Abacamanza 19:1-30

  • Ababenyamini b’i Gibeya bafata umugore umwe ku nguvu (1-30)

19  Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umulewi umwe yaba mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, mu gace kari iyo catawe, atora umugore w’i Betelehemu+ mu Buyuda amugira incoreke yiwe.  Mugabo nya mugore w’incoreke aza aramuca inyuma akaja gusambana. Arahava ata umugabo yigira kwa se i Betelehemu mu Buyuda, amarayo amezi ane.  Umugabo wiwe aca aja kumurondera kugira amuhendahende agaruke mu rugo. Ajana n’umusuku wiwe n’indogobwa zibiri. Maze nya mugore amwinjiza mu nzu kwa se. Se abonye uwo mugabo, aranezerwa.  Nuko yumvisha umukwe wiwe ko akwiye kuhaguma imisi itatu, na we aremera. Bararya, bakanywa, agaca arara aho.  Ku musi ugira kane, bazindutse kare mu gitondo ngo bagende, se wa nya mugore abwira umukwe wiwe ati: «Banza utamire akantu kugira uronke utuguvu*, mubone kugenda.»  Bompi baca baricara, bararya baranywa. Mu nyuma se wa wa mugore abwira umukwe wiwe ati: «Ndagusavye urare, uryoherwe*  Nya mugabo ahagurutse ngo agende, sebukwe aguma amwinginga, yongera kurara.  Ku musi ugira gatanu, avyutse kare mu gitondo ngo agende, se wa nya mugore amubwira ati: «Ndagusavye ubanze utamire akantu kugira uronke utuguvu*.» Bigumira ng’aho gushika umusi ugeze kure. Bompi babandanya kwirira.  Nya mugabo ahagurutse ngo agende, we n’incoreke yiwe n’umusuku wiwe, sebukwe amubwira ati: «Ehe bugira bwire. Ndagusavye urare umusi uragiye. Rara ng’aha uryoherwe. Ejo muzoheza muzinduke mufate urugendo, witahire iwawe* 10  Ariko nya mugabo ntiyemera gusubira kurara. Arahaguruka afata urugendo ashika i Yebusi, ari ho Yeruzalemu+. Yari kumwe na ya ncoreke yiwe n’umusuku wiwe na za ndogobwa zibiri ziriko ivyo bicarako. 11  Bwari butanguye kugoroba igihe bashika hafi y’i Yebusi. Wa musuku abwira shebuja ati: «Ntitwohagarara muri iki gisagara c’Abayebusi tukaharara?» 12  Mugabo shebuja amwishura ati: «Oya, ntitwohagarara mu gisagara c’abanyamahanga kitabamwo Abisirayeli. Reka tubandanye gushika i Gibeya+ 13  Yongera kubwira umusuku wiwe ati: «Reka turabe ko twoshika i Gibeya canke i Rama+, abe ari ho turara.» 14  Babandanya urugendo, maze bashika hafi y’i Gibeya mu karere ka Benyamini izuba ririko rirarenga. 15  Nuko binjira mu gisagara ca Gibeya kugira barareyo. Bashitseyo, bicara mu kibanza rusangi c’ico gisagara, ariko ntihagira n’umwe abaha indaro+. 16  Amaherezo ku mugoroba, haza umutama avuye mu murima. Yava mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, akaba yari amaze igihe aba i Gibeya. Mugabo ababa muri ico gisagara bari Ababenyamini+. 17  Wa mutama agize atya, abona mu kibanza rusangi c’igisagara wa mugabo yari ku rugendo. Amubaza ati: «Uva he ukaja he?» 18  Amwishura ati: «Tuvuye i Betelehemu mu Buyuda, tukaba turiko tuja mu karere k’imisozi ka Efurayimu mu gace kari iyo catawe. Aho ni ho mva. Nari nagiye i Betelehemu mu Buyuda+, ubu rero nkaba ndiko ndaja ku nzu ya Yehova*, mugabo nabuze uwumpa indaro. 19  Turafise ubwatsi bukwiye bw’indogobwa zacu n’indya zazo+. Turafise n’umukate+ be n’umuvinyu jewe n’uyu mugore n’umusuku wacu twofungura. Nta co tubuze.» 20  Ariko nya mutama amubwira ati: «Humura*, ivyo ukenera vyose ndabikuronsa, ariko nturare muri iki kibanza rusangi.» 21  Nuko amujana iwe, agaburira na za ndogobwa. Maze boga ibirenge, batangura kurya no kunywa. 22  Bakiriko bararyoherwa, abagabo bamwe b’imburakimazi bo muri ico gisagara bakikuza iyo nzu, batangura gukubitagura ku muryango. Baguma babwira uwo mutama nyene inzu bati: «Sohora uwo mugabo yaje iwawe turyamane+ 23  Nyene inzu aca arasohoka ababwira ati: «Oya benewacu, ntimukore ikibi. Uyu mugabo ni umushitsi wanje. Ntimukore ico kintu c’agaterasoni. 24  Ng’uyu umukobwa wanje w’isugi n’incoreke y’uyu mugabo. Reka ndabasohore mubagirire nabi nimba ari vyo mushaka*+. Ariko uyu mugabo ntimumukorere ico kintu c’agaterasoni.» 25  Ariko abo bagabo banka kumwumviriza. Wa mugabo aca afata incoreke yiwe+, ayisohora hanze iyo bari. Uwo mugore bamufata ku nguvu, bamara ijoro ryose bamwonona gushika mu gitondo, baca bamurungika mu mutwenzi. 26  Hakiri kare mu gitondo, wa mugore araza agwa imbere y’umuryango w’inzu ya wa mutama, aho umugabo wiwe* yari. Aguma arambaraye ng’aho gushika bukeye. 27  Umugabo wiwe* avyutse mu gitondo akugurura imiryango y’inzu kugira abandanye urugendo, abona ya ncoreke yiwe irambaraye imbere y’umuryango, amaboko ari mu bwinjiriro. 28  Amubwira ati: «Haguruka tugende.» Mugabo ntiyamwishura. Nya mugabo aca amushira ku ndogobwa, afata akayira aja iwe. 29  Ageze iwe atora ikibugita, atemagura ya ncoreke yiwe ingingo ku yindi, ayicamwo ibihimba 12. Mu karere kamwekamwe kose ka Isirayeli, arungikayo igihimba kimwe. 30  Uwubibonye wese yaca avuga ati: «Ikintu nk’iki nticari bwigere kibaho canke kiboneka kuva Abisirayeli bavuye mu gihugu ca Misiri gushika n’uyu musi. Nimubirabe*, muje inama+, mutubwire ico twokora.»

Utujambo tw'epfo

Canke «ufate umutima.»
Canke «umutima wawe umererwe neza.»
Canke «ufate umutima.»
Mu giheburayo havuga ngo «kw’ihema ryawe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nkaba nkorera ku nzu ya Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «gira amahoro.»
Canke «mubafate ku nguvu, mubakorere ivyo mugomba.»
Mu giheburayo havuga ngo «shebuja.»
Mu giheburayo havuga ngo «shebuja.»
Canke «nimubishireko umutima.»