Ngoma za kabiri 34:1-33

  • Yosiya, umwami w’Ubuyuda (1, 2)

  • Ibintu Yosiya yahinduye (3-13)

  • Batora igitabu c’amategeko (14-21)

  • Hulida avuga ivyago bizoba (22-28)

  • Yosiya asomera abantu ibiri mu gitabu (29-33)

34  Yosiya+ yari afise imyaka umunani igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 31 aganza i Yeruzalemu+.  Yakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse, akora nk’ivyo sekuruza Dawidi yakoze vyose*, ntiyakebereza iburyo canke ibubamfu.  Mu mwaka ugira 8 ari umwami, akaba yari akiri muto, atangura kurondera Imana ya sekuruza Dawidi+. Mu mwaka ugira 12 na ho, atangura guhumanura Ubuyuda na Yeruzalemu+, akurayo ibibanza vyo gusengeramwo*+ n’inkingi nyeranda z’ibiti* n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishusho bikozwe mu cuma*.  Vyongeye, basiturira hasi imbere yiwe ibicaniro vyubakiwe za Bayali. Asitura n’ibishirwako imibavu vyari hejuru ya nya bicaniro. Afata inkingi nyeranda z’ibiti, ibishusho bibajwe be n’ibishusho bikozwe mu cuma* arabimenagura abigira ifu, maze ayimijagira ku mva z’abahora babishikanira ibimazi+.  Amagufa y’abaherezi ayaturirira ku bicaniro+ vyabo. Ukwo ni ko yahumanuye Ubuyuda na Yeruzalemu.  Vyongeye, mu bisagara biri mu karere ka Manase, aka Efurayimu+, aka Simeyoni gushika mu karere ka Nafutali no mu bibanza bihakikuje vyasambuwe,  asiturira hasi ibicaniro, amenagura inkingi nyeranda z’ibiti n’ibishusho bibajwe+, abigira ifu. Asitura ibicaniro vyose baturirirako imibavu vyari mu gihugu cose ca Isirayeli+, araheza asubira i Yeruzalemu.  Mu mwaka ugira 18 ari umwami, amaze guhumanura igihugu n’urusengero*, atuma Shafani+ mwene Azaliya, Mayaseya umukuru w’igisagara na Yowa mwene Yehowahazi umwanditsi w’ivyaja biraba, ngo baje gusanasana inzu ya Yehova Imana yiwe+.  Baza ku muherezi mukuru Hilikiya bamuha amahera yose yari yazanywe mu nzu y’Imana. Abalewi barinda imiryango ni bo bari bayegeranije bayakuye mu bo mu muryango wa Manase, uwa Efurayimu no mu yindi miryango ya Isirayeli+, mu baba mu Buyuda, mu karere ka Benyamini n’i Yeruzalemu. 10  Maze ayo mahera aca ahabwa abatowe ngo bahagarikire ibikorwa vyo ku nzu ya Yehova. Abakora ivyo bikorwa vyo ku nzu ya Yehova na bo baraheza bayakoresha mu gukomeza no mu gusanasana iyo nzu. 11  Bayahaye ababaji* n’abubatsi kugira ngo bagure amabuye abajwe n’ibiti vyo gushigikiza igisenge, no kugira ngo bubakishe ibigiga amazu abami b’Ubuyuda bari bararetse arononekara+. 12  Kandi abo bagabo bari abizigirwa mu gikorwa bajejwe+. Aba ni bo Balewi bari bagenywe ngo babahagarikire: mu Bamerari+ yari Yahati na Obadiya, mu Bakohati+ na ho yari Zakariya na Meshulamu. Abandi Balewi b’abahinga mu vy’indirimbo+ 13  bari bajejwe abakozi basanzwe*, kandi ni bo bari bahagarikiye abantu bose bakora ibikorwa vy’ubwoko bwose. Hari abandi Balewi bari abanyamabanga, indongozi n’abarinzi b’amarembo+. 14  Igihe bariko barasohora amahera yazanywe ku nzu ya Yehova+, umuherezi Hilikiya yarubuye igitabu c’amategeko ya Yehova+ yatanzwe biciye kuri Musa*+. 15  Nuko Hilikiya abwira umunyamabanga Shafani ati: «Natoye igitabu c’amategeko mu nzu ya Yehova.» Hilikiya aca agiha Shafani. 16  Maze Shafani azanira ico gitabu umwami, amubwira ati: «Abasuku bawe bariko barakora ivyo basabwe gukora vyose. 17  Begeranije* amahera yari mu nzu ya Yehova, baca bayaha abatowe ngo bahagarikire ibikorwa be n’abariko barabikora.» 18  Umunyamabanga Shafani yongerako ati: «Hari igitabu umuherezi Hilikiya yampaye+.» Nuko Shafani atangura kugisomera imbere y’umwami+. 19  Umwami ngo yumve ibivugwa muri ayo mategeko, aca yitaburirako impuzu+. 20  Araheza ategeka Hilikiya na Ahikamu+ mwene Shafani na Abudoni mwene Mika n’umunyamabanga Shafani na Asaya umusuku w’umwami ati: 21  «Nimugende mumbarize Yehova, mubarize n’abasigaye muri Isirayeli no mu Buyuda ibijanye n’amajambo yo mu gitabu catowe. Yehova azodusukako ishavu ryinshi cane kuko ba sogokuruza batashize mu ngiro ijambo rya Yehova. Ntibubahirije ibintu vyose vyanditswe muri iki gitabu+ 22  Nuko Hilikiya n’abo umwami yarungitse baja ku muhanuzikazi+ Hulida, muka Shalumu mwene Tikiva, Tikiva mwene Harihasi. Shalumu yari ajejwe ivyambarwa*. Hulida yaba mu gace ka kabiri k’igisagara ca Yeruzalemu. Aho ni ho bavuganiye+. 23  Na we ababwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Mubwire umugabo yabantumyeko muti: 24  ‘Yehova avuze ati: “Ngira nteze ivyago aha hantu n’abahaba+, ndabazaneko imivumo yose yanditswe muri ico gitabu+ basomeye imbere y’umwami w’Ubuyuda. 25  Nzosuka ishavu ryanje aha hantu nk’umuriro udashobora kuzima+, kubera ko abaho bampevye+, bakaba bashikanira izindi mana ibimazi bigafumba umwotsi. Ivyo babigira kugira ngo bambabaze+ biciye ku vyo bakora vyose.”’ 26  Ariko mubwire umwami w’Ubuyuda yabatumye kubaza Yehova muti: ‘Ku bijanye n’amajambo wumvise+, ng’ibi ivyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: 27  “Wumvise ivyo navuze ku bijanye n’aha hantu n’abahaba, biragukora ku mutima*. Waciye wicisha bugufi imbere yanje jewe Imana yawe, uraheza witaburirako impuzu uririra imbere yanje. Nanje rero nakwumvise+, ni jewe Yehova ndabivuze. 28  Ni co gituma nzoreka ukipfira* bakaguhamba mu mva yawe amahoro, kandi amaso yawe ntazobona ivyago vyose nzoteza aha hantu n’abahaba+.”’”» Nuko bazanira umwami iyo nyishu. 29  Maze umwami atumako abashingantahe bose bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+. 30  Hanyuma umwami araduga aja ku nzu ya Yehova ari kumwe n’abagabo bo mu Buyuda bose, ababa i Yeruzalemu, abaherezi n’Abalewi, ni ukuvuga abantu bose, baba abato canke abahambaye*. Abasomera amajambo yose yo muri ca gitabu c’isezerano bari batoye mu nzu ya Yehova+. 31  Umwami ahagarara mu kibanza ciwe, asezeranira*+ imbere ya Yehova yuko azogamburukira Yehova, akubahiriza amabwirizwa yiwe, ivyibutswa vyiwe n’amategeko yiwe. Asezerana kuzobigira n’umutima wiwe wose n’ubuzima bwiwe bwose+, agakurikiza ivyanditswe muri ico gitabu+ c’isezerano. 32  Vyongeye, aremesha ababa i Yeruzalemu bose no mu karere ka Benyamini ngo baryemere. Nuko ababa i Yeruzalemu bakurikiza isezerano ry’Imana, Imana ya ba sekuruza babo+. 33  Maze Yosiya akura ibintu bishisha* mu turere twose twegukira Abisirayeli+, afasha ababa muri Isirayeli bose gukorera Yehova Imana yabo. Imisi yose yamaze akiriho, bagumye bakurikira Yehova Imana ya ba sekuruza.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «agendera mu nzira zose za sekuruza Dawidi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «abahinguzi b’utugenegene.»
Canke «bikorera imizigo.»
Mu giheburayo havuga ngo «biciye ku kuboko kwa Musa.»
Mu giheburayo havuga ngo «bacuranuye.»
Biboneka ko yari ajejwe ivyambarwa vy’abaherezi canke vy’umwami.
Mu giheburayo havuga ngo «umutima wawe uca uroroha.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzokwegeranya uhamvye ba sogokuruza.»
Canke «abato canke abakuze.»
Canke «asubira gusezeranira.»
Canke «ibigirwamana.»