Abacamanza 1:1-36

  • Uturere abo mu muryango wa Yuda n’uwa Simeyoni bigaruriye (1-20)

  • Abayebusi baguma i Yeruzalemu (21)

  • Abakomoka kuri Yozefu bafata igisagara ca Beteli (22-26)

  • Abisirayeli ntibomoye Abanyakanani bose (27-36)

1  Yosuwa amaze gupfa+, Abisirayeli babaza Yehova+ bati: «Ni nde muri twebwe azotangura kuja gutera Abanyakanani?»  Yehova abishura ati: «Umuryango wa Yuda ni wo uzogenda+, kandi nzobafasha gufata ico gihugu*  Maze abo mu muryango wa Yuda babwira benewabo bo mu muryango wa Simeyoni bati: «Ingo tujane mu karere twahawe*+, turwanye Abanyakanani. Natwe tuzoheza tujane namwe mu karere mwahawe.» Nuko abo kwa Simeyoni bajana na bo.  Abo mu muryango wa Yuda baca baragenda, maze Yehova abafasha gutsinda+ Abanyakanani n’Abaperizi. Batsinda abagabo 10.000 i Bezeki.  Aho i Bezeki bahasanga Adoni-Bezeki, barwana na we maze batsinda Abanyakanani+ n’Abaperizi+.  Adoni-Bezeki agize ngo arahunga bamwirukako, baramufata maze bamuca ibikumu n’amano makuru.  Adoni-Bezeki aca avuga ati: «Hari abami 70 naciye ibikumu n’amano makuru. None ubu basigaye batoragura ibifungurwa munsi y’imeza yanje. Imana inyishuye ivyo nakoreye abandi.» Baca bamuzana i Yeruzalemu+, apfirayo.  Hanyuma abo mu muryango wa Yuda batera Yeruzalemu+ barahafata. Abaho bose babicisha inkota, ico gisagara bagiha umuriro.  Inyuma y’ivyo baja kurwanya Abanyakanani baba mu karere k’imisozi, aka Negebu n’aka Shefela+. 10  Batera rero Abanyakanani baba i Heburoni. (Heburoni hahora hitwa Kiriyati-Aruba.) Bica Sheshayi, Ahimani na Talimayi+. 11  Baca bava ng’aho baja gutera ababa i Debiri+. (Debiri hahora hitwa Kiriyati-Seferi+.) 12  Kalebu+ aca avuga ati: «Uwuzotera Kiriyati-Seferi akahafata, nzomuha umukobwa wanje Akisa abe umugore wiwe+ 13  Nuko Otiniyeli+ mwene Kenazi+, Kenazi mutoyi wa Kalebu, arahafata. Kalebu aca amuha umukobwa wiwe Akisa aba umugore wiwe. 14  Maze Akisa ariko araja kwa Otiniyeli, aguma abwira uwo mugabo wiwe ngo asabe itongo se wiwe Kalebu. Akisa aca yururuka indogobwa yari yicayeko* maze Kalebu amubaza ati: «Wipfuza iki?» 15  Na we amwishura ati: «Ndagusavye umpe umuhezagiro. Ko wampaye ahantu humye mu bumanuko*, numpe na Guloti-Mayimu*.» Kalebu aca amuha Guloti ya Ruguru na Guloti y’Epfo. 16  Abakomoka kuri wa Mukeni+, ni ukuvuga sebukwe wa Musa+, bava mu gisagara c’ibigazi*+ bari kumwe n’abo mu muryango wa Yuda. Baja mu bugaragwa bwo mu Buyuda buri mu bumanuko bwa Aradi+, babana na bo+. 17  Mugabo abakomoka kuri Yuda bajana na benewabo bo mu muryango wa Simeyoni, maze batera Abanyakanani baba i Zefati, barahatikiza+. Ni co gituma ico gisagara bacise Horuma*+. 18  Inyuma y’ivyo, bene Yuda bafata Gaza+ n’akarere kaho, Ashikeloni+ n’akarere kaho na Ekuroni+ n’akarere kaho. 19  Yehova yarabafashije ku buryo bigarurira akarere k’imisozi. Mugabo ntibashoboye kwomora ababa mu kiyaya, kuko bari bafise imikogote y’intambara iriko ibibugita ku mapine*+. 20  Baha Kalebu igisagara ca Heburoni nk’uko Musa yari yarabisezeranye+, maze yomora abahungu batatu ba Anaki babayo+. 21  Ariko Ababenyamini ntibomoye Abayebusi baba i Yeruzalemu. Ni co gituma Abayebusi bakibana n’Ababenyamini i Yeruzalemu gushika n’uyu musi+. 22  Muri ico gihe, abakomoka kuri Yozefu+ baja gutera igisagara ca Beteli, kandi Yehova yari kumwe na bo+. 23  Barungika rero abantu bo gusuma urusaku* i Beteli. (Ico gisagara cahora citwa Luzi+.) 24  Abari baje gusuma urusaku babona umugabo avuye muri ico gisagara, bamubwira bati: «Turagusavye utwereke ingene twokwinjira muri iki gisagara. Natwe tuzokugirira neza* 25  Nya mugabo aca abereka ingene binjira muri ico gisagara. Maze abaho babicisha inkota, ariko wa mugabo n’umuryango wiwe wose barabareka barigira+. 26  Uwo mugabo aca aja mu gihugu c’Abaheti, yubakayo igisagara maze acita Luzi. Ni ko citwa gushika n’uyu musi. 27  Abo mu muryango wa Manase ntibashoboye kwigarurira Beti-Sheyani n’udusagara tuhegukira*, Tanaki+ n’udusagara tuhegukira, Dori n’ababayo n’udusagara tuhegukira, Ibuleyamu n’ababayo n’udusagara tuhegukira, na Megido n’ababayo n’udusagara tuhegukira+. Abanyakanani baranse kuhava, baguma baba muri ico gihugu. 28  Abisirayeli bamaze gukomera, baciye bakoresha Abanyakanani ibikorwa vy’agahato+, ariko ntibabomoye bose+. 29  N’Abefurayimu ntibomoye Abanyakanani baba i Gezeri. Abanyakanani bagumye babana na bo i Gezeri+. 30  Abo mu muryango wa Zabuloni ntibomoye ababa i Kitironi n’ababa i Nahaloli+. Abanyakanani bagumye babana na bo, mugabo babakoresha ibikorwa vy’agahato+. 31  Abo mu muryango wa Asheri ntibomoye ababa i Ako, i Sidoni+, i Ahulabu, i Akizibu+, i Heluba, i Afiki+ n’i Rehobu+. 32  Bagumye rero babana n’Abanyakanani baho kuko batabomoye. 33  Abo mu muryango wa Nafutali ntibomoye ababa i Beti-Shemeshi n’i Beti-Anati+. Bagumye babana n’Abanyakanani baho+. Baciye bakoresha ababa i Beti-Shemeshi n’i Beti-Anati ibikorwa vy’agahato. 34  Abamori ntibakundiye abo mu muryango wa Dani kumanuka mu kiyaya, bituma Abadani baguma mu karere k’imisozi+. 35  Abamori bagumye rero baba ku musozi Heresi n’i Ayaloni+ n’i Shalubimu+, banka kuhava. Mugabo abakomoka kuri Yozefu bamaze gukomera rwose*, baciye bakoresha Abamori ibikorwa biruhisha. 36  Akarere k’Abamori kahera ku mudugo wa Akurabimu+, kuva i Sela kuduga.

Utujambo tw'epfo

Canke «natanze ico gihugu mu kuboko kwabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «nahawe biciye ku bupfindo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «aca akoma amashi yicaye ku ndogobwa kugira asabe ijambo.»
Canke «muri Negebu.»
Iryo zina risobanura ngo «ahantu hateze amazi.»
Ni igisagara ca Yeriko.
Iryo zina risobanura ngo «gutikiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «imikogote y’ivyuma.»
Canke «gutata.»
Canke «tuzokwishura urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «tuhakikuje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kw’inzu ya Yozefu kumaze kuremera.»