ku ruzitiro, kugira ngo babatere ubwoba bongere babarandure umutima, baheze bafate nya gisagara+. 19  Bavuga nabi Imana y’i Yeruzalemu nk’uko bavuze nabi imana z’ayandi mahanga yo kw’isi zakozwe n’amaboko y’abantu. 20  Mugabo umwami Hezekiya n’umuhanuzi Yesaya+ mwene Amozi, baguma basenga ku bijanye n’ico kintu bongera batabaza Imana yo mw’ijuru+. 21  Nuko Yehova arungika umumarayika atikiza abarwanyi bose b’intwari+, intwazangabo zose, n’abakuru bose bo mw’ikambi y’umwami wa Ashuri, ku buryo asubira mu gihugu ciwe amaramara. Mu nyuma yinjira mu rusengero* rw’imana yiwe, maze bamwe mu bahungu biwe bwite bamusangayo bamwicisha inkota+. 22  Gutyo Yehova akiza Hezekiya n’ababa i Yeruzalemu, abakiza Senakeribu umwami wa Ashuri n’abandi bose, abaha amahoro* impande zose. 23  Maze abantu benshi bazanira ingabire Yehova i Yeruzalemu, bazanira n’ibintu vyizavyiza Hezekiya umwami w’Ubuyuda+, asigara yubahwa cane mu mahanga yose. 24  Muri iyo misi, Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Maze asenga Yehova+ na we aramwishura, amuha n’ikimenyetso*+. 25  Mugabo Hezekiya ntiyerekanye ko ashima ivyiza yagiriwe, kuko umutima wiwe wagize ubwibone bigatuma Imana imushavurira, igashavurira n’Ubuyuda na Yeruzalemu. 26  Ariko Hezekiya yicisha bugufi areka ubwibone bwo mu mutima wiwe+, n’ababa i Yeruzalemu bagira ukwo nyene, bituma ishavu rya Yehova ritabazako ku ntwaro ya Hezekiya+. 27  Nuko Hezekiya agira ubutunzi bwinshi cane n’icubahiro cinshi cane+. Yiyubakira ibigega vyo kubikamwo+ ifeza, inzahabu, amabuye y’agaciro, amavuta amota neza*, inkinzo n’ibindi bintu vyizavyiza vyose. 28  Yubaka n’ibigega vyo kubikamwo umwimbu w’intete, umuvinyu mushasha n’amavuta. Yubaka n’impongore z’ubwoko bwose bw’ibitungwa bininibinini na bitobito. 29  Yiyubakira n’ibisagara, yironsa n’inka, impene n’intama vyinshi kuko Imana yamuhaye itunga ryinshi cane. 30  Hezekiya ni we yazibiye isoko ry’amazi+ rya Gihoni+ ryo haruguru maze yerekeza ayo mazi epfo mu burengero bw’igisagara ca Dawidi+. Hezekiya yararoraniwe mu vyo yakoze vyose. 31  Mugabo igihe abavugizi b’abatware b’i Babiloni baza kumubaza ibijanye n’ikimenyetso*+ cari cabaye mu gihugu+, Imana y’ukuri yaramuretse kugira imugeze+ ngo imenye ivyari mu mutima wiwe vyose+. 32  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Hezekiya, ni ukuvuga ibikorwa vyose biranga urukundo* yakoze+, vyanditswe mu vyo umuhanuzi Yesaya+ mwene Amozi yeretswe, biri mu Gitabu c’abami b’Ubuyuda n’aba Isirayeli+. 33  Nuko Hezekiya arapfa, maze bamuhamba ku kadugo kaja ku mva z’abakomoka kuri Dawidi+. Ababa mu Buyuda bose n’i Yeruzalemu baza kumuhambana iteka. Umuhungu wiwe Manase aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Utujambo tw'epfo

«Milo» ni ijambo ry’igiheburayo risobanura «kwuzuza.» Ni ikintu kimeze nk’agasozi gishobora kuba cubatswe kugira gikingire igisagara.
Canke «ibirwanisho batera.»
Mu giheburayo havuga ngo «abwira umutima wabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kw’umubiri.»
Canke «afise ububasha bwiwe bwose bwa gisirikare n’iteka ryiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza vyayo bitaramutse.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»
Canke «ikimenyamenya.»
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Canke «ikimenyamenya.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»