Timoteyo wa kabiri 1:1-18

  • Indamutso (1, 2)

  • Pawulo ashimira Imana kubera ukwizera kwa Timoteyo (3-5)

  • Nutume ingabirano y’Imana iguma yaka nk’umuriro (6-11)

  • Gumya amajambo ngirakamaro (12-14)

  • Abashigikiye Pawulo n’abatamushigikiye (15-18)

1  Jewe Pawulo, intumwa ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, hisunzwe umuhango w’ubuzima buboneka biciye kuri Kristu Yezu+,  ndakwandikiye wewe Timoteyo, umwana wanje nkunda cane+. Ubuntu buhebuje*, imbabazi n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu bibane nawe.  Ndashimira Imana nkorera igikorwa ceranda nk’uko ba sogokuruza banje bayikoreye, mfise ijwi ryo mu mutima ridahumanye. Nguma ndakwibuka igihe ntakamba ijoro n’umurango.  Nibutse amosozi yawe, nca nkumbura kukubona kugira ngo nuzure umunezero.  Kuko nibuka ukwizera kwawe kutagira ubwiyorobetsi+. Nyogokuru wawe Loyisi na nyoko wawe Enise ni bo babanje kugira ukwo kwizera, mugabo ndazi ntakeka ko nawe ugufise.  Ni co gituma ndakwibukije ngo utume ingabirano y’Imana iri muri wewe iguma yaka nk’umuriro, imwe waronka igihe nakurambikako ibiganza+.  Imana ntiyaduhaye impwemu y’ubwoba+, ahubwo yaduhaye impwemu ituma tugira ububasha+, urukundo n’ubwenge buroranye.  Ntuterwe isoni rero n’intahe yerekeye Umukama wacu+, canke ngo uterwe isoni nanje mpfunzwe ku bwiwe, ahubwo niwemere kwihanganira imibabaro+ ku bw’inkuru nziza wishimikije ububasha bw’Imana+.  Yaradukijije yongera iduhamagaza umuhamagaro mweranda+. Ntiyabigize kubera ibikorwa vyacu, ahubwo yabigize kubera umugambi wayo n’ubuntu bwayo buhebuje+. Twagiriwe ubwo buntu biciye kuri Kristu Yezu imbere y’ibihe vya kera cane, 10  ariko ubu bwaribonekeje neza biciye ku kwerekanwa kw’Umukiza wacu Kristu Yezu+, yakuyeho urupfu+ akongera akaduhishurira biciye ku nkuru nziza+ ingene tworonka ubuzima+ n’umubiri utabora+. 11  Kubera iyo nkuru nziza, naragenywe ngo mbe umuvugabutumwa nongere mbe intumwa n’umwigisha+. 12  Ni co gituma kandi nshikirwa n’iyi mibabaro+, ariko ntibintera isoni+. Ndazi uwo nizeye, kandi ndazi ntakeka yuko ashoboye kurinda ico namubikije gushika kuri wa musi+. 13  Amajambo ngirakamaro*+ wanyumvanye ugume uyafata nk’icitegererezo urabirako*, ufise ukwizera n’urukundo biva ku kwunga ubumwe na Kristu Yezu. 14  Rinda iyo mbitso nziza biciye ku mpwemu nyeranda iba muri twebwe+. 15  Nk’uko ubizi, abantu bose bo mu ntara ya Aziya+ barampevye, harimwo na Figelo na Herumojene. 16  Umukama agirire imbabazi abo mu rugo rwa Onesiforo+ kuko yanduhuye kenshi, kandi ntiyatewe isoni no kuba ndi mu munyororo. 17  Ahubwo igihe yari i Roma yarandondeye hasi hejuru, arantora. 18  Umukama azotume agirirwa imbabazi imbere ya Yehova* kuri wa musi. Kandi urazi neza ibikorwa vyose yakoze i Efeso.

Utujambo tw'epfo

Canke «ntungamagara.»
Canke «nk’umugero.»