Abacamanza 10:1-18

  • Abacamanza Tola na Yayiri (1-5)

  • Abisirayeli bagarariza hanyuma bakigaya (6-16)

  • Abamoni batera Abisirayeli (17, 18)

10  Abimeleki amaze gupfa, Tola mwene Puwa, Puwa mwene Dodo, umugabo wo mu muryango wa Isakari, aba umucamanza wo gukiza Isirayeli+. Yaba i Shamiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu.  Amara imyaka 23 ari umucamanza muri Isirayeli. Hanyuma arapfa maze bamuhamba i Shamiri.  Inyuma yiwe haza Yayiri Umunyagileyadi, amara imyaka 22 ari umucamanza muri Isirayeli.  Yari afise abahungu 30 bagendera ku ndogobwa 30. Bari bafise ibisagara 30 mu karere ka Gileyadi, bikaba vyitwa Havoti-Yayiri+ gushika n’uyu musi.  Yayiri araheza arapfa, bamuhamba i Kamoni.  Maze Abisirayeli bongera gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. Batangura gusenga* za Bayali+, ibishusho vya Ashitoreti, imana z’i Aramu*, iz’i Sidoni, iz’i Mowabu+, iz’Abamoni+ n’iz’Abafilisitiya+. Baheba Yehova, ntibaba bakimukorera.  Yehova aca arashavurira cane Abisirayeli, abatanga* ku Bafilisitiya no ku Bamoni+.  Muri uwo mwaka bakandamiza Abisirayeli, barabacinyiza bimwe bikomeye. Bamara imyaka 18 bacinyiza Abisirayeli bose baba mu karere ka Gileyadi, ku ruhande rwa Yorodani rwahoze ari urw’Abamori.  Abamoni kandi baza barajabuka Yorodani kugira batere abo mu muryango wa Yuda, uwa Benyamini n’uwa Efurayimu. Abisirayeli bahabonera amarushwa menshi. 10  Maze Abisirayeli batabaza Yehova+ bati: «Twaragucumuyeko kuko twaguhevye wewe Mana yacu, dusenga za Bayali+ 11  Mugabo Yehova abwira Abisirayeli ati: «Mbega sinabakijije Abanyamisiri+, Abamori+, Abamoni, Abafilisitiya+, 12  Abanyasidoni, Abamaleki n’Abamidiyani igihe babacinyiza? Ntimwandiriye nanje nkababakiza? 13  Mugabo mwarampevye, musenga izindi mana+. Ni co gituma ntazokwongera kubakiza+. 14  Genda mutabaze imana mwatoye+, zibe ari zo zibakiza amarushwa murimwo+ 15  Mugabo Abisirayeli babwira Yehova bati: «Twaracumuye. Nutugire uko ushaka, ariko turagusavye udukize uyu musi.» 16  Nuko Abisirayeli bakuraho imana z’inyamahanga bari bafise, basubira gukorera Yehova+ ku buryo vyanka ko yihanganira imibabaro yabo*+. 17  Mu nyuma Abamoni+ barakorana, bashinga ikambi i Gileyadi. Abisirayeli na bo bakoranira hamwe, bashinga ikambi i Mizipa. 18  Abantu b’i Gileyadi n’abatware baho babwirana bati: «Ni nde atuja imbere mu kurwanya Abamoni+? Nace aba umukuru w’ababa i Gileyadi bose.»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»
Canke «Siriya.»
Mu giheburayo havuga ngo «abagurisha.»
Canke «ku buryo umutima wiwe utaba ucihangana kubera imibabaro yabo.»