Ngoma za kabiri 35:1-27

  • Yosiya atunganya Pasika ikomeye (1-19)

  • Yosiya yicwa na Farawo Neko (20-27)

35  Maze Yosiya ahimbariza Pasika+ Yehova i Yeruzalemu. Bakerera ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika+ ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere+.  Ashira abaherezi mu bikorwa bari bajejwe yongera abaremesha kwitwararika igikorwa barangura mu nzu ya Yehova+.  Hanyuma abwira Abalewi, abari bajejwe kwigisha muri Isirayeli yose+, bakaba kandi bari beranda imbere ya Yehova ati: «Nimushire isandugu nyeranda mu nzu Salomo mwene Dawidi umwami wa Isirayeli yubatse+. Ntibigikenewe ko muyirerura ku bitugu+. Ubu rero nimukorere Yehova Imana yanyu n’abantu biwe b’Abisirayeli.  Mwitegure mwisunze imiryango muvamwo n’imigwi mukoreramwo, mukurikije ivyanditswe na Dawidi+ umwami wa Isirayeli be n’umuhungu wiwe Salomo+.  Nimuhagarare ahantu heranda mu migwi mukurikije imigwi mikurumikuru igize umuryango w’Abalewi, kugira ngo umwumwe wose mu migwi mikurumikuru igize imiryango y’abandi Bisirayeli benewanyu uronke umugwi w’Abalewi ubakorera.  Muheze mukerere ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika+, mwiyeze mwongere mwitegurire benewanyu kugira ngo mukore ivyo Yehova yavuze biciye kuri Musa.»  Nuko Yosiya aha abantu intererano igizwe n’imyagazi y’intama y’amasuguru n’imyagazi y’impene y’amasuguru 30.000, ngo babitange nk’ikimazi ca Pasika ku bw’abari ng’aho bose, abaha n’inka 3.000. Ivyo vyavuye mu vyo umwami yari atunze+.  Abatware biwe na bo batanga intererano ku bw’abantu, abaherezi n’Abalewi, bayitanga nk’ishikanwa umuntu atanga avyishakiye. Abakuru bari bahagarikiye inzu y’Imana y’ukuri ari bo Hilikiya+, Zakariya na Yehiyele, bahaye abaherezi intama n’impene 2.600 nk’ikimazi ca Pasika, babaha n’inka 300.  Konaniya na benewabo ari bo Shemaya na Netaneli, hamwe na Hashabiya, Yeyeli na Yozabadi, baterereye Abalewi intama n’impene 5.000 nk’ikimazi ca Pasika n’inka 500. Abo bose bari abakuru b’Abalewi. 10  Nuko imyiteguro irarangira. Abaherezi bahagarara mu bibanza vyabo, Abalewi na bo bahagarara bisunze imigwi+ bakoreramwo nk’uko umwami yabitegetse. 11  Bakerera ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika+, maze abaherezi bamijagira ku gicaniro amaraso bahawe n’Abalewi+. Ico gihe, Abalewi bariko bakura inshato ku bitungwa+. 12  Mu nyuma bategura amashikanwa aturirwa kugira ngo bayahe abantu. Abo bantu bari batondetswe hakurikijwe imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Ayo mashikanwa yari ayo gushikanira Yehova nk’uko vyanditswe mu gitabu ca Musa. Bagira gutyo no ku nka. 13  Maze bateka* ishikanwa rya Pasika ku muriro nk’uko vyari bisanzwe bigirwa+, bateka n’ayandi mashikanwa meranda mu nkono, mu bisafuriya no mu mapanu. Baca bayazanira ningoga abandi Bisirayeli bose. 14  Maze Abalewi bategura ivyabo n’ivy’abaherezi bakomoka kuri Aroni kubera ko abo baherezi bagumye bashikana ibimazi biturirwa be n’ibihimba binuze gushika ku mugoroba. Abalewi rero baciye bategura ivyabo n’ivy’abaherezi bakomoka kuri Aroni. 15  Abaririmvyi bakomoka kuri Asafu+ bari mu bibanza vyabo bakurikije itegeko ryatanzwe na Dawidi+, Asafu+, Hemani na Yedutuni+ umwe yamenyesha umwami ivyo Imana yamweretse. Abarinzi b’amarembo na bo bari ku marembo atandukanye+. Ntivyabaye ngombwa ko bava ku gikorwa cabo, kuko Abalewi benewabo babateguriye ivya Pasika. 16  Nuko kuri uwo musi, barangiza gutegura ibintu vyose Yehova yasaba kugira ngo bahimbaze Pasika+ no kugira ngo batange amashikanwa aturirwa ku gicaniro ca Yehova, nk’uko umwami Yosiya yari yabitegetse+. 17  Ico gihe Abisirayeli bari ng’aho bahimbaza Pasika, bahimbaza n’umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro mu kiringo c’imisi indwi+. 18  Ntihari bwigere hahimbazwa Pasika mwene iyo muri Isirayeli kuva mu misi y’umuhanuzi Samweli. Kandi nta n’umwe mu bandi bami ba Isirayeli yahimbaje Pasika nk’iyahimbajwe na Yosiya+, abaherezi, Abalewi, abo mu Buyuda n’abo muri Isirayeli bose bari ng’aho be n’ababa i Yeruzalemu. 19  Iyo Pasika yahimbajwe mu mwaka ugira 18 Yosiya ari umwami. 20  Inyuma y’ivyo vyose, Yosiya amaze gusanura urusengero*, Neko+ umwami wa Misiri aduga kurwana i Karikemishi hafi y’uruzi Efurate. Maze Yosiya aja kumurwanya+. 21  Umwami wa Misiri arungika intumwa kumubwira ziti: «Dupfa iki ga mwami w’Ubuyuda? Si wewe nje kurwanya uno musi, nje kurwanya ikindi gihugu, kandi Imana yambwiye ngo nihute. Ku neza yawe rero, nureke kurwanya Imana kuko iri kumwe nanje, ahandiho irakwica.» 22  Yamara Yosiya yanka gusubira inyuma ngo amureke. Mugabo ariyoberanya+ kugira aje kumurwanya, yanka kwumva ivyo Neko amubwiye kandi vyari bivuye ku Mana. Nuko aza kurwanira mu kiyaya ca Megido+. 23  Maze abarasisha umuheto barasa umwami Yosiya, aca abwira abasuku biwe ati: «Nimunkure ng’aha kuko nakomeretse cane.» 24  Abasuku biwe baca bamukura mu mukogote yarimwo maze bamwuriza mu mukogote wiwe w’intambara ugira kabiri, bamuzana i Yeruzalemu. Nuko Yosiya arapfa, ahambwa aho bahamvye ba sekuruza+. Abo mu Buyuda bose n’i Yeruzalemu baramugandarira. 25  Yeremiya+ aririmbira Yosiya indirimbo y’intimba, kandi abaririmvyi n’abaririmvyikazi bose+ baracaririmba Yosiya mu turirimbo twabo tw’intimba gushika n’uyu musi. Nuko hafatwa ingingo y’uko utwo turirimbo tuza turaririmbwa muri Isirayeli, kandi turanditswe mu gitabu c’uturirimbo tw’intimba. 26  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yosiya n’ivyiza yakoze* mu kuguma yubahiriza ivyanditswe mu mategeko ya Yehova, 27  be n’ibindi vyose yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu Gitabu c’abami ba Isirayeli n’ab’Ubuyuda+.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «batara.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera) yerekanye.»