Abacamanza 18:1-31

  • Abadani barondera aho boba (1-31)

    • Abadani batwara ibigirwamana vya Mika n’umuherezi wiwe (14-20)

    • Bafata i Layishi bagaca bahita Dani (27-29)

    • Abadani basenga ikigirwamana (30, 31)

18  Muri iyo misi, nta mwami yariho muri Isirayeli+. Kandi muri iyo misi, abo mu muryango wa Dani+ bariko barondera aho boba*, kuko gushika ico gihe batari bwigarurire aho batoranye mu miryango ya Isirayeli+.  Abadani batuma abagabo batanu b’intwari ngo baje gusuma urusaku* mu gihugu, barabe n’uko kimeze. Abo bagabo bari abo mu muryango wa Dani, bakaba baba i Zora n’i Eshitayoli+. Bababwira bati: «Nimugende murabe uko igihugu kimeze.» Bashitse mu karere k’imisozi ka Efurayimu, baka indaro ku rugo rwa Mika+.  Igihe bashika hafi y’urugo rwa Mika, baciye bamenya ijwi rya wa musore* w’Umulewi, bakeberezayo. Bamubaza bati: «Ni nde yakuzanye ino? Uhakora iki? Kubera iki wagumye hano?»  Abishura ati: «Mika yangiriye gutya na gutya, ampa n’akazi ko kumubera umuherezi+  Maze bamubwira bati: «Turagusavye utubarize Imana, tumenye ko urugendo rwacu ruzogenda neza.»  Nya muherezi abishura ati: «Nimugende amahoro. Yehova ari kumwe namwe mu rugendo rwanyu.»  Abo bagabo batanu rero barabandanya bashika i Layishi+. Basanga abantu baho babayeho nk’Abanyasidoni, batazera inze. Bari batekanye, ata co bicura+ kandi nta wutwaza umukazo yatera ico gihugu ngo abahungabanye. Baba kure y’Abanyasidoni kandi nta migenderanire bagirana n’abandi bantu.  Bagarutse i Zora n’i Eshitayoli+ kuri benewabo, bababaza bati: «Vyagenze gute?»  Na bo bishura bati: «Nimuze tuje kubatera kuko twabonye ari ahantu heza cane. Yaco mwijijanya imitima. Nimunyarutse muje kuhigarurira. 10  Nimwashikayo muzosanga hari abantu ata co bicura+, kandi ni akarere kagutse. Imana yahabahaye. Mu biri kw’isi vyose, nta na kimwe kibuzeyo+ 11  Nuko abagabo 600 b’Abadani biteguriye urugamba bava i Zora n’i Eshitayoli bajayo+. 12  Baraduga, bakambika hafi y’i Kiriyati-Yeyarimu+ mu Buyuda. Ni co gituma gushika n’uyu musi aho hantu bahita Mahane-Dani*+. Haherereye mu burengero bwa Kiriyati-Yeyarimu. 13  Baca bava ng’aho baja mu karere k’imisozi ka Efurayimu, bashika kwa Mika+. 14  Maze ba bagabo batanu bari bagiye gusuma urusaku i Layishi+ babwira benewabo bati: «Mwari muzi yuko muri aya mazu hari efodi, ibigirwamana vy’umuryango*, igishusho c’ikibazano n’igishusho gikoze mu cuma*+? Ca muraba uko mubigenza.» 15  Baca barahagarara, maze baja kwa Mika aho wa musore w’Umulewi+ yaba, bamubaza amakuru yiwe. 16  Muri uwo mwanya, ba bagabo 600 b’Abadani+ biteguriye urugamba, bari bahagaze kw’irembo. 17  Ba bagabo batanu bari bagiye gusuma urusaku i Layishi+ binjira gutora ca gishusho c’ikibazano, ya efodi+, vya bigirwamana vy’umuryango*+ na ca gishusho gikoze mu cuma*+. (Wa muherezi+ yari ahagararanye na ba bagabo 600 kw’irembo.) 18  Binjiye kwa Mika bagatora ca gishusho c’ikibazano, ya efodi, vya bigirwamana vy’umuryango* na ca gishusho gikoze mu cuma*, nya muherezi ababaza ati: «Ivyo mugira ni ibiki?» 19  Bamwishura bati: «Hora, ntusubire gukurako umunwa. Ingo tujane utubere umujanama* n’umuherezi. Mbega woshima kuba umuherezi w’urugo rw’umuntu umwe+? Canke woshima kuba umuherezi w’umuryango wa Isirayeli ugizwe n’ingo nyinshi+ 20  Nya muherezi arabishima, aca afata ya efodi na vya bigirwamana vy’umuryango* na ca gishusho c’ikibazano+, ajana na bo. 21  Maze babandanya urugendo. Imbere hari abana, ibitungwa n’ibintu vyabo vy’agaciro. 22  Bamaze kugenda ahatari hato bavuye kwa Mika, ababanyi ba Mika baca barashwabaduka biruka guhamvya Abadani. 23  Basemerera bahamagara Abadani, na bo baca barahindukira babaza Mika bati: «Ni amaki ko mwasidukanye n’iyonka?» 24  Aca abishura ati: «Mwatwaye imana zanje nihinguriye, n’umuherezi murajana. Mwumva hari ico nsigaranye? Hanyuma ngo ni amaki?» 25  Abadani basubizayo bati: «Ntimusubire kuturenza urwamo, ahandiho abagabo bishavuriye* bohava babasimbirako, maze wewe n’abo mu rugo rwawe mukahasiga ubuzima.» 26  Abadani baca baribandaniriza. Mika na we abonye ko bamurusha inkomezi, aca asubira iwe. 27  Bamaze gutwara ivyo Mika yahinguye bagatwara na wa muherezi yamukorera, baja i Layishi+, ahaba abantu batekanye ata co bicura+. Abaho babicisha inkota, igisagara na co bagiha umuriro. 28  Nta n’umwe yaje kubatabara kuko ico gisagara cari kure y’i Sidoni kandi nta migenderanire bari bafitaniye n’abandi bantu. Ico gisagara cari mu kiyaya cegukira Beti-Rehobu+. Nuko bongera kucubaka, bakibamwo. 29  Ico gisagara baraheza bacita Dani+, bafatiye kw’izina rya sekuruza wabo Dani mwene Isirayeli+. Ariko cahora citwa Layishi+. 30  Inyuma y’aho, Abadani bahashinga ca gishusho c’ikibazano+. Yonatani+ n’abahungu biwe baba abaherezi b’umuryango w’Abadani gushika umusi ababa muri ico gihugu bajanwa mu bunyagano. Yonatani yari mwene Gerushomu+, Gerushomu wa Musa. 31  Ico gishusho Mika yari yarahinguye bakigumizaho mu kiringo cose ihema ry’Imana* y’ukuri ryamaze riri i Shilo+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «intoranwa yo kubamwo.»
Canke «gutata.»
Canke «ukuntu avuga.»
Iryo zina risobanura ngo «ikambi ya Dani.»
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Mu giheburayo havuga ngo «data.»
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Canke «b’umutima udundumiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’Imana.»