Abacamanza 14:1-20

  • Umucamanza Samusoni arondera umugore w’Umufilisitiyakazi (1-4)

  • Samusoni yica intambwe afashijwe n’impwemu ya Yehova (5-9)

  • Agapfindo ka Samusoni ku rubanza rw’ubugeni (10-19)

  • Umugore wa Samusoni bamuha uwundi mugabo (20)

14  Maze Samusoni amanuka i Timuna, ahabona umukobwa w’Umufilisitiyakazi*.  Aca aduga kubimenyesha se na nyina, ababwira ati: «Hari umukobwa w’Umufilisitiyakazi nashimye i Timuna. Nagomba rero mumunsabire ambere umugore.»  Mugabo se na nyina bamubwira bati: «Mbega mu ncuti zacu no mw’ihanga ryacu ryose, wabuze umukobwa woshima+ muko uja kurondera umugore mu Bafilisitiya batagenyerewe*?» Ariko Samusoni abwira se ati: «Numunsabire kuko mbona ko ari we abereye.»  Se na nyina ntibari bazi ko ivyo vyari bivuye kuri Yehova. Yarondera akaryo ko gutera Abafilisitiya, kuko ico gihe ari bo baganza Abisirayeli+.  Samusoni amanukana rero na se na nyina i Timuna. Ashitse ku mirima y’imizabibu y’i Timuna, aza abona intambwe* iriko iraroha iza iyo ari.  Maze impwemu ya Yehova imuha inkomezi+, ku buryo iyo ntambwe ayitaburamwo kubiri nka kurya umuntu atabura umwagazi w’impene akoresheje amaboko gusa. Ariko ntiyabwira se canke nyina ivyo yakoze.  Samusoni aca aramanuka avugana na wa Mufilisitiyakazi. N’ico gihe nyene aguma abona ko uwo mukobwa ari we abereye+.  Mu nyuma, asubirayo kumutora ngo amuzane mu rugo iwe+. Ari ku nzira, akebereza ahari umuvyimba wa ya ntambwe, asanga mu gikankara cayo harimwo ikigwi c’inzuki n’ubuki.  Aca abuhakurira mu biganza vyiwe, agenda araburya. Ashikiriye se na nyina, arabahako ngo barye, mugabo ntiyababwira ko yabuhakuye mu gikankara c’intambwe. 10  Nuko se wa Samusoni amanuka kuraba wa mukobwa, Samusoni aca agirirayo umusi mukuru. Ukwo ni ko imisore yakunda kugira. 11  Bamubonye, baca bamuzanira abasore 30 bo kumugendanira. 12  Samusoni ababwira ati: «Ngomba ndabapfinde agapfindo. Nimwambwira ico gasobanura mu misi indwi uru rubanza ruzomara, nzobaha impuzu nziza zera 30 n’iyindi myambaro 30. 13  Mugabo nimutambwira ico gasobanura, ni mwe muzoca mumpa impuzu nziza zera 30 n’iyindi myambaro 30.» Na bo bamwishura bati: «Tubwire ako gapfindo tukumve.» 14  Araheza ababwira ati: «Mu kiryanyi havuyemwo ico kurya,mu gikomeye havamwo igisosa+ Bamara imisi itatu barondera insobanuro y’ako gapfindo, ariko barabura. 15  Ku musi ugira kane, babwira umugore* wa Samusoni bati: «Henda umugabo wawe+ atubwire ico ako gapfindo gasobanura. Ahandiho, mwe n’abo mu rugo rwa so turabaturira. Mbega mwadutumiye aha kugira mudusahure utwacu?» 16  Uwo mugore aca aja kuririra Samusoni, amubwira ati: «Bwa bundi uranyanka, ntunkunda+. Wapfinze agapfindo ab’iwacu, ariko ntiwambwira ico gasobanura.» Na we amwishura ati: «Erega na dawe na mawe sinababwiye ico gasobanura. None abe ari wewe ndabibwira?» 17  Mugabo aguma amuririra mu kiringo cose urwo rubanza rw’imisi indwi rwari rusigaje. Vyakabaye kera, ku musi ugira indwi Samusoni arabimubwira, kuko yari amurembeje. Nya mugore aca abwira ab’iwabo insobanuro ya ka gapfindo+. 18  Nuko ku musi ugira indwi, izuba ritararenga*, abagabo bo muri ico gisagara babwira Samusoni bati: «Hari igisosa kurusha ubuki?Canke hari igikomeye kurusha intambwe+ Abishura ati: «Iyo mutarimisha inyana yanje*+,ntimwari gutora ico agapfindo kanje gasobanura.» 19  Hanyuma impwemu ya Yehova imuha inkomezi+ maze amanuka i Ashikeloni+, yicayo abagabo 30. Aca atora impuzu zabo aziha bamwe bapfindura ka gapfindo+. Araheza asubira kwa se ishavu rigera i mutwe. 20  Nayo umugore wa Samusoni+ bamuha umwe muri ba basore bamugendanira+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «umugore wo mu bakobwa b’Abafilisitiya.»
Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
Mu mico y’Abaheburayo, abareshanije bafatwa nk’umugabo n’umugore.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «imbere y’uko yinjira mu cumba.»
Ni ukuvuga ko bahendahenze umugore wiwe.