Abacamanza 15:1-20

  • Samusoni yihora Abafilisitiya (1-20)

15  Haciye igihe, mu misi y’iyimbura ry’ingano, Samusoni aja kuramutsa umugore wiwe yitwaje umwagazi w’impene. Avuga ati: «Nshaka kuja kuraba umugore wanje mu cumba ciwe.» Mugabo se wa nya mugore ntiyamwemerera kwinjirayo.  Abwira Samusoni ati: «Nibwiye ko umwanka+, nca ndamuha umwe muri ba basore bakugendanira+. None mutoyi wiwe si we mwiza kumurusha? Ndagusavye abe ari we utwara.»  Samusoni aca avuga ati: «Ubu hoho Abafilisitiya ntibazontako umwikomo ninabagirira nabi.»  Nuko Samusoni aragenda, afata imbwebwe 300. Azibohanya imirizo zibirizibiri, hagati ya nya mirizo agenda arashiramwo ikimuri.  Aca adomeka nya bimuri, maze arekurira izo mbwebwe mu mirima y’ingano* y’Abafilisitiya. Aturira ivyariyo vyose: uri imiganda, uri ingano batarimbura, uri imirima y’imizabibu n’iy’imyelayo.  Maze Abafilisitiya babaza bati: «Ibi ni nde yabikoze?» Bababwira bati: «Ni Samusoni umukwe wa wa mugabo w’i Timuna. Yafashe umugore wa Samusoni amuha umwe muri ba basore bamugendanira+.» Abafilisitiya baca baragenda, baturira uwo mugore na se wiwe+.  Samusoni aca ababwira ati: «Ko mugize ukwo, nzoruhuka ari uko ndabihoye+  Nuko atangura kubica arabasasika*, inganda ziratikira. Maze aramanuka, aja kuba mw’isenga ry’urutare rwitwa Etamu.  Mu nyuma, Abafilisitiya baduga mu Buyuda bahashinga ikambi, batangura kunyuragira i Lehi+. 10  Maze abagabo bo mu muryango wa Yuda bababaza bati: «Kubera iki muje kudutera?» Babishura bati: «Tuzanywe no gufata* Samusoni kugira tumwishure ivyo yatugiriye.» 11  Abagabo 3.000 bo muryango wa Yuda baca bamanuka kuri rya senga ry’urutare rwitwa Etamu, babwira Samusoni bati: «Ntuzi ko Abafilisitiya ari bo batuganza+? Kubera iki wadukwegeye?» Na we abishura ati: «Nabagiriye nk’uko bangiriye.» 12  Mugabo bamubwira bati: «Tuje kugufata* kugira tugutange ku Bafilisitiya.» Samusoni aca ababwira ati: «Nimundahire yuko mwebwe ubwanyu mutaza kungirira nabi.» 13  Bamwishura bati: «Oya, turakuboha gusa tugutange ku Bafilisitiya, ariko ntitukwica.» Nuko bamubohesha imigozi ibiri mishasha maze bamukura muri nya rutare. 14  Ashitse i Lehi, Abafilisitiya bakoma akaruru k’intsinzi bamubonye. Impwemu ya Yehova ica imuha inkomezi+, maze nya migozi bari bamubohesheje amaboko iba nk’inyuzi zibabuwe n’umuriro. Ivyo bari bamubohesheje bica bikorokera hasi+. 15  Aca abona umubangabanga utaruma w’indogobwa y’ingabo, atuma ukuboko arawutora, maze awicisha abagabo 1.000+. 16  Maze Samusoni avuga ati: «Nkoresheje umubangabanga w’indogobwa, narunze ikirundo kimwe, ibirundo bibiri! Nkoresheje umubangabanga w’indogobwa, nishe abagabo 1.000+ 17  Ahejeje kuvuga ivyo, aca ata wa mubangabanga. Aho hantu aca ahita Ramati-Lehi*+. 18  Arahava aranyoterwa cane, aca atakambira Yehova ati: «Ni wewe wampaye iyi ntsinzi ikomeye. None ugira undeke nicwe n’inyota, ngwe mu maboko y’abantu batagenyerewe?» 19  Imana ica isatura ikinogo cari i Lehi, gica gitangura kuvamwo amazi+. Nuko Samusoni arayanywa maze agarura agatege, arahembuka. Ni co gituma aho hantu yahise Eni-Hakore*. Haracariho i Lehi gushika n’uyu musi. 20  Yamaze imyaka 20 ari umucamanza muri Isirayeli mu gihe c’Abafilisitiya+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «intete.»
Canke «arabagerekeranya.»
Canke «kuboha.»
Canke «kukuboha.»
Iryo zina risobanura ngo «agasozi k’umubangabanga.»
Iryo zina risobanura ngo «isôko ry’uwutabaza.»